IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru (igice ca kabiri)

Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru (igice ca kabiri)

lundi 6 Gitugutu 2014

Caga ari kinini

Caga cagutse.

Gira Ntare na Ruhiga ntikiramutswa abami babiri kiba gipfuye.

Gira so ntaruta gira ico urya.

Gira so yiturwa iyindi.

Guca mu rwanko ni ukunyaruka.

Guca mu ziko ni ukunyaruka.

Guseka umusore siko kumuhanura.

Gushaza ni ugushinyiriza.

Gusoba ingenda sikwo gushika amahoro.

Haguhura n’uwaguhaye wohura n’uwakwimye.

Hagupfa wozanzama uwakubonye akaguha iminwe.

Hagutera icumu nyene Imana worimutiza.

Hakuba twopfa woba nopfa.

Hakuvyara worima.

Hakwishima woshimwa n’abandi.

Hakwishima woshimwa n’Imana.

Havuga uwo bubezwe.

Havumbura uwuribwa.

Hitamwo bihema indyarya.

Ibigiye inama bigira Imana

Imfizi y’intama itendera nka Se

Ijisho ry’uwundi ntirigushimira umugeni

Igiti kigororwa kikiri gito

Igito gitabwa iwabo

Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka

Ikibarirwa ni icumva, icerekwa ni ikibona

Imigere ibiri ntitereka

Imisi y’igisuma iraharuye

Imiti ikora ikoranye

Inzira ya hafi yamaze abatwa

Ivya gusa bitera ubwenge buke

Inda ndende ihumira indya
Ingenzi y’imihana niyo nzanyi y’amazimwe

Ingeso iraraba ntihwera

Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo

Ingona iva mu ruzi ikarigata urume

Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso

Intibagira ntibana

Intabwirwa ibwirwa n’uko amaso atukuye

Ishavu ry’umuvyeyi ririgwa ntirirara

Imana ifasha uwifashije

Ivyara ntirigora nk’irera

Kananira abagabo ntiyimye

Kuvuga menshi siko kuyamara

Nkundakurya yariye igifyera kimumena itama

Nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba.

