Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Kinyinya : Abanyagihugu bijukiye gukingira ibidukikije
Kinyinya : Abanyagihugu bijukiye gukingira ibidukikije
jeudi 8 Nzero 2015
Ubukene bw’inkwi bwari bumaze iminsi bwugarije abanyagihuguba Mayanza muri komine ya Kinyinya intara ya Ruyigi, bwahagurukiwe n’abanyagihugu b’iyo komine.
Abanyagihugu rero bo kuri uwo musozi wa Mayanza, bakaba baciye bafata umugambi wo kuja mw’ishirahamwe ryo kurwiza ibiti ku misozi, iryo shirahamwe ryabo rikaba ubu rifashwe mu mugongo n’ikigega c’Ububirigi kijejwe umutekano w’ibifungurwa. Nk’uko abari muri iryo shirahamwe ku musozi wa Mayanza babivuga, amatuta y’ibiti bigera ku 39700 aramaze gutegurwa.
Félicité Ndagijimana na Jacqueline Muhitira bari muri iryo shirahamwe barashimishwa n’umugambi wo kurwiza ibiti, bakizera ko ubukene bw’inkwi bwari bubarembeje bagiye kuzobusezerera muri kazoza. Basaba ko n’abandi bo kuyindi mitumba batokwishinga gusa kuyambura, ahubwo bakamenyera no kuyambika ibiti, haba mu gukingira ibidukikije co kimwe no mw’iterambere ryabo.
Aristide Nizigire
Messages
11 Nzero 2018, 20:59, par Niyonziza Ezechiel
Andika hano: Idukije dutegezwa kubingira atankomanzi,nacanecan ababijejwe.
10 Gitugutu 2018, 21:11, par riyayimana josepf
dukwiyekwirindanumurir wanyakanga kuka arimubihonya ibidukiki je ,mumubonye uwoturiy mukabwira babijejw