Accueil > Amagara y’abantu > Urucanco rwa Malaria ruri hafi yo gushirwa kw’isoko
Urucanco rwa Malaria ruri hafi yo gushirwa kw’isoko
mercredi 9 Gitugutu 2013
Umurwi w’amahinguriro akora imiti n’ubushakashatsi GlaxoSmithKline(GSK) yo mu Bwongereza ugiye gusaba uruhusha rwo gushira kw’isoko urucanco rw’indwara ya Malaria. Ibiharuro vyanyuma vy’aho bagerageza urwo rucanco vyerekana ko rwashoboye kugabanura cane gose iyo ndwara ku bana bakiri bato muri Afrika.

Umurwi w’amahinguriro y’imiti GlaxoSmihKline(GSK) wo mu Bwongereza ugiye gusaba uruhusha kugira ushire kw’isoko urucanco rw’indwara ya Malaria. Urwo rucanco bise RTS,S rwarashoboye ku gabanura indwara ya Malaria ku rugero rw’igice ibiharuro vy’imiyabaga ifatwa na Malaria. Urwo rucanco rukaba rwarashoboye kugabanya ica kane c’abana bato bafatwa na Malaria. Ivyo bitigiri bikaba vyabonetse ku kiringo c’amezi 18, aho bariko barapima ubushobozi bw’urwo rucanco.
Umurwi GSK umaze imyaka 30 ugira ubushakashatsi kuri urwo rucanco rwa Malaria ugira uti: “Dufatiye ku ivyo biharuro, GSK ugiye gusaba uruhusha mu kigo ca Buraya kiraba ivy’imiti dutangure gukoresha urwo rucanco mu mwaka 2014”.
Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu kw’isi, OMS, iryo shirahamwe rivugako mu gihe ikigo ca Buraya kijejwe ivy’imiti ryoha uruhusha GSK, OMS yipfuza ko urwo rucanco rwotangura gukoreshwa mu mwaka 2015.
Indwara ya Malaria iterwa n’umubu ihitana abantu ibihumbi amajana ku mwaka. Ikaba irwiriye mu bice vy’isi birimwo amazi menshi ajaga kandi hashushe. Ahambere irwiriye cane akaba ari mu bihugu bikenye vya Afrika yo munsi ya Sahara. Abashakashatsi bakaba bemezako mu gihe urwo rucanco rwokwemererwa gukoreshwa bishoboka ko iyo ndwara ituzwa biboneka.
INGABIRE Luc-Noel