Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Miss Ange Bernice INGABIRE yasohoye ururirimbo rwo gushigikira abagendana (...)
Miss Ange Bernice INGABIRE yasohoye ururirimbo rwo gushigikira abagendana ubumuga
lundi 11 décembre 2017
Miss Ange Bernice amenyesha ko abagendana ubumuga batitaweho cane, badahabwa ikibanza gikwiye, ari naco catumye afata ingingo yo gukora urwo ruririmbo, mu ntumbero yo gushikana kure ingorane z’abagendana ubumuga.
Avuga ati « Igenekerezo rya 3 kigarama, twama duhimbaza umunsi wahariwe abagendana ubumuga, ariko nta bikogwa bigaragara bikorerwa abo bagendana ubumuga. Ntibitaweho nk’uko vyategerezwa. Nifuza ko ururirimbo Tubashigikire rwoshika kure.Nshaka kwerekana ko abagendana ubumuga nabo bashoboye, bakwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu gihugu. »
Miss Ange Bernice akaba yifadikanije n’abaririmvyi rurangiranwa basanzwe bakunzwe cane nka Sat-b, Vichou Peace and Love, Vestine aheruka gutwara Isanganiro Award, Lina Blanche, Double Jay, Bashir Dia, Prince Mshindi, Big Zoé na Choral Saint Ignace de Loyola.
Urwo ruririmbo rukaba rukozwe mu ntumbero yo kubandanya umugambi Miss Ange Bernice yari yatorewe muri 2016, wo gufata mu mugongo abagendana ubumuga.
Pacifique BUKURU