Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Haruna : "Ibibazo vyose vyo muri Ikoh bigiye gutangirwa inyishu"
Haruna : "Ibibazo vyose vyo muri Ikoh bigiye gutangirwa inyishu"
vendredi 10 novembre 2017
Ibikorwa bitari bike muri Ikoh vyarabangiriweko. Amakuru atangwa na Haruna Ikoriciza avuga ko ihagarikwa ry’ibikorwa bimwe bimwe atari ubwa mbere bibaye. Uwo muyobozi wa Ikoh Multiservice amenyeshako bafise igihe co gukora hama bagafata akanya bakirimbura, bakanategura uko bagiye kurangiza igikorwa batanguye ivyo bita (retraite).
Haruna avuga kandi ko ibikorwa bibayabaye bikorwa kuko wewe asanzwe ari no mu murwi uriko utegura ihiganwa ry’Isanganiro Awards. Tugireko tunabamenyesha ko iryo higanwa rizoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Munyonyo kuri Lacoste Beach.
Naho bir’ukwo, kuva muri Ikoh batanguje umugambi " U’ll Love Changes Vol2 mu ntango z’uno mwaka, ntihabuze ibitagenze neza. Aha turavuga nk’ikibazo cabaye hagati ya Ikoh n’insamirizi Buja FM, ibivugwa ko Emery Sun yavuye mu baririmvyi bari muri wa mugambi n’ibindi.
Kur’ivyo vyose, Haruna yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu ntango z’indwi itangura azoremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gutanga umuco ku bibazo vyose no gutanga icegeranyo c’ibimaze gukorwa mu mugambi "U’ll Love Changes Vol2" kuva mu ntango z’umwaka gushika muri Munyonyo uyu mwaka nyene.
Cherif NKESHIMANA