Nyamutegera kazoza yakwereye inda iyindi

Nyen’imbugita ni uwuyifashe ikirindi

Nta mvura igwa idahita

Nta wanka kwonka nyina ngo arwaye amahere

Nta wurya inzoka ngo ananirwe n’umurizo

Sindyaka aba yariye akandi

Tubiri tuvurana ubupfu

Ubugirigiri bugira babiri

Ubunyegeri bwinshi ntibwimba

Ubuja gusha buratagata

Ubuntu burihabwa

Ubusigo buhuma ntibuba bunini

Ubwenge bugukunze buza mu nyuma

Ukora ineza ukayisanga imbere

Ukora inabi ikagukurikira

Umubanyi niwe muryango

Umufa w’imbwebwe unyobwa ugishushe

Umugani ugana akariho

Umupfu ntiyinukira

Umutindi arota ico ababaye

Umutwe umwe ntiwigira inama

Umwana w’inkende apfa yurira igiti

Umwana yankwa niwe akura

Umwera uva i Bukuru

Urima itiro ukimbura ingonera

Urya nk’inka ugapfa nk’imbwa

Urubuze inkware ruvumbukana igihuna

Urucira mukaso rugatwara Nyoko

Uteba kugarura impene yamara kurenga imirambi ukabira nk’ayo

Uwitonze amira ibinoze

Uwufise umutwe muto awurinda uruguma

Uwuhawe n’Imana yiyita umuhinga

Uwihuse avyara ibihumye

Uwubundabunda abonwa n’uwuhagaze

Uwuhetswe neza asohora amaboko

Uwushaka umuce acika ijoro

Uwushaka umubira abira akuya

Uwushatse kukurya ntabura imboga agukoza

Uwutazi umuti awanyako

Uwuja gukira indwara arayirata

Umuntu atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye

Umuna w’inkorabara utemba uduga

Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo

Uwanka utu aba yariye utundi


Egide Nduwimana

Messages

  • Nagira ndamashimire Cane ku makuru muduha mukongera mukitwararika akaranga ka basogokuruza. Hamwe mwonkundira Nagira ntange intererano ku vyerekeye imyibutsa.
    Abagabo baryama ku iri bakarota kimwe.
    Abasangiy’ ubusa bizaÅ„’ ibisambo.
    Ic’ uhawe n’ ukwiba ucakwa no gutakara.
    Ibifis’ imitwe kubiri bagira imirizo ku biri.
    Igiti ntikigukora mu jisho kabiri.
    Impene yarivyariy’ umugabo.
    Inzar’ irahera igihemu kibi ntigihera.
    Inda ndende inhumir’ indya.
    Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga.
    Ibanga ribangirw’ ingata.
    Inzoka ntiyigorora ib’ igiye.
    Ishavu ry’ imbwa riher’ izungagiz’ umurizo.
    Irigukunze rikuguma mu nda.
    Iyo bub’ ubw’ umwe bwar’ ikindi.
    Iyibize nabi uyim’ ifu.
    Iyija kurisha ihera ku nama.
    Iyanka kuzimira irabira.
    Iman’ iratanga ariko ntiyibagira Guhena.
    Inkoni yakubise mukeba uyirenz’urugo.
    Nta musoz’ udahamba.
    Nta mwong’ ubur’ isato ib’ idahizwe.
    Ubunyegeri buyagira kw’ igufa.
    Ubwiza bukwanse buja aho batabubona.
    Umwana w’ uwundi yimba aguhish’ ivu.
    Umwana w’ umunebwe rireng’ aneye rimwe (kuko umwana agamburuka abavyeyi bamugaburira kenshi).
    Uganir’ umwaka igisebe kikaguc’ ukuguru.
    Uwukunyegeje kw’ akwanka umunyegeza k’ ubizi.
    Uwukiz’ isemu yibagir’ icamwirukangisha.
    Umuvuduko w’ inkoko ntuyibuza kunya mu nzu.
    Uwuja guhush’ itunga ahush’ umugore.
    Wend’ intumva ukavyar’ intabarirwa.

    Mbaye ndabakengurukira Cane.

    .

  • ndabaramukij! ndaryohewe sinarinzi ko hariho imyibutsa nkiyi nobona.......naje nogira ico nterera ....

  • Nanje ndazi imwe imwe nkakarero bukebuke bushikana umusiba kumugezi.

  • c’est parfait
    nanje:

    akanse umunwa karakoroka
    ukurya si ukwasama

  • Nanje Ndabashimiye Cane Gus Muragahora Muraturungikira Nanje Sinarizi Kwibaho Kuri Interinet

  • Iy’imyibutsa Niyo .Mbega Ntayindi Twoshobora Kuronka?Kiretse Iyimwimw Yo Mumwaka Wagtandatu.Murakze

  • Naje Sinorengana Ntaterereye: 1 Ubusimbi Busangiye Amajanja Ntibuhishanya Amajambo 2.Umugizi Si We Mugirirwa 3.Inkezi Ikera Ubwo Bireha 4.Urera Nabi Ugatukwa N’abakwe 5.Kurara Kw’ijoro Siko Kuvyara Abahungu 6.Imanga Ntimarira Imana .MURAKOZE

  • Muhoruk Ahubw Munshir Mu Banzany Kugira Name Ndonk,amakuru Nka Yo

  • Haraho Bandits Nabi Ni:<<Ubwenge Bugucuza Buza Munyuma.>> None Igicecambere Kirihe?Turonderere Niyindi Tweho Bubu Ntaco Tunezwe Uwukeburanjogo Nawe Arwizibinonko Murakoze

  • 1. Uwuhawe n’ Imana atekera abagabo babona.
    2. Imana amanya umugabo ikamanyurira uwundi.
    3. Umwigeme atazi ibizomushikira yatwenze intama iriko iravyara.
    4. Umwana si uwumwe.
    5. Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga.
    6. Wanka kurimana imvi bugaca ukazisegana.
    7.Inzoka ntiyigorora iba igiye.
    8. Uganyira uwutagowe ukaba umenye ibanga.
    9. Inzigo ntigwira.
    10. Umwana uko umureze niko akunera.
    11. Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe.
    12. Uwushaka umubira abira akuya.
    13. Imana ntiha uwicaye.
    15. Akimuhana kaza imvura ihise.
    16. Uwanka agakura abaga umutavu.
    17. Ico utarabona ucerekwa n’ukuramba.
    18. Umworo ntagemura aba agiye gusega.
    19. Agakuru mu bunyegeri n’akavyimye umutwe kurusha utundi.
    20. Uwusanze inkware inyagiwe ayita umukukwe.
    21. Inkende irakubitirwa musi y’igiti yarigeze kucurira.
    22. Uwushaka kumenya akamaro k’umugabo akabaza umupfakazi.
    23. Uwutamiye ntatamure aba yaratamitswe.
    24. Ijambo rigukunze rikuguma mu nda.
    25. Icegera ntigifasha, inka niyorenze amaboko ngo yiyagishe amaguru.
    26. Umwansi ntaba umwana.
    27. Imbitsi ya cane yabikiye mukeba.
    28. Uwutosora imfuku yamiza akatsi mu jisho.
    29. Bike vyiza biruta vyinshi bibi.
    30. Ha guhaga woshaza, intore ipfira ibanga.
    31. Usangira ibanga n’imbwa ikarikwiza agahinga.
    32. Igiti kimwe ntikiba ishamba.

