Accueil > Poritike > Imigambwe > Abadasigana barongowe na Concilie Nibigira bihindutse Petero (...)
Abadasigana barongowe na Concilie Nibigira bihindutse Petero Nkurunziza
vendredi 8 Rusama 2015
Mu gihe hari hasigaye iminsi idashika itatu kugira ukwiyamamariza abazoja mu nama nshingamateka n’abazoja mu nama mpanuzwa jambo y’amakomine, umugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira wahinduriye umukenyuro CNDD FDD.
Uwo mugambwe bivugwa ko usanzwe ucuditse na CNDD FDD uri ku butegetsi, ukaba washikirije itangazo abarundi n’amakungu, ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kidakurikije amategeko, ko na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, yabirengejeko uruho rw’amazi, mu kuvuga ko umukuru w’igihugu atarakwiza ibiringo ahabwa n’ibwirizwa nshingiro, kandi iyo sentare nyene yivugira ko ikiringo ca mbere kitasa n’ibindi, ariko bemera ko cari ikiringo.
Ahabo, umugambwe w’abadasigana UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, uvuga ko utoshigikira ihonyangwa ry’amasezerano y’i Arusha, kandi uwo mugambwe wabaye uwa mbere mu kuyaterako umukono. Uwo mugambwe kandi ugasaba abari mu myiyerekano, kuyigira ataco bononye, mu kwubahiriza amasezerano bahabwa n’ibwirizwa nshingiro.
Iryo tangazo uwo mugambwe warishize ahabona, rikaba ryashitse mu gihe ataminsi yari bwahere yaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ava muri uyo mugambwe, Concilie Nibigira umukuru w’uyo mugambwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, bivugiye ko atamukandida n’umwe batinya guhiganwa, ko yaba Petero Nkurunziza canke uwundi wese, bazohiganwa. Bakaba ndetse bagiye barabwira bamwe mu banywanyi babo, ko Petero Nkurunziza aboshaka kumutsinda, atahandi atari mu kazu k’amatora.
Abakurikiranira hagifi ibibazo vya UPRONA yemewe n’ubutegetsi, bakavuga ko vyogorana ko uwo mugambwe uva inyuma CNDD FDD, mu gihe vyagiye biragaragara ko umugambwe uri ku butegetsi wagiye ubashigikira rwose mu gushiraho inzego zisanzwe zirogoye uwo mugambwe UPRONA, zatumye mbere uwo mugambwe ucikamwo amashami, uruhande rugizwe n’abashingamateka nka bose bo muri uyo mugambwe, birukanwa mu ngoro ya UPRONA ku Mugumya. Eka mbere, hakaba hari n’abandi bemeza ko hoba hari ukudahuza mu nzego zirongoye uwo mugambwe muri bino bihe, na cane cane ku bijanye n’ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Ico cuka kibi kivugwa muri UPRONA ariko , Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe arabibeshuza.
Aristide Nizigire
Messages
8 Rusama 2015, 10:52
Biradyoshe cane, tera iyo sema itumva. Ahubwo yaribagye guharura cumi(10) avyita bitanu(5). Nukwiga ntiyize ntawize E.P.S yomenya guharura. Harumu président yambara ikabutura akaja mukibuga kumupira ahogutunganya igihugu akaguma ayayatira kugapira.
8 Rusama 2015, 11:14, par pp
UPRONA niww duhanze amaso gaba wigaze mu Burundi... Ndabasavy mwirukane uwo mu congo man umugabwe usubire kuba umugabwe.
8 Rusama 2015, 11:37, par Ndayisenga
Noneho UPRONA birayiburiye ubuho bazegamirahe?burya bibagiye kahise kabo kavuba ko bikuye kuwahora abashigikira nibigire rero kuko nutwo dutebe bari bafise ntawo bazosubira kuronka canke bazi ivyo bagize vyoba vyaribagiwe
8 Rusama 2015, 12:45, par mercie ange
toutes mes felicitations, nari natangaye! imwaka wamaze ukorera iprona yakera n ubuntu warufise n ubukristu bwawe. mais sinigeze nihebura narinzi ko uriko urakina jeux abo ba dd kuko bari bagufashe burwati ariko ubu nta bubasha nabumwe bagufiseko. hasigaye ko usaba ikigongwe abarundi wahemukiye bakicwa ataco bazira kuko wari watinye kubabera mu kibanza. moi, personnellement ,je te comprends et je te pardonne ariko utere itambwe usabe ikigongwe abarundi naw ubohoke k umutima ubohore n uruvyaro rwaw. imana ikuje imbere.
8 Rusama 2015, 12:48, par Bizoza
Womugore Azopfanabi Uwomukongomani Gaston Vubu Arasubira Iwabo
8 Rusama 2015, 13:08, par niko james
bahenda nde ? ntihagire nuwusubira kubumviriza izo mburakimazi ingorane dufise nimwebwe,
8 Rusama 2015, 13:08, par niyonsaba erneste
yemwe amakungu nave hasi adufashe kuko twarushe
8 Rusama 2015, 13:44, par Aloys
ntakwiyumvira bagira kndi kuma radio amwamwe
nunva mu makuru yinkino bavuga ngo yatsinze 3buts wenyene hama uburundi bukama butsindwa kandi dufise meilleur butaire ntiyoheba ico kiringo agakina umupira gusa?
8 Rusama 2015, 14:11, par christphe
tres interessant
8 Rusama 2015, 15:11, par Bizohinduka
Reka dufate ko ivyo Concile yagize yabigize kubwo gutinya kwicwa.rero natere iyindi ntambwe baje hamwe n irindi shami baje hamwe ariko Gaston nimba ari intambamyi bamufute mu mugambwe akurikire abo ba dd biwe.
8 Rusama 2015, 15:11, par Rupande
Aho rero bagira batubeshe, ubwenge bazi ngo babusumvya nde?
8 Rusama 2015, 15:27, par JB
Mwebwe mweeeese mwishira mukibanza c’umuntu mukavuga ivyo atababwiye canke ivyo mutakoranye, mukavuga ngo naka yegamiye aha canke harya,mukandika amajambo aryanisha kandi yerekana inzigo mufise mu mitima, reka ndabibutse ko ataho mutandukaniye n’abo turiko turagwanya muri iki gihe, kuko kwica bifise insigiro nyishi, murirabe rero mu majambo yanyu, mu mitima yanyu, kuko nawewe wifuriza inabi uwundi muntu, uri umwicanyi nk’abo bose
Wibuke ko uzobibazwa, wemera imana utemera imana, nuko bimeze
8 Rusama 2015, 15:37, par Gaspard
Iyo bumrnya umwe bwari ikindi. Aho Concilie abonye ko Peter bigire bimutekurukane none ariko arondera inziri yo kurondera ibibanza mu bazomusubirira. Twarabahinyuye!!!
8 Rusama 2015, 15:47, par emwe
concioiya yaragutse ni mushiki wa ndakugarika ico nigihemu nigihemu cumukecuru ..ntitumwemera nkabanyagigu niyo twamesa aba dd nawe tuzomujanirana
8 Rusama 2015, 15:48, par oya
jewe haribintu ntunva. none ko porona ya conciliya yaherekeje peter kudeposa ama dossier ni biki. ahubwo ni fente concililia ariko aragira. barasara sha none ko onu yavuze ko amatora yokwigizwa inyuma peter nabiwe bavyanse, ndababwire tuzopfa amakungu Araba. None birasiga ubwenge ninde ashoboye gu stopa uwo mugwayi peter. Raba iyo fotos cest un malade mental. Ariko yemwe nta gisoda dugifise turagusavye utugarukire Buyoya, nayo Gaciyubwenge we ni Gaciye ubujuju
8 Rusama 2015, 16:33, par wewe
wewe utukana ntakimazi. hoo!
8 Rusama 2015, 16:37, par tonny
concilia nagum hamw ivyo kutambatamba bisigur iki?abaz igiswahili bavug ngo" mupenda tuwili kamoja kamemuponyoka,"acemer amosha yokwicamw 2 ntiyabon iyobija.nagabany itama kuk ivyiw birahari Imana yarabimwandikiye.ah ashak kub aritanga uwuzotsinda ac mubwir koyar yiyonkoy kumugambwe CNDD FDD!aribesh tu!!!
8 Rusama 2015, 19:49, par CHICHI
gaston numurundi kandi azicakora komera gaston m wibuke ko kizira kwifatanya numuntu adashaka iciza
8 Rusama 2015, 20:09, par Kirinyota
Ico bikora tant que Uprona sera dirigé par ces gens concilia, gaston... bazombaza, nta jwi ryanje bazosubira kumbonako. Nahora mpfa guhumiriza nkabatako. Mais sans unification? Jamais de la vie
8 Rusama 2015, 20:40, par ndabihayimana
concillia ivyiwe birazwi kwari abavyara ba cndd-fdd nareke inkinamico.
