Banwanyi ba Lumitel, menya vyinshi muciye mu gisata gishasha ca "Sms info". Ico naco akaba ari igisata ca Lumitel gifasha abanywanyi b’iryo shirahamwe kuronka amakuru agezweho y’ibijanye n’umupira w’amaguru, udukuru dutwenza, amakuru avurwa mu gihugu canke mu makungu ndetse n’ibijanye n’amagara y’abantu.
Mwipfuza gukoresha ico gisata, umunywanyi wa Lumitel asabwa kwandika ubutumwa bugufi burimwo igisata c’amakuru yipfuza kuronka akarungika kuri *880#.
Akarorero :
Mwipfuza amakuru ajanye n’umupira w’amaguru : Rungika’’Football’’ kuri 880
Mwipfuza kuronka amakuru avurwa mu gihugu canke mu makungu : Rungika "News" kuri 880
Mwipfuza kuronka udukuru dutwenza : Rungika ’’Joke’’ kuri 880
Mwipfuza kuronka amakuru y’ibijanye n’amagara y’abantu : Rungika ’’Santé’’ kuri 880
Ico gisata ca "Sms Info" kikaba kirihishwa amafaranga 50Fbu ku munsi, kandi amakuru agashikira umunywanyi inyuma y’isaha z’ibiri zo mu gitondo (8H).
Mushobora kandi kubandanya muronka amakuru mwipfuza igihe cose mu gasandugu kanyu.
Mufise ico mubaza, hamagara ku buntu ku nomero 100.
