IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Umunyatiniziya Yamen Manai yahawe agashimwe kitiriwe imigabane (...)

Umunyatiniziya Yamen Manai yahawe agashimwe kitiriwe imigabane itanu

samedi 7 Gitugutu 2017

Yamen Manai yatorewe guhabwa ako gashimwe kitiriwe imigabane itanu (Prix des cinq continents) inyuma y’ikoraniro ryahuje abagize umurwi wiga abahiganirwa ako gashimwe mw’ishirahamwempuzamakungu ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa ryabereye mu gisagara ca Paris kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 6 Gitugutu 2017.

Umukuru w’umurwi utanga amanota ku bahiganirwa ako gashimwe Paula Jacques ,yavuze ko igitabo canditswe na Yamen Manai kivuga ku mugani utwengeje w’umworozi w’inzuki yakingiye inzuki ziwe igitero c’utundi dukoko two mu bwoko bw’inzuki.

Bitegekanijwe ko Yamen Manai azohabwa ako gashimwe n’umuyobozi w’ishirahamwe OIF Adama Ouane kuwa gatatu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2017 mu gisagara ca Francfort mu gihugu c’Ubudagi.

Mwomenya ko ako gashimwe kagizwe n’ibihumbi 10 vy’amafaranga y’abanayaburaya, kakaba katanguye gutangwa mu mwaka wa 2001.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.