IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumitel yatanguje ikarata simu y’abanyeshure

Lumitel yatanguje ikarata simu y’abanyeshure

mardi 20 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero y’ukworohereza abanyeshure bo mu mashure yisumbuye n’aya kaminuza bipfuza gutumatumanako, Lumitel yashizeho uburyo bufasha abanyeshure bose bo mu Burundi, ubwo buryo bukaba buhuriranye n’ukwezi kw’icenda gusanzwe ari ukwo gusubira kw’ishure, ku banyeshure bahora mu buruhuko bw’ici.

Ikarata simu yitirirwa abanyeshure "Carte SIM Etudiant" niyo yatangujwe na Lumitel igatangwa ku munyeshure yerekanye ikarata y’ishure. Iyo karata simu igurwa amafaranga amajana atanu, ikaba irimwo akarusho (Bonus) k’amafaranga igihumbi.

Umunyeshure yaguze iyo karata simu ahabwa uko ukwezi gutashe ama "Mega" ijana hamwe n’ama mesaje ijana, mu kiringo c’umwaka wose.

Tubamenyeshe ko mu gihe umunywanyi akoresha iyo karata simu ashoboye kugura ama inite agera ku gihumbi kimwe ku kwezi, biba bishoboka ko ahamagara abandi banyeshure bakoresha iyo karata simu nyene, ku mafaranga yakuwe kw’ijana na mirongo ibiri, ashirwa kw’ijana ku munota, mu kwezi kwose kw’icenda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.