    Mbaye ndageza aho, ariko birakenewe cane ko imyibutsa yomenyekana no murwaruka rwa kino guhe, kandi bakamenya n’igihe co (circonstance) co kuyikoresha nk’uko ba sokuru bayikoresha mu mvugo y’ikirundi.

  • 1. Uwitera urwinorwinyo ashingiara nyina mu misore.
    2.Wanka kwabira umuja bugaca ukamusangana inda.
    3.Umukecuru ntiyicara nabi aba yishimiye umubariro.
    4. Umugabo umumwera ubwanwa bugaca akakumwera ubundi.
    5. Inkengera binini yakengereye ivya se kandi arivyo vyayikujije.
    6. Wiba uhetse ukaba wigishije uwo uhetse.
    7. Wabira umugore muharira ukavyara abana muhamana.
    8. Isema y’umugabo yirukana ishishiro.
    9. Inera ibegerwa kubwayo igakura ubwatsi.
    10. Umwana murizi ntakurwa intozi.
    11. Igisagara cokuvyarira nticokurerera.
    12. Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona.
    13.Icegera ntigifasha inka ntiyorenze amaboko ngo yiyagishe amaguru. (ahankosoye umwibutsa wa 25 mu yo nari nanditse hariya hejuru.
    14. Imana ntiha uwiruka.
    15. Uwuguhaye gakeye umuhaye mwiriwe ideni riba riheze.
    16. Uwutazi ikinuka yiseguza inyo.
    17. Uwukize ubuto arasuhuzwa.
    18. Nzobikora ejo yapfuye atabikoze.
    19. Imburamaboko ibagara umushatsi.
    20. Uwongeje aba yashimye.
    21. Nta ndashimye avamvo ndagaye.
    22. Agasiga gahiriwe karya imbeba yariye umunyu.
    23. Igisiga cumvira umunyu mu mbeba.
    24. Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo.
    25. Ivy’ikuzimu bibazwa ikizinu kuko nico giherukayo.
    26. Igisuti kibazwa amateke kuko arico kiyakura.

    Tuzoza turongerako n’iyindi kuko birakenewe kugira ururimi rw’ikirundi rugumane akanovera.

  • Mwagize neza gushira ivyiyumviro vyanje ahabona kandi mudatevye,ariko nashaka ndabasabe mukosore uko mwanditse izina ryanje. Ni HATUNGIMANA Sébastien (Prénom ni yo mwanditse nabi)

  • 1. Ugushima si uguhora.
    2. Umugabo atari so araramba.
    3. Ukuri guherera mu kuyaga.
    4. Iyanka kuzimira irabira.
    5. Umwansi aguhisha ko akwanka nawe ukamuhisha ko ubizi.
    6. Uwuguheneye ntumuhenere akwita kiburanyo.
    7. Guhenera umubanyi si ugufutura.
    8. Uwuvuna umubanyi aca ku rugo.
    9. Umuti w’imbwa bawaha ku rugo.
    10. Iyengeyenge rigira ngo inzeze ntibona.
    11. Ubwenge bugucuza buza mu nyuma.
    12. Intarabona isyera ihaha ngo ni inyama.
    13. Umukwe w’isoni ahambwa abona.

    Tuzobandanya tubaronderera n’iyindi.

  • Ururimi rw’umwe rukamwa ayera

  • 1. Inyendankwende iva mu kiyago.
    2. Uwitera urwinyorwinyo ashingira nyina mu misore.
    3. Akana kataragenda imihana kibaza ko nyina ariwe acumba Bunini.
    4. Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka.
    5. Iyo bumenya umwe bwari ikindi.
    6. Uburundi buragona buri maso.
    7. Aho igiti gicumise siho amashira azanana.
    8. Umugabo arakubita inzoka atayihize.
    9. Umwana w’uwundi umubwira ngo ndaje turwane ntumubwira ngo ndagukubita.
    10. Inyamanza irarya ubumera ibwanka icese.

