Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Oroherwa mu kuriha amakori n’amatagisi ukoresheje "Riha Mairie na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Oroherwa mu kuriha amakori n’amatagisi ukoresheje "Riha Mairie na (...)

Oroherwa mu kuriha amakori n’amatagisi ukoresheje "Riha Mairie na Lumicash"

Tuesday 17 October 2017, by Jean De Dieu

Iminsi mike niyo iheze Ishirahamwe Lumitel rikoreye hamwe na Mairie ya Bujumbura, mu gushira ku mugaragaro igisata gishasha bitiriye ’’Riha Mairie na Lumicash’’ kije kworohereza abanwanyi ba Lumitel mu kuriha amakori, amatagisi n’izindi mpapuro muri Mairie ya Bujumbura.

Ico gisata ca ’’Riha Mairie na Lumicash’’ gikoresha n’umuntu wese asanzwe akoresha uwo muhora wa Lumitel. Mu gukoresha ico gisata bigusaba kwugurura ikonte yanyu ya Lumicash, mu gufyonda *163# mu gakurikiza ivyo musabwe.

Inyuma yo kwiyandikisha ngo utangure gukoresha igisata ca Lumicash, bica bisabwa ko mushira amafaranga muri konte yanyu, ayo nayo mukayakoresha iyo mwipfuza kuriha amakori, amatagisi canke izindi mpapuro mwipfuza.

Mucishije muri ico gisata ca’’Riha Mairie na Lumicash’’ mushobora kuriha :

1. Impapuro zitandukanye nka:

-  Ama atesitasiyo (attestation de Naissance, de Résidence n’ayandi…)
-  Acte d’Etat Civil (Extrait d’acte de naissance, de mariage…)
-  Droit (Mutation immobilière, etc…)
-  Formulaire (Pension pour survivant)
-  Izindi

2. Transport :

-  Carte de propriété
-  Stationnement
-  Taxe municipale

3. Ibidandazwa :

-  Bariyeri
-  Kariyeri
-  Uruzi

4. Amasoko

5. Tagisi
6. Ayandi matagisi
7. Ikori ry’agataka
8. Ayandi makori

Oroherwa rero mu kuriha amakori n’amatagisi, ndetse n’izindi mpapuro za Mairie mubicishije muri ngendanwa yanyu. Ntimusubire guta umwanya munini mutonda imirongo mu kuja kuriha kuko ubu mukoresheje ngendanwa zanyu biranyaruka kandi biroroshe.

Mwomenya kandi ko umunywanyi wa Lumitel ashobora kuriha amakori n’amatagisi ya OBR abicishije mu gisata ca ’’Riha OBR na Lumicash’’.

Mufise ico mubaza hamagara kuri 100


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.