IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Urupfu rw’Umwami Ntare wa V (Karori Ndizeye)

Urupfu rw’Umwami Ntare wa V (Karori Ndizeye)

jeudi 2 Rusama 2013

Umwami Mwambutsa wa 4 yasavye umuhungu wiwe Umuganwa Karori Ndizeye afise imyaka 19 gusa y’amavuka ngo aze i Bujumbura gutegura igaruka rya se. Amaze gushika i Bujumbura, yasanze ibintu bitifashe neza namba kuko ama cakubiri y’ubwoko yari yarenze inkombe.

Karori Ndizeye yaciye agena abagize Leta ,ariko aca asaba Misheli Micombero ko yoba umushikiranganji wa mbere, umuganwa Ndizeye yaciye asaba inzego zijejwe umutekano kw’itwararika umutekano w’igihugu eka n’abakibamwo. Niko guca amenyesha ko kuva ubu agiye gufata izina rya Ntare wa 5,akaba yasubiriye se yari azwi kw’izina rya Mwambutsa 4.

Mwambutsa ngo yumve iyo nkuru yaratangaye, ariko aca arungikira ubutumwa umuhungu wiwe, amubwira ko yahenzwe n’abanyepolitike bamwe bamwe ku nyungu zabo kandi bashatse gukoresha ubuto bwiwe eka no kuba ataco ashoboye mu bijanye na politike y’igihugu c’Uburundi, ati abo baguhenze ni akarwi kari gasanzwe naje kangwanya kuko tutahuriza ku macakubiri bagomba kwitwaza, arabandanya asaba umuhungu wiwe ko yokora ibishoboka vyose kugira arekure imbohe zose zari zipfunzwe zizira ubusa, n’abandi bazira ivya politike ati abo bose vyokubera vyo mu gihe utanze itegeko inzira karengane zose zikidegemvya.

Umwami Mwambutsa yarabandanije avunira akagohe umuhungu wiwe ko hari akarwi k’inkorabara, ati ico wokora n’uko ako karwi wogasambura kuko ntakindi gakora atari uguhungabanya umutekano w’abanyagihugu muri rusangi, Umwami Mwambuta wa 4 aca arangiza amusaba ko yomugirira ikigongwe agakora ivyo amusavye.

Ariko ubwo butumwa Mwambutsa yarungikiye umuhungu ntiyigeze abumenya, nayo Umwami aca ahungira mu gihugu c’ Ubuswise mu nyubakwa yari i Génève.

Umwami mushasha ariwe Ntare wa 5, yategerezwa kumenya ko uwo bazokorana ariwe Misheli Micombero atari yicaye uko, ari naco gituma yategerezwa gukanura maremare. Ndetse no ku ntwaro y’Umwami Mwambutsa, Micombero bazi ko ahava aja ku kirimba, uyo musi abajejwe umutekano bararikanura.

Imigenderanire hagati y’Ubwami n’igisoda ntiyatevye gutosekara kuko kuwa 17 Nyakanga 1966, igihe bahinduriye abagize Leta haribonekeje ukutumvikana hagati y’Umwami Ntare wa 5 na Micombero, abari bagize iyo Leta yari yagenywe n’ Umwami bariyamirijwe na ka karwi Mwambutsa yabarira umuhungu wiwe, akarwi kari kagizwe n’abasirikare bayoboka Micombero hamwe n’aba JRR.

Kugira Umwami agerageza kugabanya ububasha n’inguvu z’abari bagize Leta, Ntare wa 5 yagerageje gushiraho abanyamabanga biwe, ariko naho nyene Micimbero ntiyamwemerera , ariko aho mu kumwankira ntiyigeze amwereka aho ahagaze. Umwami Ntare wa 5, hari abashikiranganji atashima ko boguma muri Leta, mu nyuma arabakombora akoresheje iradiyo y’igihugu ariko ntivyatevye Micombero yaciye abasubizaho ndetse kuva ubwo nyene haciye haja hafi y’iradiyo abasirikare kugira bahacunge Umwami ntasubire kuhegera, ndetse baca bafata n’amazu yari hafi yaho kugira ntaze aronke aho amenera ngo asubire gushikiriza ayandi matangazo kwi radiyo.

Kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo, Umwami yaragerageje gukura abari bagize Leta ariko, ashitse kw’iradiyo abasirikare bari bahacunze baramwankira gushika mu biro vyafatirwamwo amajwi.

Ku wa 28 Munyonyo Micombero niho yaca ashira ibirwanisho bikomakomeye mu gisagara hose, Umwami ngo amubaze igituma ashize igihugu mu ruhagarara nawe amwishura ko ivyo yabikoze kugirango amukure, aca avuga ko intwaro za cami zihindutse ubu hatanguye intwaro ya republika, ivyo rero bikaba vyashitse mu gihe umwami yari mu rugendo rw’akazi muri Kongo –Kinshasa. Ariko naho vyari uko Umwami we yabona ko iryo hirikwa ryiwe ata nguvu rifise, we akabona ko mu minsi mike yaca ahamagarwa kugire abandanye amabanga yiwe kuko yabona ko ashigikiwe na benshi mu gihugu.

Ku bw’abahutu ico gihe, ntacabatangaje kuko ngo ntacari gihindutse muri iryo tembagazwa ry’ubutegetsi kuko Micombero yari umututsi w’umuhima atumva kandi aterekwa gusangira ubutegetsi n’abandi badasangiye ubwoko, eka kandi ku bwinshi bw’umugambwe Uprona muri iyo Leta ya Micombero, umugambwe waciye ushiraho intwaro ya republika.

Micombero yari rwicaruhoze, eka kandi ntiwopfuye umenye akamurimwo. Iminsi ibiri imbere y’uko ahirika ubutegetsi bw’umwami, yari yiriwe ku kirimba, asangira n’umwami eka ndetse baraja no mumazi barogana.

Hamaze guhera umwanya utari muto, Umwami yaratevye arabona ko atakigarutse mu Burundi, niko guca yigumira mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi.

Muri Nyakanga 1969 harahatswe kuba itembagazwa rya Leta ico gihe, ryagirijwe abari mu bwoko bw’abahutu, urwaruka rwari ruhurikiye mu mugambwe Uprona bita JRR (Jeunesse Révolutionnaira Rwagasore) baca barakorana n’inzego za gissirikaro, ico gitero kiba impfa gusa. Abagize Leta bamwe bamwe baciye bahagarikwa maze batangura kwicwa umwe umwe, aha twovuga nka Barnabé Kanyaruguru umushikiranganji w’ubutunzi yari umuhutu yahagaritswe munyuma atorwa ikiziga, Jean Chrysostome Bandyambona umuhutu yari umushikiranganji w’imibano yagandaguwe mu 1972, Uwari umushikiranganji wa mbere akaba ndetse yari yarabaye umuyobozi wa Sabena Joseph Cimpaye nawe nyene akaba yishwe mu 1972 hamwe na Sipiriyano Henehene yari umushikiranganji umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yarasinzikarijwe ubuzima imbere y’uko agandagurwa mu 1972…Ico gihe harashoboye guharurwa abahutu barenga 500 bishwe inyuma yaho, abarokotse baciye nabo bahungira mu gihugu c’urwanda, kugire barabe uko Leta y’i Kigali yari gufasha izo mpunzi kugire zize zisubure mu gihugu cabo.

Umwami Ntare wa 5 yaciye afata ingingo yo gutegura uurwi gisirikare worwana , akaba yaramaze kubonana n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi i Bruxelles mu Bubirigi. Igenekerezo rya 18 Ntwarante 1972, niho Ntare wa 5 yashika i Kampala aje n’indege, akaba yakiriwe n’igishika ntangere eka n’icubahiro cinshi na Idi Amin Dada, akaba yari yamuteguriye aho ashikira mwi hoteri mpuzamakungu y’Ikampala.

