Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yatanguje Lumicash
LUMITEL yatanguje Lumicash
mardi 18 Gitugutu 2016, par
Mu ntumbero y’ukubandanya izana bishasha, hamwe n’uguhimbara abanywanyi babandanya kuba benshi, LUMITEL yamenyesheje ko yatanguje ubuhinga bushasha bw’ukurungika amafaranga biciye muri Terefone ngendanwa : « LumiCash ».
LumiCash ni ubuhinga bushasha bufasha gufasha kurungikirana amafaranga amasaha 24 kuri 24, n’iminsi indwi ku ndwi. Ubwo buhinga bufasha kurungika amafaranga, kugura ama inite, hamwe n’ukuriha ivyo uguze aho ugeze hose, mu gihugu cose.

Kubera LumiCash, abanywanyi ba Lumitel bashobora :
Gushira amafaranga kuri konte ya LumiCash
Gukurako amafaranga kuri konte ya LumiCash
Kurungika amafaranga ku nomero iyariyo yose ya Lumitel
Kugura ama inite
Kuriha abadandaza


Nk’uko bama babigenza, muri LUMITEL baracari aba mbere mu bijanye n’amafaranga arihwa ku wushaka kurungika, hakaba hari n’abakozi ba Lumitel bafasha ababituye, mu gihugu cose : Umunywanyi yiyandikisha gute? Akoresha gute ubuhinga bwa LumiCash? Biroroshe, afyonda kuri *163# kuri terefone ngendanwa yiwe, aho bigasabwa ariko ko aba afise ikarata simu ya Lumitel. Umunywanyi asabwa gusa akurikiza ivyo abajijwe (izina, amatazirano, ikarata karangamuntu, pasiporo, n’ibindi). Canke akishikira ahakorera ishirahamwe LUMITEL.
Uwushaka kumenya canke ukubaza vyinshi yhamagara ku nomero 100.

IGIHE
Messages
18 Gitugutu 2016, 12:15, par AHIMBONEYE EGIDE
NTIMUBESHE NATO IRACARIYAMBERE
18 Gitugutu 2016, 14:19, par Kanyosha
Twebwe abanwanyi banyi turiko turavyungukiramwo.
18 Gitugutu 2016, 19:14, par Nestori.Niyonzima
Turasimyeuwomugambimutanguzewokurungikaniraamafarangaahubwomwarimwaratevyemurakoze
20 Gitugutu 2016, 20:16, par tuyishimir
emwe rimikashi ,uringodo yanje rimikashi ningenda nwa ahurihose
20 Gitugutu 2016, 20:58, par Nsabimbona
None,umuntu,yokuguruza,kont,atashitse,kubiro
20 Gitugutu 2016, 21:17, par Nsabimbona
None,umuntu,yokuguruza,kont,atashitse,kubiro
21 Gitugutu 2016, 18:46, par Dodo
I love it. Lumicash was my dreams.
Come and enjoy with lumicash.
20 Munyonyo 2016, 10:36, par Anselme ZAWADI KIMBANGU
NNE LUMICASH NA RUGURU MUMITUMBA YARASHITSEYO?HAMA NDASHIMA KUBA LUMICASG IDAFISE IBICIRO NKA ECOCASH
24 Munyonyo 2016, 01:26, par fitina
nashaka mbaze bavuga ngo telefone yawe ingodo yawe,none mukugushirira amafranga amafranga kuri conte yawe ya lumicash ntibagukata?hoho ukeneye ku retirant ntamafranga baca bagukatako?hoho bishitse telefone ikibwa hamwe na sim card iri kwayo mafaranga yawe yo ntaba yibwe harico bagufasha muri lumitel d’urgence?