  • Impene isomwa mushiki wayo
    Umugabo yabonye ivy’isi atabibariwe ni vyasakanwa ka Nzogera yasanz’aho impifizi y’imbeba inigira impfizi y’impene mu mbari
    Inda y’uwundi irarindima ntumenya.
    Inyo y’uwundi urayigosora ntiher’ibikumbi
    inzigo y’inyo ntimen’isi
    Ivyo mugira ibikino mu ntara, nivyo birego ibwami
    Uwutaragenda yit’umwana Nzirakugenda
    Imbwa yahiye ku murizo ngo buraca tuharabe
    Wurir’umunyinya, ukavyar’amahwa
    Imbwa y’umwansi ntikurira amavyi y’umwana
    Amasinde y’inkumi ntarara
    Inuma ntigira ngo hugugu, igira ngo h’uwuguha
    Ubujakuzimu s’ubufatanamende
    Igituba n’igitubits’inkono
    Imbitsi ya cane ibikira mu keba
    Umwam’akubaza umuryango ntakubaza ico wariye
    Inzira y’ishamba, igendwa n’abayizi
    Uja mw’ishamba utazi ugac’inkoni utazi
    Intumwa irarabirwa ntiyicwa
    Ubwiza bw’imbwa ntibuyibuza kurya amavyi
    Inkezi ikera ubwo bireha
    Iritararenga nta wuriter’ingata
    Ntawuhor’aho yabaye Iman’iba yaramuhaye
    Akana kar’i waba kame’umukenke bakakonger’uwundi
    Uhishira umurozi akakumarir’abana
    Urugamba rushize kera ruhemur’intwari
    Umunt’ameny’uko urugamba rutangura, ntmeny’’uko rurangira
    Aho utari burare wohava kare
    Gutaha gutung’umugabo
    Ijoro ntirigir’umutware
    Nta vyera ngo de.
    Uwufis’amaso ahendwa bike.
    Uwihoreye ahonga bike
    Imyenge y’inzu imenywa na nyeneyo.
    Iyakaremye niy’ikamena
    Agati kamwe ntigagir’ikibira
    Nta wurir’ibigor’aho yagorewe
    Nta wurimir’amasaka ah’atagir’amasabo
    Ndinde yarapfuye mpug’arakira.
    Umutima ntuba mworo
    Amenyo araguseka ar’ayawe
    Amazi iy’agize ngo ntunywe, naw’ugir’uti nta nyota
    Bwakeye ntibubuza uwukwanka
    Uwutazi Uburundi aburunda munzu
    Uburundi busiba kurima ntibusiba kuvuga,
    Nta mwaka udakur’inkumi
    Akamwemwe k’umukobwa n’ugusur’agatwenga
    Ic’utazi urabaza
    Sakirimi kibi yatanz’umurozi gupfa
    Uwuguhenze ubutwari, muratabarana
    N’Iman’igir’ah’imaniye
    Ubana na Suneba ugasuneba nkawe
    Wanka kurima kure ukaja kuhasuma
    Isuka irasaba iyindi itayisize munzu
    Uwo binaniye agirango ikirago kiranyerera
    Uwutazi ivy’isi avyit’ivyiwe
    Ubwatsi burasha bukabis’ubundi
    Aha turi har’abandi
    Nta ngom’ibur’uw’ubu
    Imvura iragwa ntikwir’ishamba
    Uwukandagiwe yikandagirako
    Kunyerera siko kugwa
    Ukw’umugabo aguye, sikw’amavy’ameneka
    Amavya y’impfizi aramba arereta
    Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake
    Ingoma yagukanze, irahuruz’ugahunga
    Iyo Serupfu yaje, Semiti ntavuga
    Amenyo meza ntabuz’akanwa kubora
    Kurima ntikubuza kurimarima
    Nzoguh’ejo arutwa na fat’aka
    Bukoreko aruta nta mboga
    Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
    Ufise ruseke ntabura guseka
    Agasozi kagufi kagushikiriza karekare
    Inkuba iyo irabije ntukavuge ngo mar’abansi kuko n’abawe bojana
    Umwana w’imbeba ntasigara mu kigega
    Umwana w’imbeba azira ico nyina yakoze
    Ubwenge bukwanse buseruk’ushaje
    Umugabo atari so akwibuka yabimaze
    So akwanse, akurag’ivyamunaniye
    Zirisha Mutumba zirariye Mihama
    Ugaya ubw’ifuni ukarar’umwaka
    Bagongoy’umujojo, ifuni’iti: " Vuga buke nanje nar’aho ndahava
    Umugabo n’uwury’akaraza
    Ubwiza buca mw’izosi
    Amenyo agutwengera niy’akurya
    Ntawuc’umugani abana basinziriye
    Iy’amanyw’atar’akamba, umugore yiyit’icariho
    Iyakariye ntikareka
    Igisiga camenyereye kurir’impfusha cama gikanuy’amaso
    Urutoke rwamenyereye gukomba rwama ruhese
    Akabande wabonyemw’amavyi ntukanywamw’amazi
    Akarambi kabay’indahiro ntikab’indagiro
    Ibirenge bij’imbere bij’imbu
    Ingoro iragum’itugaye
    Ijoro ribar’uwariraye
    Umugenzi ararirenza
    Umara guhemuka ibigori bikera
    Abataj’i bwami babeshwa vyinshi
    Ben’Imana baruta ben’imari
    Ukuvyara ntikubuza ukurushwa
    Umugore mutaj’inama arutwa n’inkingi yo mu nzu, uragorwa ukayegamira
    Uwukwenze rimwe ntab’akumaze
    Ndacari muto nibwo butindi
    Uwusanze nyina yarashaje agirango data yatay’ivyiwe
    Umubaji w’imitima ntiyayiringanije
    Inyendamuvano ya ndyogo yarikiye mu ntege z’umugabo, ng’uve hasi nkoroke, wicare meneke.