Umwami arikumwe na Emmanuel Biha umuhungu wa Lewopolo Biha yigeze kuba umushikiranganji wa mbere canke Mathias Hitimana, na bamwe mu bagize umuryango wiwe aha twovuga nk’Umuganwa Ndereya Ndagijimana muvyara w’umuganwa Rwagasore, abo bose bari bizeye ko umukuru w’igihugu ca Uganda yari kubafasha kugira bashireho igisirikare caja guhangana n’ica micombero. Idi Amin Dada yarereka Umwami ko atangorane, azogerageza akaraba uko yofasha ariko umukuru w’igihugu ca Uganda we yarira amatama yomppi, kuko yarafise n’icop yari yarayaze na Micombero.

Micombero amaze kwumva ko Umwami ageze ku mbibe z’Uburundi aza, yaciye amurungikira abari bajejwe iperereza mu gihugu kugire babanze bavugane n’umukuru wa Uganda Amin Dada.
Ariko Umwami yari atanguye kwumva ibicuro kuko harageze aho, ariko arasangira na Amin, akaja amubona atariho ari, ari mu mikebukano n’ abantu bihishije muri iyo nyubakwa umwami yarimwo, abo nabo ntibari abandi, yari Arthémon Simbananiye yari umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu kuri Micombero, akaba yari yashitse mu gihugu c’Ubuganda kugire bumvikane neza uko yobashikiriza Umwana w’Umwami Mwambutsa wa 4, Simbananiye akaba yari afise ama valisi yuzuye ama faranga yo gushimira Amin ku gikorwa ciza bari biteguriye c’uko yobaha Umwami Ntare wa 5 bakaja ku mugandagurira i Burundi.

Ku wa 29 Ntwarante, Umuganwa Ndagijimana yaronse itegeko ryo gushira impuzu Umwami aho yari aruhukiye, aho naho mukujayo akaba yategerezwa gufata indege yaja i Entebe, ariko igitangaje ngo n’uko umuganwa Ndagijimana yajanywe n’umuduga wa gisirikare agaca yicwa inyuma y’masaha 24 gusa, Amin yaciye aja kumenyesha Umwami Ntare wa 5 ko Ndagijimana yaroye kuramutsa mama wiwe ku ku rubibe rw’ Uburundi, ariko Umwami ntiyigeze avyemera kuko yabonye ko ivyo birimwo amahinyu.

Inyuma y’akanya Amin niko guca atangura amayeri yo guhenda Umwami arikumwe na Biha ngo burire mu ndege kugira bagende kuraba Ndagijimana, aho yari yabahenze ngo ari kuramutsa umuvyeyi wiwe, maze Umwami aca arinjira ariko inyuma y’amasaha 3 gusa, indege yari ishitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, niho yabona ko ahemukiwe na Amin Dada.

Ku wa 28 Ndamukiza 1972, inama nshikiramganji yarakoranye maze ntiyashika ku gihano cari gitegekanijwe ku Mwami. Bukeye abari bagize Leta barabogojwe.Inyuma y’’\iminsi 2 niho ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu karere vyamenyesha ko Umwami w’ Uburundi Ntare wa 5,asanzwe ari murumuna w’ Umuganwa Ludoviko Rwagasore yaraye arashwe mu gihe yariko agerageza gutoroka ngo aje kuraba ingabo ziwe.

Umwami rero ngo yoba yakuwe aho yari apfungiwe na Liyetena Karori Nyabenda afashijwe na naba JRR urwaruka rwari ruhurikiye muri Uprona,bikaba bivurwa kandi ko urwo rwaruka ico gihe rwigenza nabi cane mu guhohotera abantu
.
Muri ico gihe nyene ngo niho yajanwa kwicwa, ariko aho hose yaguma asaba ko yobonana na Micombero naho atanyishu yashobora guhabwa na nyakarwi k’intagondwa kaba JRR barikumwe n’abasoda. Umwami Ntare wa5 akaba yapfuye asogoswe imbugita 3, munyuma araswa amasasu na Kapitene Onesime Ntabiriho.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.