Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Abanywanyi ba Lumitel barashima uturusho tw’ikarata SIM ya 4G
Abanywanyi ba Lumitel barashima uturusho tw’ikarata SIM ya 4G
jeudi 16 Ruhuhuma 2017, par
Mu ntumbero y’ukunezereza hamwe n’ukwongerereza ubumenyi abanywanyi bayo, Lumitel Burundi yatunganije igikorwa c’ugusanga abanywanyi bayo aho baba bari, kugira babasigurire akamaro k’ikarata SIM 4G, ata handi iboneka atari muri Lumitel.
Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako ryatunganije isekeza ry’iminsi itandatu mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, aho naho akaba ari : hagati mu gisagara ca Bujumbura, muma karitiye ya Kamenge, Buyenzi, Kanyosha, kw’isoko kwa Siyoni, hamwe no mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi. Iryo sekeza ry’ugukwiragiza mu banywanyi ubumenyi ku kamaro k’ikarata sim 4G ryatanguye kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2017, hagati mu gisagara ca Bujumbura hafi y’inzu y’ubudandaji ya Lumitel, rikaba ryasozererewe muri Kaminuza y’Uburundi, mu kigo co ku Mutanga, kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2016.

Umwe mu bateguye ico gikorwa yarasiguye igituma bahisemwo ico kigo ca Kaminuza y’Uburundi : "4G iranyaruka cane ku banyeshure bayikoresha bariko bakora ubushakashatsi butandukanye. Ni umuhora ukundwa n’urwaruka muri rusangi, hamwe n’abanyeshure cane cane."
Abantu isinzi bari bitavye ivyo bikorwa, imvyino, intango zigezweho, udukino hamwe n’ukubaza ibibazo vyatuma ababitoye bahabwa agashimwe, ivyo nivyo vyaranze ivyo bikorwa.

"Barakurikiranye ivyo bigishijwe, abanywanyi bacu barize vyinshi ku kamaro k’ikarata SIM 4G", uko niko vyashikirijwe n’umwe mu bakozi ba Lumitel bateguye ico gikorwa, aho yasiguye ati : "4G iranyaruka cane, incuro cumi kurusha 3G, umunywayi ayikoresha akaronka WhatsApp na Facebook ku buntu, ariko abanje gushiramwo ama inite y’amafaranga igihumbi. Ikarata SIM 4G ni akarusho n’iterambere ridasanzwe ryazanwe na Lumitel Burundi.
Inyuma y’ukwishura ku bibazo babajijwe ku kamaro k’ikarata SIM 4G, abanywanyi ba Lumitel barahawe udushimwe, bakavuga ko bahimbawe n’ico gikorwa c’ukubongerereza ubumenyi.

Kugira umunywanyi amenye ko ashobora gukoresha umuhora wa 4G, asabwa kuba afise iyo karata simu, hamwe na terefone ngendanwa ishobora kwakira 4G (Smartphone L9501, Routeur 4G LR402), izo nazo zikaba ziboneka mu bubiko bwa Lumitel buri mu ntara zitandatu zikoreshwamwo uwo muhora wa 4G. Izo nazo ni Bujumbura, Gitega, Ngozi, Muyinga, Rumonge, hamwe na Makamba.

Twobamenyesha ko ikarata sim ya 4G itangwa ku buntu mu mazu y’ubudandaji ya Lumitel.
IGIHE
Messages
19 Ruhuhuma 2017, 22:15, par Egide NGOMIRAGANJE
Uwo Muhora Wa 4G Kuberiki Utarashika Hose None hoho Nkino Iwac Mu RUYIGI Izohashika? Emwe Uwo Muhora Nimwiza Pe! Tubasaba Ko Yoshika Hose.
19 Ruhuhuma 2017, 22:16, par Egide NGOMIRAGANJE
Uwo Muhora Wa 4G Kuberiki Utarashika Hose None hoho Nkino Iwac Mu RUYIGI Izohashika? Emwe Uwo Muhora Nimwiza Pe! Tubasaba Ko Yoshika Hose.
12 Ntwarante 2017, 06:25, par Uwagakiza desir
Tere fone ya smart yanyuma igugwa ingahe.com
14 Ntwarante 2017, 11:49, par karabagega zoberi
lumitel abanwanyi tuyisabako yoduha sms cumi nazitanu kwijana nko muri leo ivyobizotuma abanwanyi biyongera muri leo
6 Myandagaro 2017, 18:44, par BHAHOZAKO SAMWEL W ITANZANIA
LUMITEL YANJE 6101 KO ATAMAREZO YAJAMWO KAND IYAHOLIKORA?