IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL, umwe mu bakunzi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi

LUMITEL, umwe mu bakunzi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi

samedi 16 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi arashima uko ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel ryitanze bimwe bikomeye mu guteza imbere igihugu na cane cane mu gisata c’inkino, kuko ryafashe mu mugongo ihiganwa ry’umupira w’amaguru ku rwego rw’igihugu.

Mw’higanwa ry’umupira w’amaguru ku rwego rw’igihugu ryama rimara ikiringo c’umwaka, inkino zitandukanye zirategurwa zikongera zikaba muri ico kiringo, haba ku mugwa mukuru Bujumbura hamwe no hagati mu gihugu, tudasize inyuma igikombe ca CECAFA gihuza imigwi 16 yo mu karere k’ubuseruko ka Afirika.

Ku kibuga citiriwe umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE cama cakiriye inkino nyinshi harakoranira abantu bashika ibihumbi 8, kuri ico kibuga, ishirahamwe Lumitel ryama rihasanga abakunzi b’umupira w’amaguru, rikaboneraho kumenyekanisha ibikorwa vyaryo, ku nkengera z’ikibuga naho ugasanga hasharije n’imashusho, n’ivyapa biranga Lumitel.

Mu nkino zama zihuza umugwi nserukira gihugu n’iyindi migwi nserukirabihugu, Uburundi buheruka gutana mu mitwe n’igihugu ca Sudani y’epfo. Muri urwo rukino aho Lumitel yafashije yongera irashigikira abakinyi b’igihugu c’Uburundi, umugwi w’Intamba mu Rugamba waciye utahukana intsizni y’ibitsindo 3 ku busa bwa Sudani y’epfo.

Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Sudani y’epfo yamenyesheje ko yabonye amakosa yakozwe n’abakinyi biwe, arivyo vyatumye Uburundi butahukana intsinzi.

Inyuma y’urwo rukino, Kizigenza w’umugwi wa Sudani y’epfo, Bilal Felix Kamoyangi, yamenyesheje ko bitanze hamwe na bagenzi we, ariko abakinyi b’Uburundi babarushije.

Bilal Felix Kamoyangi yavuze ati : "Abakinyi banje ntibabaye magabo mu kuraba uko abo twahangana bakina nico gituma twatsinzwe ibitsindo 3 mu minota 30 ya mbere."

Ibitsindo 2 vya mbere vyinjijwe bikwirikirana, kimwe ku munota wa 16 ikindi ku munota wa 17, igitsindo ca nyuma kiza kwinzizwa ku munota wa 30 vyose bikaba vyinjijwe mu gice ca mbere.

Olivier Niyungeko, amenyereza umugwi nserukiragihugu w’Uburundi yemeje ko intsinzi batahukanye yavuye ku myiteguro bakoze hamwe n’uburuhe abakinyi ba Sudani y’epfo bari bafise, kuko bashitse i Bujumbura hasigaye amasaha make kugira urukino rutangure.

Olivier Niyungeko batazira Mutombola yashikirije ko iyo ntsizi itanga icizere ko umugwi w’Intamba mu rugamba uzoshobora guhangana neza n’iyindi mirwi mu nkino zikurikira.

Urwo rukino rwahuje Intamba mu rugamba n’igihugu ca Sudani y’epfo rwabaye mu ntumbero y’ukurondera itike yo kuja mu gikombe ca Afirika co mu mwaka wa 2019. Uburundi n’igihugu ca Sudani y’epfo biri mu mugwi C hamwe n’ibihugu vya Gabon na Mali.


IGIHE

Messages

  • Iyi nkuru ntijanye na Titre mwaduhaye.

  • Vyukuri kotuzi neza yuko turiko turategura inkino zo mwaka 2019, aho ni mworaba tukazotumako abandi bakinyi bahora baserukira igihugu mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.

    Nimba twararose intsinzi uryamusi, ni twoca twijajara ngo bizokwama bimeze ukwo oyanamba twitahure duharire canke dutange ikigongwe kubakinyi bari barakoze amakosa kugira basubire baze guserukira igihugu cacu.

    Murakoze !!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.