Accueil > Akahise > Ababuze ababo muri 1972 basaba ubutegetsi gushira ukuri ahabona
Ababuze ababo muri 1972 basaba ubutegetsi gushira ukuri ahabona
lundi 29 Ndamukiza 2013
Mu gihe mu Burundi bariko bibuka imyaka mirongo ine n’umwe(41) iheze abantu isinzi bagandaguwe bunyamaswa bazira ubwoko bwabo, abahurikiye mw’ishirahamwe ryiyemeje kwibuka abahuye n’ivyago no gukinga ubwicanyi, AMEPCI – Gira Ubuntu( Association pour la Memoire et la Protection de l’Humanite contre les crimes Internationaux), batanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, mu gatondo ko kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013, mu nyubakwa za Peace House.
Inyuma y’umunota w’agacerere bibuka inzirakarengane zahitanwe n’amacakubiri yo mu mwaka w’1972, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa AMEPCI – Gira Ubuntu, Aloys Batungwanayo yamenyesheje ko iyo myaka yose iheze ukuri kutaraja ahabona. Imiryango ntiyashoboye gushingurana iteka ababo kuko bakiri mu binogo batawemwo ikivunga, abegetsi nabo bakaba bamaze imyaka myinshi mu gacerere.
Ingaruka ziraheza zikaba nyinshi iyo ukuri kuri kahise kutagiye ahabona, harimwo uguhahamuka, gushobora kubisubiramwo, n’ibindi.
Aloys Batungwanayo yashikirije ko ababuze bose ari abarundi, ko batavangura ubwoko, imyaka vyakoremwo n’ibindi. Asaba ko ukuri ku bakoze ayo mabi kwoshirwa ahabona, ivyo bikazofasha abaruka ubu kumenya kahise k’igihugu, gutyo bakamirira kure ivyosubiza igihugu mu ndyane.
Yibukije ko umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ariwo uzogaragaza ukuri mu gihe woshingwa vyumvikanye na bose.
Yarangije asaba ko ubutegetsi bwokwemeza ko umunsi w’igenekerezo rya 29 Ndamukiza wofatwa nk’umusi w’igihugu uhariwe ikigandaro, atibagiye icibutso c’ababuze cokwubakwa, naho nyene vyumvikanwe n’abo vyega. Hakaba hategekanijwe inkuka y’imisa yo kwibuka abahitanye n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi, iza gusomwa kuri Paroisse yitiriwe umweranda Misheli
Egide Nduwimana
Messages
29 Ndamukiza 2013, 23:19, par Bigirindavyi Emmanuel
Ivyo nivyo ihonyabwoko ryakorewe abahutu 1972 rigomba kuja ahabona nababikoze bagahanwa,abanyazwe ivyabo bakabisubizwa.
30 Ndamukiza 2013, 16:15, par Berwa
Ukuri kuje ahabona abapfuye 1972 na 1993 bashinguranwe iteka kdi n’ababikoze babihanirwe
12 Ruheshi 2013, 17:07, par bukuru pacal
ukuri ni ikintu kigoye gukora ariko kandi niwo muti dufatiye kuri " plan simbananiye" n’ abo bari kumwe ni baje hamwe n abo bakoranye iyo plan bisibe imbere y abarundi n’ amakungu kuko babivye imbuto mbi mu gihugu c abavindimwe, kubw’ ivyo akahise karatubabaje aho abantu bicwa ,abandi bakangazwa n’ utwabo tukanyagwa ivyo bikwiye kugarukira aho buri wese akisuzuma ;hakaba ukwishira n’ ukwizana ku mu rundi wese, kuko ayo turiko tubona yose ni inkurikizi mbi z’intwaro z’ ifatiye kugatotezo n’ amacakubiri ibisebe biracari vyinshi
30 Gitugutu 2013, 17:12, par ngabonziza
ukuli kuje ahabona ihonyabwoko ryakorewe ikiremwa muntu iburundi 1972na 1993. ntago twibagiwe abacu tuzitura sentale
16 Nzero 2014, 22:44, par ibigoyemakungu
ababuze ababo 1972. 1993. 1994. ukurikuje ahabona.
3 Ndamukiza 2014, 11:12, par NDABIVUZE Jean
We Bigirindavyi manweli i 1972 hapfuye abarundi bubwoko bwose abahutu nabatutsi.Birakwiye kujahabona kuko habuze bose,nabariko baricwa nubu nibije ahabona Rusizi ireke kumera ibiziga vyabarundi.Sabahutu sabatutsi bose barahanze.kandi menya ko haticubwoko hica ubutegetsi budakunda abo butwara.
2 Myandagaro 2014, 22:26, par Richie
Mbe ko muvuga ukuri mbe murazi ukuri uko ari ko.Avant 1972 igisoda yari plus de 99% Hutu bashizweho numbwami.Ntimwibagire invari vyabaye mu rwanda Aho Ubutegetsi yari Kayibanda Yishe kandi yirukana Abatutsi bose 1959.Muburundi 1972 abanyagihugu ari majolite hamwe nigisoda ari plus de 99% Hutu.Umugambi w’Urwanda woguhonya Abatutsi wagiye mumitima yabahutu niho biyumvira gutangura kwica President Micombero kuko yikundira izoga no kuryoherwa.Ariko uravye uko vyagenze si ubwenge bwumuntu bwakijije abatutsi N’IMANA kuko Kuko kubahutu premiere chose yari kwica Micombero ariko Imana yarakingiye Micombero nawe rero yaciye ikurikiza ishavu ryukwihora umuntu wese yari implique.IGIHE COSE ABAHUTU BAMWE BAHIGA KUMARA ABATUTSI.iGIHE ABATUTSI BARI MUGISODA ARI BENSHI ,APRES 1972 ABATSUTSI BABAYE PLUS DE 99% NTAHO BIGEZE BASHAKA KUMARA aBAHUTU.
6 Munyonyo 2014, 22:49, par biherengende o
ikibabaje sico,nuko nibanka kubishira ahabona,abasigwa /impuvyizo 1972 zizohava zifatira ingingo kuko nazo zohzva zisaza abana babo batazi ukuri.ababijejwe boraba rero ntibirinde kugera iyo.some still waiting to know where their parents have been beared.
19 Gitugutu 2015, 07:16, par nizigiyimana thadde
bwakozwe nande?bwisumga kubwoko ubuhe?
6 Ndamukiza 2017, 07:34, par FELIX MUHIRE
Uwo yitwa Richie, ico gisoda ca plusde 99% vy’abahutu ngo cari mu Burundi bwa hehe? Iyo recensement wayikoze gute Mwaratwishe ntimwatumaze. Ivyo mbonye si bike wa mwana we. Twebwe twarabonye ico gisoda uvuga, kuva ku babiligi, gushika kuri Micombero. Ivyo uvuga n’ububeshi bw’itekamutwe.