IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Indirimbo z’abaririmvyi ba Ikoh zose zirakingiwe

Indirimbo z’abaririmvyi ba Ikoh zose zirakingiwe

jeudi 21 décembre 2017

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru batandukanye, umuyobozi wa Ikoh ahagatiwe na Richard Batungwanayo, yaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama, Lyduine Nintunze yaserukiye ikigo OBDA, hamwe n’abaririmvyi Double Jay na Franck Duniano, yashikirije aho ibikorwa bigeze.

Haruna avuga ko umugambi "U’ll Love Changes" ubu ugeze ku ncuro ya kabiri umaze kuzana impinduka zitari nke mu gisata c’umuziki mu Burundi. Aha arishimira cane akarorero gatangwa n’abaririmvyi ba mbere bakoranye mu gice ca mbere c’umugambi, aho baguma berekana akarorero mu gukora ibishimwa kandi bikanabatunga.

Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Richard BATUNGWANAYO avuga ko ubushikiranganji yaserukiye bushima cane ko Ikoh yubahiriza cane amasezerano yiyemeje kugirako mu bikorwa vyayo. Richard yemeza kandi ko ubushikiranginji buzokwama bufasha igihe cose Ikoh izobwitura.

Eka no mu kigo OBDA caserukiwe na Lyduine NINTUNZE , bamenyesheje ko Ikoh iri mu bigo bike bimaze gutahura akamaro ka OBDA. Uwo nyene yamesheje ko n’abandi bokwitaho gukingira ibikorwa mvabwenge vyabo. Ati :" uwutazoza gukingiza ibikorwa vyiwe twebwe ntituzOmurondera, kandi ntazoze kutwitura mu gihe hoba ikibazo."

JPEG - 104.7 ko
Umuyobozi wa IKOH mu kiganiro n’abamenyeshamakuru

Biboneka ko Ikoh iriko itera intambwe ikomeye mu gutegura no gushira mu ngiro ibiteramo aho ibikorwa vyayo vyitabwa cane n’abamenyeshamakuru hamwe n’abaserukira ibisata bimwe bimwe vya Reta.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.