IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > "Mocha" : Ubundi buryo bwa LUMITEL bufasha kuyagisha incuti

"Mocha" : Ubundi buryo bwa LUMITEL bufasha kuyagisha incuti

mercredi 20 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

"Mocha" ni ubuhinga bushasha buzanwe n’ishirahamwe Lumitel, kugira iryo shirahamwe ryorohereze abanywanyi baryo, mu kubashoboza kubandanya baganira n’incuti n’abagenzi babo ataco binona.

Ubwo buhinga bwa "Mocha" buha akaryo abanywanyi ko guhamagara, kurungika ubutumwa bugufi (SMS), kurungika udusanamu two gutwenza (autocollants), kurungika ubutumwa buciye (SMS), mu gufata amajwi (Audios), n’ibindi vyinshi.

Ico gisata kikaba coroshe cane gukoresha, kuko gifasha n’abatumva ururimi rw’igifaransa kugikoresha, kuko vyose vyashizwe mu rurirmi rw’ikirundi.

Mushaka gukoresha ico gisata ? Biroroshe kuko bisaba gusa kuba mukoresha umuhora wa Lumitel, ndetse mukaba mufise Terefone zigezweho za Smartphone.

Umunwanyi wa Lumitel asabwe gushira ico gisata muri ngendanwa yiwe abicishije kuri Apple Store canke Google Play.

Mukubandanya, umunywanyi asabwa kwugurura ico gisata ca "Mocha" mu gushiramwo inomero yiwe, aho nawe agaca aronka ubutumwa bumumenyesha ko yiyandikishije neza.

Ico gisata ca "Mocha" kiroroshe gukoresha, kuko umunywanyi ahejeje kwuzuza ibisabwa ata kindi kiba gisigaye, atari gutangura kunezerererwa ubwo buhinga bushasha, mu kuyaga n’incuti n’abagenzi ataco yinona.

Mwomenya ko ico gisata gikoreshwa ku buntu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.