Ginette KARIREKINYANA arahamagarira abarundi gufungura imfungurwa zidahinguwe

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 11 décembre 2017 saa 11:34
7365
0 0

Mu giteramo citiriwe amagara « soirée santé » categuwe n’ikigo « karire products » kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017 kuri ZION Beach, hatewe akamo ko gukoresha ibintu kama nk’infungurwa zidahinguwe,ibinyobwa, imiti, n’ibindi…

Ginette KARIREKINYANA arongoye ikigo « Karire Products » avuga ko amagara ari ingabire buri muntu akwiye kubungabunga ukwo ashoboye , akababazwa n’ingene abarundi bakunda gufungura imfungugwa, kunywa ibinyobwa, imiti, kwisiga amavuta , n’ibindi vyinshi bihinguwe bigatera ingaruka mbi kumagara yabo.

Ginette atera akamo avuga ati : « Turakwiye kwitaho ivyo dusanzwe dufise bidaciye mu mahinguriro.Uburundi bukikujwe n’ibiterwa ngirakamaro haba mu mfungurwa, mu kuvura, n’ibindi bitari bike. »

Fançine IHORIHOZE asanzwe akoresha amavuta yo kwisiga akorerwa muri « Karire Products » avuga ko amaze kubona inyungu nyinshi kuva aho atanguriye gukoresha amavuta yo kwa Karire.

Avuga ati :« Jewe nahora mfise ingorane zo ku mubiri zivuye ku mavuta nahora nisiga.Kuva aho ntanguriye gukoresha amavuta yo muri « Karire produt » ntakibazo na kimwe ndasubira kugira. »

Muganga Jean Bosco MANIRAMBONA,umushakashatsi mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, ashikiriza ko ibiterwa kama bivamwo imiti ivura neza abantu bagira ingorane zitandukanye ku magara, na cane cane ingorane zo mu bihimba vy’irondoka.

JPEG - 144.8 ko
Ginette KARIREKINYANA, Umuyobozi wa Karire Products ihingura ibitandukanye mu biterwa kama

« Karire products » ikora amavuta yo kwisiga,igakora ibinyobwa, imiti yo kurwanya marariya ivuye mu bitegwa kama, bakagira n’inzu y’uburiro bw’imfungurwa kama.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha