Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu bwankiye kwemerera umugambwe mushasha «FNL AMIZERO Y’ABARUNDI »umushingamateka Agathon RWASA yari yarasavye ko wokwemerwa.
Accueil > Poritike > Imigambwe
Imigambwe
-
Umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wankiwe kwemerwa mu gihugu
9 November 2018, by vianney -
Evariste NDAYISHIMIYE :« Ukugwanya kudahana niwo muti wonyene ubereye ibihugu vyose vyo kwisi.»
21 October 2018, by vianneyUmugambwe CNDD FDD umenyeshako kugwanya kudahana niwo muti ubereye ibihugu vyose vyo kwisi bikwiye ko amakungu afata mu mugongo Reta y’Uburundi muri uwo mugambi wo gukurikirana abantu bose bagirizwa n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi, kugirango bakubitwe intahe mu gahanga.
-
Umugambwe CNDD FDD uvuga ko kwibuka imyaka 57 Rudoviko RWAGASORE agandaguwe ari igihe c’umubabaro
15 October 2018, by vianneyUmugambwe CNDD FDD umenyeshako umunsi wo kwibuka imyaka 57 irarangiye Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaharaniye incungu yo kwikukira kw’Uburundi agandaguwe n’ igihe c’umubabaro, kikaba n’igihe co kwisuzuma, mu ntumbero yo kurushirizaho gukora mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira kw’Uburundi.
-
Umugambwe APDR uvuga ko ushima ubutwari bw’umuganwa Rudoviko RWAGASORE
12 October 2018, by vianneyUmugambwe APDR umenyeshako ukenguruka ubutwari bwaranze umuganwa Rudoviko RWAGASORE kuko muvyo yaharanira ata kindi yarota ataruko igihugu c’Uburundi co kwikukira.
-
FNL usaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kutemerera umugambwe mushasha wa Agathon RWASA
24 September 2018, by vianneyUmukuru w’umugambwe FNL Jacques BIGIRIMANA asaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kutemerera umugambwe mushasha uheruka gusabwa na Agathon RWASA kuko izina yakoresheje hamwe n’ibimenyetso arivy’umugambwe wabo.
-
Umugambwe UPD washikirije aho uhagaze ku bijanye n’abarundi birukanwa mu Rwanda
31 July 2018, by vianneyUmugambwe UPD ZIGAMIBANGA umenyeshako ubabajwe n’abarundi bamaze imisi birukanwa mu gihugu c’Urwanda hadakwirikijwe amategeko.
-
Uwahora ari umukuru wa Sahwanya FRODEBU yagenywe kuwuserukira i Buraya
16 July 2018, by vianneyFrédéric BAMVUGINYUMVIRA yahora arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yagenywe n’umukuru w’uyo mugambwe kugira awuserukira k’umugabane wa Buraya mu mazinga ya Caraibe hamwe no mu mazinga ya Pacifique.
-
Umugambwe Sahwanya FRODEBU waronse abarongozi bashasha
9 July 2018, by vianneyPierre Claver NAHIMANA niwe yatowe ngo abe umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU mu matora yatunganijwe kuruyu w’Imana igenekerezo rya 8 Mukakaro 2018.
-
Leonce NGENDAKUMANA: “Ntibituraba muri FRODEBU kuko ataco bihindura k’ubuzima bw’abanyagihugu.”
7 June 2018, by Jean De DieuBamwe mu banyamigambwe basaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ryoca rishirwa mu ngiro vuba kugira ibiririmwo bije mu ngiro,abandi nabo bavuga ko ivyokorwa vyose kuriryo bwirizwa nshingiro ata bihinduka kuko ataco rifasha ku buzima bw’abanyagihugu
-
Umugambwe RANAC uvuga ko amatora y’ibwirizwa nshingiro yaranzwe n’utunenge
22 May 2018, by Jean De DieuUmugambwe RANAC (Rassemblement National pour le changement) umenyeshako amatora y’ibwirizwa nshingiro aheruka ata baye mu muco no mu bwigenge kuko yaranzwe n’utunenge turari duke nko kudashira ahabona ingene amajwi yagiye araharurwa,abacungera amatora bigenga batibonekeje hamwe n’abarorerezi b’imigambwe itarishigikiye ihinyanyurwa ry ‘ibwirizwa nshingiro bakubaguwe.