    Mbaye ndagejej’aho, nzogaruka hanyuma!
    Yari Felix Muhire

  • Kibibbi yavyariye mu kibuba ivyara kibibi nkayo ibibibi biba bibiri
    Wotana n’umwana atagutuka akaguturira
    Nabucangenda yapfuy’atagiye
    Ijambo rihora mu kanwa rigacik’inkonda
    Giraso arutwa n’ico mumariraniye
    Umwami ntiyica, hic’Uburundi
    Harush’umwami, nay’ingoma n’igiti
    Kwiba ingoma ntibigoye nko kuronk’ah’uyivugiriza
    Iyi ntor’iciy’aha n’iyariye
    Akarimi kavuga inagore karagororoka
    Amavya y’uwundi, aryoher’umugera
    Ukw’ikuvye sikw’igwa
    Umuhushatunga ahush’umugore
    Umunt’akuraba cane akakwiza kwambara
    Amabokw’atareha ntaramukanya
    Ugusaba s’ugusutama
    Ukurira cane siko kuragwa
    Urazinduka cane ntutanga Rwuba
    Ubunwa burya butaguha burakoma induru ntiwumve
    Ababipfa n’ababisangiye
    Uwuririr’umugabo n’uwuba amuherutse
    Ubugirigiri ubwigir’i wa nyoko kwa mukaso ukitwaz’udukwi
    Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa
    Umuriro waka urora iy’ikirira gisigaye
    Ubugore s’amabere n’impene zirayagira
    Inzara n’inzeragiza
    Ntugasabe uwasavye
    Umwan’utavyaye ntumubwirango "ndagukubita", ugir’uti" ngo turwane"
    Uwutaz’ubwenge ashim’ubwiwe
    Umusazi arasara akagwa kw’ijambo
    Iyivyaye kibi irakirigata
    Nyen’umupfu, niw’amuja ahanuka
    Impongo isubiza ku rwubuko ikab’igiye gupfa
    Impongo ihotor’ihigwa
    Aho umunyamibembe ari ntibapfuny’intoke
    Uwahenye ntiyambara
    Akiyambuye ntawukambika
    Akabura ntikaboneke ni nyina w’umuntu
    Uhisha ubwari nyoko ntiwarama
    Inda ndende ihumira indya, ikica akokize
    Kuvug’ukuri ntikubuz’ukuvumba
    Iyivyaye nyinshi izicunguza amarago
    Urukwavu rurakura rukonk’abana
    Amosozi y’umukunzi ava murihumye
    Inkoni nziza imerer’ahaga
    Uwutaz’ikimuruta ary’ikizinu camy’imbere y’iziko
    Umugab’arayaz’ikibamba atakibanguriye
    Umugabo araturuka buka agataha bunyama
    Umugabo ntatwarwa n’uruzi aba atwawe n’urubanza
    Burera ntibugera ku mpenshi
    Ijoro riraba rirerire rikaruhira guca
    Umwan’abiha mu nyo ntabiha mu ntoke
    Nta wutinya uwo yatutse
    Imbwa yatumy’akaboko yiyaga mu nyo it’akamuntu kamar’iyagwe
    Uwambuwe n’uwazi ntat’ingata
    Ikizigizigi cabujije umutindi kwiyahura
    Ikirezi ciza ntigikura ikirezareza ku mutima
    Ukwubaka s’ugusenya n’ukugerek’ibuye ku rindi
    Agafuni kabagar’ubucuti n’akarenge
    Akabigira kabizi kary’imboga karitse
    Ntawubur’uw’atinya, n’inkuba, n’umurir’utiny’amazi.
    Uwutagir’ikimuruta nawe ntagir’icaruta
    Uwutaz’urwimo arwimirizamw’inda
    Kuvuga menshi siko kuyamara
    Umukuru w’abatwa n’uwubatwara
    Ifuku ntiry’umuhini ib’isoter’isuka
    Impene yavyaye muci it’akanje karaheze hasigay’ak’abungere
    Uwuza gukir’ici aracumbagira
    Amanyama arasara ntasaba
    Amanyama arasara ntasabwa
    Amate mabi n’ayagiye gusa
    Ntawuter’icumu mw’icumi
    Akarimi keza gacan’inka ku kiraro
    Nyina w’umunti ni Gasato gahish’amahere
    Uwukuroze siw’akurogora
    Uwugutuje niw’aba akwambuye
    Umwishimiro w’igikere niwo wakibujije kumer’umurizo
    Inyakamwe inyag’imwe nayo nyene igahakwa iyishikanye
    Nyamwigendako ntarimir’impeshi
    Umwami asabwa n’uwukomeye
    Ukwicara ahabona birutwa n’uwukubona
    Amaher’arahera umugab’agahereka
    Uraba muremure ntumanur’imvura
    Ubwiza wibona burutwa n’ubw’ubonwa n’abandi
    Uwany’akuruta akurusha n’imva
    Ukuvuga ntigukura akanka
    Akanka kanka imvur’igwa
    Bicika baraguza
    Umupfumu agir’ivy’apfumukanye
    Intore ihumb’itwenga
    Amayira abiri yananiy’imfyisi
    Ubukuru sibwo bwenge
    Imbwa yarihuse ivyar’ibihumye
    Igise ca cane ntikivyaz’umuhungu
    Akagiye mu nda niko kaza
    Ibivuye hasi bituzuye ntivyuzurira ku buriri
    Urubanza rw’umugore n’umugabo rucirirwa ku buriri
    Uravomera zose ntuz’uruzama kare
    Iryeze kare ntirigera ku murara
    Karaba gato kakaba akagabo
    Karadagamba kakaba akagabo
    Ugay’ah’uba rikareng’arih’uri
    Uwutayaze na Se ntameny’iryo sekuru yavuze
    Urwa nabukwe n’umukazana rwarabaye akaramanda
    Igihugu kiraba kibi kigatukw’abagabo
    Impararo ijana n’umwaka
    Ingezabuhoro y’umusiba yawushikanye ku mugezi
    Uwukubarir’akubesha, avuga ngo ni napfa tuzojana
    Nta mwug’udakiza
    Akari mu nda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye

  • Ufis’imbwa ntat’igufa
    Nta rirenga ricaka
    Inzira nziza uyicamwo kabiri
    Akarimi kakureheje siko kakwabira
    Inyana ibona nyina mu mwiza
    Burya ngo" Umugab’umwe, agerwa kuri nyina"
    Vyinshi bibi birutwa na bike vyiza
    Ibibishe biruta ibibuze
    Umutindi atuk’umusozi
    Inkuru y’umwana isubir’inyuma
    Nta kuvuga yose nk’uwuraga
    Inda nini ntib’impamba
    Igisuka kirakara ntikiry’umwishwa
    Usab’Imana ukanuy’amaso ikaguha ibiyamena
    Ubwato bwitangiye bukir’umuyaga
    Uwutakuriy’imvata nawe ntukamury’imvi
    Inannyi ikamwa menshi
    Iyiyahiriye ntiyahirirwa
    Ntawuhomer’iyiyonka
    Ntagahera iyo kagiye
    Agatsirikwa ntigahere n’amenyo ya ruguru
    Akoko ntigahera.
    Abadapfuye barabonana, burya ibidahura n’imisozi.
    Mpa numve yishwe n’umurahu
    Umugan’ugan’akariho
    Abanyabwenge bagor’iyaga
    Umugabo yihindukiza mu kirago ntiyihindukiza mw’ijambo
    Umuvo ntuca ku mwobo
    Impamba ntirenga abatware babiri
    Umugore s’akazuru
    Umugore w’intoke ndende womushima akangaza, ukamutinya mu cibo
    Uwutahari aba ameze nk’uwapfuye
    Uwerekey’irya ab’ahenye
    Inzoka yoroshe imir’iyigumye
    Mfis’Aho Ndorera, n’igishegu ca Sendabona
    Mpung’Urw’Aha, yakimajij’amaguru
    Ntaho bwira ntibarye
    Ntarataze aruta mbundare

