IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ubuzima bwa Hugo Chavez

Ubuzima bwa Hugo Chavez

dimanche 10 Ntwarante 2013

Hugo Chavez yavutse igenekerezo rya 28 Mukakaro 1954 i Sabeneta apfa igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013,i Caracas. Hugo Chavez ni umukuru w’igihugu wa 52 yatwaye igihugu ca Venezuela kuva kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1999 igihe yatembagaza ubutegetsi bwa Carlos Andres Perez.Hugo Chavez yamwagiriza ko agira politike itubaha amatora kandi ko atubaha igisirikare.

JPEG - 16.6 ko

Muri co gihe Hugo Chavez yarananiwe gutwara neza bica bituma apfungwa imyaka ibiri.Igihe yari apfunzwe,Hugo Chavez yarakoze ireresi aho yahamagarira kugumuka biyamiriza intwaro zahari muri ico gihe.Iyo reresi yerekanywe cane mu banyagihugu ica ituma haba igice kinini c’abanyavenezuela biyegeraniriza hamwe.

Avuye mw’ibohero mu ntango z’umwaka wa 1995,Hugo Chavez yaciye ashinga umugambwe mushasha wa politike witwa Cinquieme Republique,bisigura intwaro ya gatanu.

Kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1999,Hugo Chavez yaratowe kuba umukuru w’igihugu ca Venezuela. Mu kiringo c’intwaro yiwe,Hugo Chavez ntiyigeze ahuza na Politike ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.Hugo Chavez ari mu bantu batumye Ingrid Betancourt yari yagizwe imbohe n’aba Farc bo muri Kolombiya kuva muri 2002 gushika muri 2008.

JPEG - 17.7 ko

Kuva mu mwaka wa 2011,ubuzima bwa Hugo Chavez bwaciye butangura kugenda nabi.Muri uwo mwaka nyene,igenekerezo rya 10 Ruheshi,igihe yari mu rugendo rw’akazi muri Kiba,Hugo Chavez yaciye abagwa vyihuse.

Igenekerezo rya 1 Mukakaro uwo mwaka nyene,Hugo Chavez yari yizeye amagara yiwe aca avuga ko amaze kubagwa incuro zibiri bivuye ku ndwara ya cancer.

Haheze igihe kinini aruhutse kugira umubiri wisanasane,Hugo Chavez yaciye aja mu myiyamamazo kugirango yitoreze ikiringo ca gatatu co gutwara Venezuela naho nyene amagara yiwe atari yifashe neza.Hugo Chavez aca agirako ivyo biringo bitatu vyose.

Ariko rero igenekerezo rya 7 Gitugutu 2012,aho yatorwa ku kiringo ca kabiri ku majwi 55.7 kw’ijana,Hugo Chavez yarateye amakenga kuko amagara yiwe yari yifashe nabi.Inyuma y’indwi zike atowe Hugo Chavez yaciye amenyesha ko afise ingorane zo guhema kandi ko ategerezwa kubagwa bushasha.Amagara yiwe yabandanije gutera amakenga, mbere bamwe baca batangura kubona ko agiye kwitaba Imana.

Mu gihe yari kurahirira gutwara igihugu ku ncuro igira gatatu kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2013, ,Hugo Chavez siho yari.

JPEG - 19.3 ko

Mu ntango z’umwaka wa 2013,bamwe mu bategetsi ba Venezuela baciye batangura kubona ko Hugo Chavez atagishoboye kurongora igihugu,baca bamenyeshe ko amategeko aterako umukono atakimeze neza.

Igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,Hugo Chavez yaciye ava muri Kiba agaruka i Caracas.Hugo Chavez yamaze iminsi yiwe ya nyuma ku murwa mukuru wa Venezuela mu gihe uwuzomusubirira yariko arategurwa.

Kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013,icegera c’umukuru w’igihugu ca Venezuela,Nicolas Maduro niho yamenyesha urupfu rwa Hugo Chavez,ku myaka 58 y’amavuko,ahitanywe n’indwara ya cancer.

Mwomenya ko amatora ayandi ateguwe mu kwezi kwa kane igenekerezo rya 14,kugirango bitorer umukuru w’igihugu amusubirira.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.