IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Poritike > Imigambwe > Umugambwe UPD washikirije aho uhagaze ku bijanye n’abarundi birukanwa mu (...)

Umugambwe UPD washikirije aho uhagaze ku bijanye n’abarundi birukanwa mu Rwanda

Tuesday 31 July 2018, by vianney

Mu rwandiko umukuru w’umugambwe wa UPD ZIGAMIBANGA yashize ahabona kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Mukakaro 2018, Abdoul KASSIM amenyeshako iryo yirukanwa ryabo barundi mu gihugu c’Urwanda rikorwa habaye amategeko ahonyanzwe bimwe bikabije.

Abdoul KASSIM asaba igihugu c’Urwanda guhagarika burundu ico gikorwa kuko kitubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Uyo mukuru wa UPD ZIGAMIBANGA asaba Reta y’Uburundi guhagurukira mu maguru masha ico kibazo kugira gitorerwe inyishu mu guca mu nzira ijanye no kwisunga amategeko ajanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu hamwe no gufata ingingo zibereye kugira abo barundi basubizwe mu vyabo mu gateka kabo.

Mururwo rwandiko,Abdoul KASSIM aheraheza asaba ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR gufasha kugira abarundi bashaka gutahuka mu gihugu batahe batekanye kandi batunganiwe.


IGIHE

Forum posts

  • Mbe? Yoba Vyakunda Nobajije Reta Yakagame Karungika Impunzi Zitozito Ntarungike Niyombare Na Rajabu??Nikuk?

  • Hhhhh,,,, akumiro nitushe!!!!!,,arko abarundi mwaranyobeye ,,,,nonese bazacumbikira NGO ninyeshyamba zishaka kudutera,,,nibabasubiza iwanyu ngo nuguhonyora uburenganzira bwa muntu,,none murashaka ko bakora iki cg hakorwa iki,????????

  • ibyo uvuga ntabyo uzi?! uzabanze ushake umwe muri bariya birukanwe akubwire niba yari ari mu Rwanda byubahirije amategeko??!! mu Rwanda hari abarundi benshi bahatuye byemewe na amategeko kandi ntawe ubakoraho. ko utavugije induru ubwo abanyarwanda birukanwaga I bujumbura ngo ni ba maneko,!?! ntibakoraga ubucuruzi??! batahanye iki se???? ko mwacecetse mukaba muvuza induru ku bapagasi batagiraga na akarangamuntu.

  • Abanyarwanda Ntanuko Mwiyubaha Nagato. Mwebwe Muvuga Ngo Uburundi Nibwo Bwateye Urwanda Kandi Uwitwa Sankara Umusoda Winyeshamba Murwanda Yavuze Ako Ariwe Yagavye Ibitero Hanyuma Mutanguye Guta Ishavu Kubarundi Babayo Iyo.Ntabwo Arivyiza.Rero Ngo Kagome Nako Kagame Ngo Ni Umukuru Wa AU Akora Ivyo? Turamwamaganye Akore Bugabo Ntakore Bugome.

  • Shakemwitonde kuburundinabarundi kukomwananiwekuduteranyango dusubiranemwonkukomujamubigenzamurwanda.nimubafateneza kukobafise iyobava ntibamezenkazandayazamushikiwa paul nazamwenewabo babajura bariza kpl na nairobi babuze icobaryabakangazwa napolitike ipfuyeyakagame aryoherwa arukoyishe canke akanezerwanintambara.uburundi sukotumeze,dufatanyemunda uwushaka kuduteranyana politikezivanguramoko zaba roturier(t) naba noble(u) tuzobivuna.abanyarwanda turabiyamye.

  • None kurwanda rutarirwarabirukanye Maj SANKARA ataratangura kugaba ibitero vyintambara kurwanda? Mbere yinitero vyuwomu Major Sankara baribafise ivyangombwa none ubuvyatakaye?

  • ESEKO YIRUKANAABARUNDIBAGIYEKWIRONDERERAUBUZIMA NTIYIRUKANE IMPUNZI CANKENGOYIRUKANE BANIYOMBARE,NABANDI?.YASHATSENGO,BAMUFASHEURUGAMBA?ARAGOWENASABEIMBABAZI SANKARA NAYUBUNDIAGASHITSIKIMBWAKAHIYE.

  • nashake abirukane mwizo nkotanyi bariko bazishaka kwiki muburundi haramahoro kurusha ayarahari kuntwaro zabatutsi

  • baza gupagasa kubera inzara nubukene, bakaza ntabyangombwa wajya kumva ngo babirukaniye basize imitungo yabo!!! umupagasi utagira ibyangombwa agira mitungo ki mu Rwanda ni bagume iwabo bapagase aho mureke induru u Rwanda cyangwa mwerekane, uwirukanwe afite ibyangmbwa aliko mwarenzwe numunwa*

  • Muti babirukanye bidakurikije amategeko? Ahubwo ngira nimwe mutayazi. Umunyamahanga yemerewe kuba mumahanga afise visa, canke ari impunzi. Impunzi nazo zirafise amakambi yazo yategekanijwe. None abo barundi, ni irihe tegeko rabarengera? Ni impunzi? Canke bari bafise vsa ibemerera kuhaba?

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.