IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Burundi : Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe igiti

Burundi : Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe igiti

dimanche 15 Kigarama 2013

Umunsi wahariwe igiti warahimbajwe mu Burundi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Kigarama. Ibirori vyo kuwuhimbaza bikaba vyabereye mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Kirundo, Ngozi na Bujumbura. Abarongozi b’igihugu, uhereye ku mukuru w’igihugu nyene icubahiro Pierre Nkurunziza, bakaba bifadikanije n’abenegihugu bo mu mihingo itandukanye y’Uburundi.

Mu guhimbaza uwo munsi, nyene icubahiro Pierre Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yifadikanije n’abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke na Bubanza. Kuri uwo munsi, haratewe ibiti birenga ibihumbi 30 vy’igereveriya ku nkengera y’uruzi Kagunuzi, muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke. Mu ntara ya Bubanza, umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza , yifadikanije n’abenegihugu, barashoboye gutera ibiti ibihumbi 130 vy’imikaratusi ku mutumba Murama wo muri Komine Gihanga, zone Rugunga.

Ihimbazwa ryuwo munsi mukuru rikaba ryari rifise icivugo kigira giti: “ Dukingire imisozi ihanamye, turwize umwimbu twongere turwanye ihindagurika ry’ibihe”. Mw’ijambo rijanye n’uyo munsi, Pierre Nkurunziza, yaribukije ko ugukingira ibidukikije bitegerezwa kuba umwitwarariko w’umuntu wese kuko ibidukikije ari ngira kamaro cane ku muntu. Yagize ati: “…no mu ntango, Imana yabanje kwitwararika ibidukikije imbere yo kurema umuntu…”. Umukuru w’igihugu yarongeye arakebura avugako mu nteguza zerekana kazoza harashobora kwaduka intambara zivuye ku mazi kubera ibidukikije bitabungabungwa bikwiye muri kino gihe. Yarasavye abaraho, atera n’akamo amashirahamwe, kwitaho gukingira amashamba.

Kuri uyo munsi nyene, harahawe igikombe n’urupapuro rw’iteka amakomine yabaye aya mbere mukwitaho no mu gukingira ibidukikije muri Cibitoke na Bubanza. Mu ntara ya Bubanza, Komine Musigati akaba ariyo yahawe ako gashimwe. Mu ntara ya Cibitoke, ikomine yaje ubwa mbere maze ihabwa agashimwe akaba ari Bukinanyana.

Ibidukikije, na cane cane amashamba ya Reta, arageramiwe n’abacukura amabuye badakurikije umutegeko. Ishirahamwe ry’abagenzi bibidukikije rikaba ritanga akarorero k’ishamba ryo muri komine Songa mu ntara ya Gitega. Ivyo rero bikorwa izuba riva, hahonyanzwe ingingo ya 36 mu gace kayo ka mbere, aka kabiri n’akagatatu k’amategeko y’ibidukikije. Ivyo bikaba bivurwa na Mamert Sabushimike, umukuru w’ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.