IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD FDD uvuga ko kwibuka imyaka 57 Rudoviko RWAGASORE agandaguwe (...)

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko kwibuka imyaka 57 Rudoviko RWAGASORE agandaguwe ari igihe c’umubabaro

Monday 15 October 2018, by vianney

Mu kiganiro icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Joseph NTAKARUTIMANA yahaye abamenyeshamakuru kubijanye n’imyaka 57 iheze umuganwa Rudoviko RWAGASORE agandaguwe yamenyesheje ko
ata kindi yazize atari umutima wo gukunda igihugu camwibarutse abansi bamugandaguye ata kindi bashaka atari ukugupfukama munda igihugu c’Uburundi.

Joseph NTAKARUTIMANA yavuze ko umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kuzokwama na ntaryo ushigikiye amategeko mpuzamakungu y’amahoro, intwaro rusangi, umutekano hamwe n’iragi ry’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi.

Joseph NTAKARUTIMANA yarangije ahamagarira abarundi kugendera iragi ryarazwe n’incungu y ‘ukwikukira kw’igihugu cacu mu kurwanya abansi, mu kurwanya akarenganyo, kwirinda amacakubiri yariyo yose, kurwanya ba kaboko hamwe no kugwanya ayandi mabi atuntuza akongera akazingamika abanyagihugu.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.