IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > ’’Ntituje turi agakura, tuje gufashanya guterana intege’’

’’Ntituje turi agakura, tuje gufashanya guterana intege’’

vendredi 15 juin 2018

Mu kiganiro abayozoi b’uwo murwi bahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, bamenyesheje ko uwo murwi uje kwereka abaririmba indirimbo zo guhayagiza Imana, ko nabo bashobora kubaho babeshejweho n’umuziki, ariko kandi kugira bavugane n’abandi kugira bamenye aho bitashobotse n’igituma.

Michel VYUNAME arongoye umurwi NARAV BAND , avuga kandi ko umurwi NARAV BAND uje gushigikira abafise ingabire yo kuririmba indirimbo zihayagiza Imana, kandi babavyure kuko benshi basa naho bacitse intege.

Umukuru w’umurwi NARAV BAND avuga ariko ko, uwo murwi arongoye utaje ari agakura, ahubwo baje bashikira aho abandi bagejeje, mu gikorwa co guteza imbere umuziki w’indirimbo zo guhayagiza Imana.

Mu migambi y’umurwi NARAV BAND, Michel VYUNAME avuga ko, harimwo gutunganya amahiganwa y’abaririmba indirimbo zihayagiza Imana, uwubaye uwa mbere bakamukurikirana, harimwo kandi gutanguza ishure ryigisha umuziki.

Umurwi NARAV BAND umaze hafi umwaka utanguye gukora, ukaba uhurikiyemwo abaririmvyi bava mu mashengero atandukanye.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • NDI UMURIRIMYI ROMAKE MVA MUNTARA YA MUYINGA MURI KOMINE BUTIHINDA UMUSOZI MUGONGO, ARIKO UBU MBA IKAMARAMAGAMBO NDAFISE IMPANO YO KURIRIMBA MBERE NO MUCONGEREZA NOGERAGEZA NDAZI GUFONDA INDIRIMBO ARIKO NKABURA UBURYO,MUBONA MWOMFASHA IKI KO MFISE INDIRIMBO UMUNANI,IZIBONA ZITANDATU N’IZITABONA ZIBIRI,ARIKO MUNYUMA KUBERA IYO MPANO NAJE KWIRUKANWA MURUSENGERO,IMANA IBAHEZAGIRE MW’IZINA RYA YESU,KUBAFISE ICO BOTERERA KUGIRA MBANDANYE BOBA BAGIZE NEZA NDABIBUTSEKO N’AMASIDI NTARAYADANDAZA,UWOBA YIFUZA KUNDANGURA YOZA TUKAVUGANA HANYUMA NKABANDANYA UMURIMO WA CHRISTO,MAY JESUS BLESS YOU !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.