Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Mega Bonus : Kugura ama inite bijana n’ukwironkera utuganuke (...)
Mega Bonus : Kugura ama inite bijana n’ukwironkera utuganuke dutandukanye
lundi 22 Rusama 2017, par
Gura ama inite ya Lumitel, uyashizemwo uce wihitiramwo akaganuke k’ubutumwa bugufi (SMS), MB canke WhatsApp ku buntu. Mu guhitamwo, umunywanyi asabwa kurungika ubutumwa burimwo igiharuro kijanye n’akaganuke ashaka, ku nomero 800.
Menya neza, 1 ni ubutumwa bugufi (SMS), 2 ni MB, hamwe na 3 ku wushaka whatsApp ku buntu.
Umunywanyi aguze ama inite kuva ku 500 gushika ku 999, aronka akaganuke ko ku munsi, agahitamwo hagati ya MB 20, SMS 50 canke WhatsApp yo ku buntu umunsi wose.
Uwuguze ama inite ari hagati y’igihumbi hamwe n’1999, ahitamwo kuronka mu kiringo c’indwi imwe, MB 50 canke WhatsApp ku buntu. Ashobora kuronka kandi SMS 150 akoresha mu minsi itatu.

Umunywanyi aguze ama inite kuva ku 2000 gushika ku 4999, ahitamwo kuronka MB 100 akoresha mu minsi cumi, SMS 300 akoresha mu minsi itanu canke WhatsApp ku buntu iminsi cumi.
Kuva ku mafaranga y’ama inite 5000 gushika ku 9999, umunywanyi ahitamwo kuronka MB 300 zikora mu minsi 15, SMS 700 zikora mu ndwi imwe, canke WhatsApp ku buntu iminsi 15.
Kuva ku 10000 n’ayarenga, umunywanyi ahitamwo kuronka MB 800 zikora ukwezi kwose, SMS 1500 zikora iminsi 15 canke iminsi 30 akoresha WhatsApp ku buntu.