8 Rusama 2015, 21:35, par gishubi
Nivyiza cane aboberetsakarorero abandi
8 Rusama 2015, 22:32, par Love Moses
Ameze nk’abandi banyepolitike benshi gose bo mu Burundi na Afrika, turi kw’ishule tubiga. Burya baharanira inyugu zabo, bazopfa bose ntibazibukwa. Ni aba malheureux bambere kw’iyi si ku mitima yabo.
9 Rusama 2015, 07:55, par ne
ayo n’amanyanga n’irementanya vyabo ntawotebako
9 Rusama 2015, 11:56, par Rutembere
Oyéé ! Abashingantahe baramaze kwitaba urw’abagabo nayo ubundi mu Burundi nta Bantu b’Ijambo bagihari. Mbega Rwagasore agarutse mwomubwira gute? Iyo murimwenye ntasoni mugira ukuntu mwiyita :"Uprona yokwanaka ?". Ariko ntagitangaje ngo:"wiba uhetse ukaba uriko urigisha uwuri mu mugongo ". Komwabikuye mub’abavyeyi banyu. Nimuhinduke mwikubite agashi ,muje ibuntu.
10 Rusama 2015, 04:55, par Toto
Mbega UBugome ABantu Mufitiye igihugu bugarugirahe amaronko gusa mugatuma amaraso aseseka
10 Rusama 2015, 14:00, par sweddy
Ahaaaa harajw ubwo unomunsi hari hasigay amasaha make ni ho ubwenge bwagarits???? Reka KO mwemey kuyajamwo muze tubatsinde impaga.2010 ntimukiyibuka? Tur baband nye ne:"irarara".
10 Rusama 2015, 18:41, par citeretse christian
ewe nibigira shaa,ego wibutse gutera umusure wamaz kwigurukira!ivyo ukora vyose noguhanura gusubiza umugambwe benewo!
10 Rusama 2015, 22:02, par Daniel
Kirazira Kikaziririrwa Kuniganwa Ijambo Bamushigikiye Nivyiza Batamushigikiye Naho Nibabivuge Bareka Gucisha Hirya No Hino.
10 Rusama 2015, 22:50, par kazungu
abantu mugifitiye icyizere uprona ndababariye pe, Agaton na Alexi umwe yaba president undi premier ministre kuko nibo barundi bonyine musigaranye bavugisha ukuri kw’aho bahagaze abandi bose n’inda ziri imbere.
12 Rusama 2015, 07:24, par Celestin
UPRONA ya concilie ntibasubire guhenda abantu kobadashigikiy CNDD FDD ahubwo
bariko bahenda abantu ngobabatore ariko abanyagihugu bamenye kuwuzobatora azoba atoy ubwicanyi,ubusuma,esclavge kk azoba atoy CNDD FDD ntaho bitaniy turabazi ivyabo bihagij
12 Rusama 2015, 07:24, par Celestin
UPRONA ya concilie ntibasubire guhenda abantu kobadashigikiy CNDD FDD ahubwo
bariko bahenda abantu ngobabatore ariko abanyagihugu bamenye kuwuzobatora azoba atoy ubwicanyi,ubusuma,esclavge kk azoba atoy CNDD FDD ntaho bitaniy turabazi ivyabo bihagij
12 Rusama 2015, 15:17, par Gipisi
Emwe Reko Batangare Abo Bagumyabondo Barajwe Ishinga Nukumanyagura Imigambwe
Ahubwo Concilia Nakomeze Arungike Abiwe Mumyiyerkano Azob Ysubij Agateka
12 Rusama 2015, 21:25, par kar im a n z ira
Ti ba he n d e. A b an tu
12 Rusama 2015, 22:47, par burikukiye
ni bareke ku burgiza abadasigana canne nibemere KO bâ tsinzwe bave mwi higanwa kanatsinda basambuye umugambwe wa bandi.
13 Rusama 2015, 08:56, par GAHINZI
Reka Concilia kubesha amakungu. Kuva kera muri 2010 mu myiyamamazo bavuga ngo :"agakecuru kanje kandekere nakagunze nkareba " harya bavu wewe baribazi ico uzobaviramwo. Umugore ashikiriye menopose aba gito pe
12 Ruheshi 2015, 15:47, par ALEX
NTACO TUZOBA