  • Hariho udukosa tumwe tumwe mu migani nabahaye, twatewe n’ukwandika nabi (erreurs de frappe). Ngira ndadukosore:
    "Umugab’aravyaza ikibamba atakibanguriye
    "Nta wubur’ic’atinya n’umurir’utiny’amazi
    "Nyina w’umuntu ni Gasato gahish’amahere
    "Uwamy’akuruta akurusha n’imva
    "Uwutakuriy’imvanda ntukamury’imvi

    Reka nongereko n’iyi ngo

    "Iy’ikuburiye ntikurya
    "Umubiri ubir’akabi
    "Urota nabi bukarinda buca
    "Induru ntiganz’ingoma
    "Ingom’iganzwa n’amashi
    "Akarut’akandi karakamira
    "Uguharira cane gutera guhanyuka
    "Amategeko aremera nk’amabuye
    "Ibuye riba rito ntiriba ritoto
    "Umukecuru yashikuye igikoba kimukubita ku nkingi ati: " Nakurya ntitwarwana"
    "Agakecuru kahimvy’umwaka kamanik’akaguru mw’ikoma kati" Minsi nc’ukuboko"
    "Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo
    "Agakuru ntigakur’ubusa
    "Ingurube nkuru ishibuz’umuteg’umunwa
    "Amazi iy’abaye make aharirwa impfizi
    "Ukuvuga ntigukur’akanka
    "Vuga numve aruta Kora ndabe
    "Buraca bugacan’ayandi
    "N’uwuhigimye aba avuze
    "Utambir’umutwar’atagushaka akakwit’umusazi
    "Nta wury’inzoka ngw’ananirwe n’umurizo
    "Wokora munyo worangirizay’ukuboko
    "Woj’i Gisha woshika yo
    "Umubandwa apfan’ibanga
    "Wotukw’amahembe woyagendera
    "Iyamye yabira yabiza n’umuguta

    Murakoze!

  • Umusi wa rwo Rusake ntibika
    Amavy’aza kugukora ntakoroka
    Amenyo meza ntabuz’akanwa kubora
    Ubwenge bweng’amango
    Umutware ntab’umwana
    Umutindi arot’ic’ababaye
    Intango y’ubuhanza n’amasoso
    Ijisho ry’umuvyeyi ribaga rihitamwo
    Nyokobukwe aragukunda ntakwabira
    Kiribwa n’ibanga
    Ibanga ribangirw’ingata
    Mbandirw’ibanga simbandigw’imvuzo
    Uwucikiye ntahish’amabere
    Akazi k’i bwami kic’uwicaye
    Ruca ku mugufi
    Urwambariza mukaso rugatwara nyoko
    Umuzimu urira ku muzima
    Umuvyara akwenda muyaga
    Amagara n’amaz’aseseka ntibayore
    Wib’uhetse ukaba ubwiriza uwuri mu mugongo
    Uramundamukiriza ntamar’inkumbu
    Utubiri tuvuran’ubupfu
    Wigir’igisindu, imbwa zikakunyako
    Ubura kugarur’impene ikiri hafi yamara kureng’umutumba ukabira nkayo
    Umugore atanwa abana ntatanw’ibigega
    Indahiro mbi ntigwaza mu nda
    Umwana bamubwiye bati kubit’umwansi, akubit’uwo basangira
    Igicaniro c’umubanyi catanze ic’i bwami kwaka
    Ah’itunga ryiriwe siho rirara
    Igihugu ntikib’impfuyi
    Hapf’umugabo ntihapf’abagabo
    Nkunde kurya yameze zibiri
    Nkunda kurya yariy’agafyera kamumen’itama
    Isazi ikunda mu nyo ikahandur’uruhumyi
    Ic’umugabo akora nico kimukora
    Aho umugabo akenze arahaherekezwa
    Umugabo apfa nk’umugabo
    Uvyara nabi ugatukwa n’abakwe
    Urya nk’inka ugapfa nk’imbwa
    Nabukwe wa narunyonga yagiz’ati; Nzogera ya Runyonga, ah’izocir’urwev’izovuga, Narunyong’ati: "Naw’ihigish’uwawe"
    Mu mahor’umuhor’uramwa
    Amaso y’uwundi ntakurabir’umwami
    Zirakamwa ntizibuz’abahwera
    Akayago ka cane kavamw’ubushirasoni
    Wenda nab’ugata arik’uvyara nabi ntuta
    Agatemere gatubitse gater’amakenga
    Umanik’agatu wicaye mu kukamanur’ugahaguruka
    Bapfan’iki barutwa n’ico bamariraniye
    Intebe irutwa n’intemere
    Ivyanse mu mashi bashira mu migere
    Ukunda ikitagukunda ikabar’imvur’igwa mw’ishamba
    Inkuba zibiri ntizisangir’igicu
    Ntawushak’itek’atekeye mu vyatsi

