IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Aba Scout bo kw’isi yose bibuka ivuka rya Baden-Powell

Aba Scout bo kw’isi yose bibuka ivuka rya Baden-Powell

mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Igenekerezo rya 22 Ruhuhuma uko umwaka utashe, abo mu muhari w’aba Scout kw’isi baribuka ivuka rya Smith Stephenson Robert Baden Powell azwi cane kw’izina rya Baden Powell, yatanguje umuhari w’aba Scout n’aba guide.

Lt. Gen. Baden Powell yavutse kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 1857 ahitwa Paddington mu gisagara ca Londres mu Bwongereza. Yabaye umusirikare mu ngabo z’ico gihugu kuva mu 1876–1910, akaba yakunda gukorera ubutumwa bwiwe bwa gisirikare mu Buhinde no muri Afrika.

Uretse kuba yari umusirikare, Baden Powell yari n’umwanditsi w’ibitabo bitandukanye bijanye n’uburyo urwaruka rwoharanira amahoro. Yagiye kandi avuga amajambo akomeye ahimiriza abantu gukora ibikorwa vy’urukundo hamwe no guharanira impinduka nziza.

Hari aho yagize ati : “Burya mu buzima, ikintu ca mbere c’agaciro ni ukugeza bagenzi bawe ku munezero canke gushimisha bagenzi bawe.”

Baden Powell yarongeye ahimiriza abantu gusiga isi ari nziza kurusha uko bayisanze, kugira igihe bazopfa bazishimire ko batigeze batakaza igihe cabo, ahubwo ko bakoze ivyo bashoboye vyose.

Mw’ikete ryiwe rya nyuma yandikiye Abasukuti (Scout), Baden Powell hari aho yagize ati: “Nagize ubuzima bw’umunezero mwinshi kw’isi, kandi ndipfuriza umwe wese muri mwebwe ko vyomugendera gutyo. Nemera ko Imana yadushize muri iyi si nziza ngo tunezerwe kandi tunezerererwe ubuzima. Umunezero ntuva ku butunzi, guhirwa muvyo ukora canke mu kunyurwa. Intambwe imwe ishikana ku munezero, ni ukuba muzima kandi ufise inguvu."

Baden Powell Yitavye Imana kuwa 8 Nzero 1941 ku myaka 83, aguye i Nyeri muri Kenya, ari naho yashinguwe. Imva yiwe yashizwe mu bibanza bikomeye bigenderwa n’ingenzi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.