Idagadure kuri Facebook na terefone ya 2G ya Lumitel

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 10:09
Yasomwe : 1413
0 0

Ntutangwe n’ukuba ku gihe, wongera ukurikira amakuru y’incuti n’abagenzi bawe biciye ku rubuga rwa Facebook. Ubu nta munwanyi wa Lumitel agiye gusigara inyuma y’ibigezweho, kuko ishirahamwe ryanyu rya Lumitel ryabazaniye uburyo bushasha kandi bugezweho bwa Facebook USSD ifasha n’abafise udu telefone duto twa 2G kuja ku rubuga rwa Facebook.

Mugezweho banwanyi b’umuhora wa Lumitel, kuko ishirahamwe ryanyu ridahengesha gukora kugira rinezereze abakunzi baryo, aho ubu babazaniye uburyo bushasha bwa Facebook USSD, buha akaryo n’abanwanyi bakoresha udu telefone duto twa 2G gushobora gukoresha ubuhinga bugezweho, mu gukurikira amakuru y’incuti n’abagenzi, bari hafi canke kure biciye ku muhora wa Facebook.

Wahora wipfuza kuja ku gihe, ata makuru agusiga ? Wibwira ko bishobokera abanwanyi bafise ama telefone agezweho gusa? Vyahindutse munwanyi w’ishirahamwe Lumitel, kuko n’uwukoresha aga telephone gato ka 2G agiye gushobora kwidagadura ku rubuga rwa Facebook.

Kugira mutangure gukoresha ubwo buhinga bushasha : fyonda *325# hanyuma muhitemwo 1, umunwanyi aca aronka ubutumwa bumusaba kwemeza ko yipfuza gutangura gukoresha ico gisata.

Kugira umunwanyi aje ku rubuga rwa Facebook, afyonda *325# hanyuma agahitamwo 1. Mu nyuma araheza agashiramwo izina yipfuza gukoresha ku rubuga rwa Facebook n’akanyegezwabanga kiwe, gutyo akabona gutangura gukoresha ico gisata.

Ugukoresha ico gisata bigatwara amafaranga 30 gusa ku munsi (30Frs Bu par Jour).


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha