Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri isaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro yosubizwa iyo yaje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC Ikibiri isaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro yosubizwa iyo yaje (...)

ADC Ikibiri isaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro yosubizwa iyo yaje iva

vendredi 6 Kigarama 2013

Umukuru w’urunani ADC Ikibiri amenyesha ko imyiyerekano iteguwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama, yerekeye abarundi bose, na cane cane ko iryo bwirizwa nshingiro bariko biyamiriza rizogenga abarundi bose.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Léonce Ngendakumana avuga ko naho inama nshingamateka yahamagaye abari mu migamwbe co kimwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike kugira bige zimwe mu mpinyanyuro zaryo, avuga ko ari ibihendo kuko hari inzira zizwi kandi zitegekanijwe n’amategeko mu gikorwa nk’ico gikomeye, co gutegura ibwirizwa nshingiro.

Umushingamateka Léonce Ngendakumana abandanya amenyesha ko muri iyo myiyerekano bamaze kumenya ko hari abantu bariko baritegura, kugira baze kubatobera, aho akavuga nk’abashobora kuza bitwaje inkoho maze barase hejuru kugira bace bavyagiriza ikibiri, eka aravuga n’abandi boba bariko barategurwa kugira baze bace bakoma induru ko baje mu bintu batazi, ko bahenzwe n’abagize ADC Ikibiri kugira babatobere. Kuri ivyo vyose, Ngendakumana Léonce avuga ko bavyiteguriye kandi ata n’umwe azobatobera urugendo bateguye.

Tukabibutsa ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yahakanye gutanga uruhusha rw’iyo myiyerekano, aho avuga ko ari ibintu vy’akajagari. Eka n’inzego z’igiporisi n’iza gisirikare zikaba zaramenyesheje ko zizokanura maremare, kugira iyo myiyerekano ntibe. Mwitangazo ryasomwe n’umuyobozi mukuru w’igiporisi, yavuze ko iyo myiyerekano isa n’imigumuko mu gihe bayagiriza ko yoba ifise n’intumbero yo gutembagaza inzego.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nisunze ivyo Leonce Ngendakumana avuze birerekanye ko ivyobakora arivyiyumvirovyabo batabababajije abenegihugu kukontakuntu mwobamuvugako abenegihugu aribomuzobamurikumwe mwayomabarabara ngowongere uvugeko bazocabahindukira bagatera induru ngobavugengobarahenzwe! gusaandakwemeye kuko umwenegihugu yokwemera kubakurikira bamwe bamenyereye gukorana na Leonce bagacabazimangana nubundi bamaze kubonako intuguta ibayenyishi mwiryobarabara bazomutamwiryobarabara maze babenegihugu bobabemeye guhendwa bacebaterinduru ngotwarahenzwe kumburebitagishoboka, Leonce nimwirinde rero kujamurashohorera abenegihugu mubintumwebwenyene mwamazekubona kobishobora gukwega akarambaraye.

  • Biragoye mwakino gihugu cacu,ariko harigihe bizoteba bigahinduka,icombona co Léonce sumusazi nukuri,nomuhanura ko agwane urugamba rwiza cane cane ashire Imana imbere,Mbe nkwibarize bene gihugu nabahe?boba ari abo musangiye umugambwe gusa?Mbe iyo muriko muravuga ibintu mwandika haraho mwicara mikibaza neza ivyo muvuze?Mbega ko mwitwa abakizwa koko izina niryo?Icara mwibaze muti :iy’isi nzoyamako?Ivyo ndimwo Imana birayihimbara,Umukuru wigisagara nareke abandi bakore areke kwiteranya kubandi,ako kajagari hahahahaha ndabunvira ikigongwe,ariko ndabakunda pe kuko ntabakunze nofatw nkumwicanyi niko ijambo ry’Imana rivuga,ndabifurije guhinduka mwuzure urukundo gwa bene wanyu kuko nabo ba Léonce nabene wabo nabarundi n’abarundikazi Iguhugu muragisangiye sha pole sana,nimwabita ibijjuju ba Léonce namwe muzoba mubarusha ubujuju kubarusha iyo ninkebuzo,hinduka mumitima mureke abandi bakore hama mureke ubwoba niterabwoba ndabakunda,ngaho nimuhunge icaha kibunze kurugi,yambiiiii ndabakunda mwese mrc bene wacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.