Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Abanyagihugu basabwa kwijukira gutera ibiti vyinshi
Abanyagihugu basabwa kwijukira gutera ibiti vyinshi
samedi 8 Ruheshi 2013
Umushikiranganji w’ibidukikije arakenguruka ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije mu kiringo c’amazi atandatu twarangije.
Epimaque Murengerantwari, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko imigambi yaranguwe ari iyo gukenguruka. Ku kibazo c’amazi arenga inkombe akonona amabarabara rimwe na rimwe n’amazu akabomoka, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bamenyesha ko bafashe mu minwe ico kibazo, ko bariko barakora ibishoboka naho bahora bahura n’ikibazo c’uburyo kuko mu gikorwa nk’ico hakenerwa bwinshi.
Epimaque Murengerantwari arangiza asaba abanyagihugu kwijukira gutera ibiti vyinshi kuko bibangamiwe n’ababica bashaka kubicanamwo amakara.
Twobibutsa ko muri ubwo bushikiranganji bamenyesheje ivyo mu gihe mu Burundi twahora mu ndwi yahariwe ibidukikije, aho ibikorwa bitandukanye vyatunganijwe muri ico gisata.
Mariella Bukuru