  • ba sokuru bariyuvira pe!!

  • Ndashimiye Cane Basokuru Bo Badusigiye Imyibutsa Kandi Nifuza Ko Twokwama Tuyigendera

  • Ndashimye cane bimwe bivuye kumutima kuciyimviro mwagize co kudushiririra imyibutsa kurubuga. Mbe imigani yoyo kurubuga ntiyoshora kuboneka?

  • Iyi Nkuru Ihanura Nacanecane Ugwaruka Ukuntu Bokwigenza Ningene Bokubaha Ababsumba.Irabigisha Nuburyo Boshobor Kwitunga Mubuzima.

  • NI VYIZA CANE KWIGISHANYA.NANJ HING NTERR GATO.
    1.UWANKA IMIRIZO Y’INKENDE YIRINDA GUTAMBANA NAZO 2.UMWANA W’INKWARE NTIYUZURA ISAHO NYINA IBIRI MUNSI 3.UWIMANA IHAY YIGIR’ UMUHINGA 4.AKEBO KARUMIJE GATEY AMAKENGA 5.USURANISAVU UKANYA MUMPUZU 6.INDARANDIY NIW MUGABO 7.UBWENG BW’UMW NISAHO ITOBOTS.8.INKONO MUKWANKA IRAVA.IYIGANK YIMY’IZINDI ZIBONA.9.IZANYABUTINDI ZAMAZW N’UMUGR W’ISAZI.10.IGITI KIRAKURIRA MUBABAJI.11.NTARUPFU RUBURA UMURIZO.12.NYENIMANA AVUMBIKISHA IRENGA.MURAKOZ

  • nanje rekanuhire .,...basekabatikwije yavyaye ndabakwaje. wanka ibisura ukoronka ibinya. .ntawanka kwonkanyina mgwarinamahere. inyenda mkwende ivamukiyago.ubugonba bwima ubundi bwimurutse.ibisangiye ikibi birasabiranira.gato karakura.

  • Ndashimye kumyibutsa mwatubwiye none ntayindi myibutsa mwozotubwira tukazobandanya tuja turamya utuntu nutundi?

  • nyeni Mana avumbikisha irenga

  • NDAFISE ICIYUMVIRO: Kuki hatoba ishirahamwe ryegeranya abatama nka twebwe tuzi imigani n’ibindi bintu vya kera, bikandikwa, bikabikwa kugira ngo abana n’abuzukuruza bacu baze babisigarane. Nk’ubu turafise imvyino nyinshi zatambwa n’abakera, imvyino zo kujana abageni, zo kuremesha akazi, n’inkino nyinshi twabonye ariko ziriko zirazimangana rwose mu gihugu. Muvyumva gute mweho?

  • Murakoz Kutwibutsa Kahise K’igihugu Cacu

  • Ndabashimiye .

    Nanje ndababwire dutanu.

    1. Imende yarihuse ihushumwobo
    2. Inka yaguye mumanga izirikibingo
    3. Amenyo araryana kandi yera.
    .

  • Muhe agaciro ururimi rwacu nakare ruranga igihugu cacu bigatuma Uburundi bumenyekana no mumahanga.

    1.Uwushaka urume y’isiba imbere:bivugako umuntu arya ico yitumye.vyose birashoboka kandi birakunda ntakitabaho.

  • Nimudufashe Guteza Imbere ururimi gwacu gw’ikurundi rumenyekanehose.Nakare Nirworuranga Igihugucacu

  • None kwimigani yakera yatwigisha vyishi kand kera nkaba mbona barakoresha amategeko yimigenzo ubuho habuze iki kugira ubu indero y’ikirundi yitabweho?

  • Nukura agacitsi kakera kavumbik umuriro nukur ni bon kub hari imyibutsa muduh kurubuga ok mer6

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.