IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Zimwe mu nyishu ku bafise ingorane zo kunuka kubera ivyuya

Zimwe mu nyishu ku bafise ingorane zo kunuka kubera ivyuya

mercredi 25 Ruheshi 2014

Kubira ivyuya ni bimwe mu bishobora kubuza umuntu amahoro, mu kibano iwe no kwumva adatekaniwe muvyo ariko arakora. Iyo afise ingorane zo kubira cane ivyuya mu kwaha, usanga afise akandi kamoto bita « igikakwe », hakaba hari abantu bamwe bamwe badashobora kwivyihanganira.

Naho kubira icuya ari ikimenyetso cerekana ko umuntu afise amagara meza, hari abafise ingorane zo kunuka kubera ico cuya. Zimwe mu nyishu zatanzwe n’abaganga, kuri abo bafise ingorane zo kunuka kubera ivyuya harimwo :

1. Kugirira isuku umubiri kenshi ku munsi, kwihanagura neza inyuma yo kwoga n’isabuni.

2. Abakenyezi bagasabwa kwama bimwa neza kandi kenshi gashoboka.

3. Kwirinda kwambara impuzu zinyerera kandi zifata umubiri

4. Kugerageza kugabanya kugira ubwoba iyo habaye nk’ikintu umuntu atari yiteze

5. Guhekenya ibazoka, iyo ubwoba bw’ikintu buje. Bikavurwa ko ibazoka igabanya "hormone" itera kugira ubwoba (stress).

6. Kubakunda kunywa inzoga, ikawa, ibinyobwa bishushe no gufungura ipiripiri, bisabwe kubigabanya

7. Kwisiga utuntu tumotesha mu kwaha ku mugoroba

8. Mu guhitamwo impuzu naho zo kwambara, iziri mu bwoko bw’ipampa (Coton) na lin, nizo zihanuwe kurusha ubundi bwoko bw’impuzu (Matières synthétiques).

9. Mu kwinonora imitsi naho, bisabwe kwinanata mu kugira imyimenyerezo kugira icuya cose gisohoke.

10. Kubabira ivyuya mu mano, basabwe kuza barahindura ibirato n’amashesheti bambara ku munsi, na cane cane igihe hashushe.


Mariella Bukuru

Messages

  • Abagwaye igikakwe aho nta muti numwe urimwo ushaobora kubavura. Kwoga keshi nta na kimwe bihindura mbere hariho aho vyunyura. Hariho aho usanga baniyaga bakikwasha. Iyo ngwara yagufashe hari aho wewe itanamenya ko unuka ariko abandi bakabikubwira, canke abo muri famille yawe ntubanukire ariko abandi ukabanukira. Keshi usanga umuntu biterwa nutu koko bita fungus. Utwo dukoko rero dukunda ahantu hama hakanye cane. Mu kwaha, mu bihimab vyirondoka, mu murandannyo, mu mano hamwe no mu kanwa,abakenyezi musi y’amabere. Imiti ibivura ni myishi mugabo impanuro yambere umuntu yobaha ni kugumiza aho hantu atagatuguta na gatoya kajayo nkindwi yose Humye. iyindi mpanuro hariho ivyo kurya bituma umuntu anuka canke bikunyura. Akarorero ni ibitunguru ivyo vyovyo unuka nuguheba. Ikindi ni ifi nazo nyeneziratuma unuka. Hama ukagerageza kunywa amazi meshi cane. Imiti bakunda gukoresha kandi yakijije beshi murantunga iri mu congereza hari milk of magnesia, Apple cider vinaiger( ni ubwoko bwa vinaigre ) kandi na vinaigre blanc nayo nyene hari abo yakoreye, Hibiclens, whitch Hazel. Ntihagire umuganga azobarira amahera iyo ngwara ntayo bashoboye kuvura Uyigwaye nukwimenya akaza arabaza guko no mu kirundi barazivura ndazi abari barwaye bakize. hari nuwundi muti witwa Hydrogene Peroxyde nawo nye ne wavuye beshi guko utuma aho hantu haza O2 guko irimwo Oxygene nyishi( Aerobic) turyadukoko natwo tuba ahatagira Oxygen ( milieu anaerobique) Iyo miti ntikeneye prescription medical. Iyo miti rero urashobora gukoresha umwe ukanka woca ukoresha uwundi guko izo ngwara ziterwa nibitandukanye.
    Amata nayo nyene kubera ufise alergie ya lactose aratuma unuka. Hama constipation nayo iratuma umuntu anuka umwanda mukuru canke akanuka imisuzi kubera ko bimara igihe kininiya munda vyaboreyeyo. Akawa nako nyene karatuma unuka hamwe nitabi Ikindi nobabwira iyo ngwaraigwayeabantu beshi kwisi. Iyindi miti nibagiye ni vitamin 12 ufatanije na acid folique. uwundi muti ni acidophilus, ni probiotique. iyo niyo miti beshi bakoresha

  • Shaka Kubaza Mbugihe Ubira Icuya Mukirenge Naho Biva Kuki?Kandi No Mukiganza No Mukwaha.Mugihe Uhaye Utambura.Kd Uhejeje Kwoga.Je Vrt Ndafita Iyongorane.Mukirundi Bavugako Ari "Ibikoré"!Kenshi Ngo Nimiti Uba Warariye Mu Muhana.Mugihe Iba Yagenewe Uwundi!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.