Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC Ikibiri yagiriza Reta ko ifise iyindi ntumbero yo kubacamwo (...)
ADC Ikibiri yagiriza Reta ko ifise iyindi ntumbero yo kubacamwo ibice
jeudi 14 Munyonyo 2013
Hari umurwi w’urwaruka ruri hagati y’imyaka 20 na 25 bari mu nama, bakavuga ko bipfuza impinduka muri ADC Ikibiri. Abo basore n’inkumi bakaba bavuga ko batabona aho imigambwe iri muri ADC Ikibiri iriko irabatwara, ari naco gituma bashinze urunani rwabo.
Abo basore n’inkumi rero bakaba bari badugije amabendera y’imigambwe ihurikiye muri urwo runani, abandi nabo bakaba bari bambaye udupira twiyo migambwe, n’udutambara turanga imigambwe iri muri ADC Ikibiri, bakavuga ko biyamirije uguhendwa n’abarongoye iyo migambwe.
Ku bwa Chauvineau Mugwengezo avuga ko arongoye umugambwe UPD Zigamibanga akaba n’umunyamabanga wa ADC Ikibiri, avuga ko ivyo bitabatangaje kuko ari ingendo ya Reta yo gucanishamwo imigambwe. Abagize iyo nama ntaho babazi muri ADC Ikibiri, kandi iyo mitwe yose aho itekerwa, muri ADC Ikibiri bakaba bahazi, ari naco gituma ivyo ari ibije kugira bibasamaze, ariko ataco bishobora gushikako. Imigambwe nka yose yo muri ADC Ikibiri ikaba ifise udushami aha na hariya, utwo natwo tukaba ari kugira iyo migambwe ntishobore kugira inguvu zikwiriye kugira bashobore guhangana n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. N’aho biri ukwo rero umuvugizi wa ADC akaba avuga ko bipanze kugira baze bahiganwe n’umugambwe uri ku butegetsi.
Mugwengezo rero akaba avuga ko atangazwa no kubona abari baje kugirisha iyo nama bavuga ko bari muri ADC Ikibiri batigeze bakomwakomwa n’inzego z’igipolisi, qhubwo zari zibacungereye umutekano. Akavuga ko igihe cose ADC yashatse guhura n’abanywanyi babo bose bahurikiye mu migambwe bari kumwe batigeze boroherezwa n’ubutegetsi. Aha bakibuka ikubagurwa ryagiriwe abakenyezi bahoze bari mu nzego nkuru z’igihugu nka Marina Barampama yabaye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Faraziya Bigirimana yabaye umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro, n’abandi.


Umuvugizi w’ADC Ikibiri rero akaba amenyesha ko muri aka kanya abo bariko biyitirira ADC Ikibiri kugira babacemwo utundi turwi, ubu bariko barashimirwa n’abari babatumye mu guhabwa amafaranga mu makomine ya Kinama na Kamenge, iyo urwo rwaruka rwari rwaje ruva.
Uburongozi bwa ADC Ikibiri rero bukaba busaba amabendera yari amanitse ahariko harabera iyo nama, kuko bashobora kuyakoresha mu busuma, bagaca bayasiga aho habereye ubwo bukozi bw’ikibi kugira buce bwagirizwa ADC Ikibiri. Ayo mabendera rero bagasaba abagiye barayabiba kuyabagarukanira mu maguru masha. Baremeza ko amabendera bagiye barabura atari make, akaba yagiye aribwa igihe baba batunganije ikoraniro, ayandi nayo akaba yagiye aramanurwa ku ngoro zabo.

Aristide Nizigire
Messages
14 Munyonyo 2013, 15:45, par sinzobatinya
Ndongozi z ’urunani ADC IKIBIRI shirubwoba turinyuma yanyu kandi turabashigikiye abonabo muminsi irimbere bazicuza
nibabure kwihangana kuko iyi ntwaro yaba dd iminsi imaze siyo isigaje bamenyeko bigiye guhinduka
bayamaze mukirundi bati.URAGOHOKA BWACA IBIGORI BIKERA
14 Munyonyo 2013, 21:35, par Coldman’Zi
Democratie mu gihugu, ni urugamba mu zindi. Malheureusement, ababuze ico bavuga baja gutober’abobabereye urumuri vyanse bakitabaz’amabuye n’imigere. Na rirya muzi abanywanyi banyu, abatovyi ni ukubasohora. Ku bwanje nkasaba abarongozi ba ADC-Ikibiri, imbere ko inama zabo ziba, babe bateguje BNUB hama banasabe Leta ababacungerera umutekano. Bareke imiryango yuguruye ariko babuze umuntu wese abatobera.
14 Munyonyo 2013, 22:04, par Hakiza
CNDD-FDD n’umugambwe ukomeye caaane, urimwo Abagabo na Bagore hamwe n’Urwaruka bicabwenge kandi bijunja n’ijambo,kubatsinda rero ntibizokoroha,ADC-IKIBIRI ikaguma uko iri ubu itarondeye iyindi migambwe ngo ibemyinshi ijehamwe ntaco izohanoba,uwokwihendawe n’umugambwe woza wonyene guhangana na CNDD-FDD wohatangarira,kuko n’imigambwe ubu ihurikiye muri ADC-IKIBIRI irabonako uwo mugambwe umwe rudende CNDD-FDD ataroho gutuma umwana ngo awutsinde.
15 Munyonyo 2013, 10:28, par ndikumana
abo ba dd ntawundi mugambi bafise atarugusambura imigambwe,nibateshwe bate," aho babukarangiye twari musi yurujo" nibareke konona ubutunzi bwigihugu,bakore ico bategerezwa gukora ku neza ya bose.
15 Munyonyo 2013, 10:49, par wilson ndayishimiye
Ic o nobwira ADC ikibiri ntimutinye kuko iyo ukwezi guserutse imbwa zirakuga arikoukwezi ntikureka kumurika komera
15 Munyonyo 2013, 18:11, par Ramadhan
"ADC ikibirimwe"barabahenzengw’INKONDO iravomateshwamutemuvekumugambwew’ABENEGIHUGUariwoCNDD-FDDwishiriwehon’IMANAbacumuganimuk’irundibati"USABIMANAUKANUYAMASO IKAGUHA IBIYAHUMA"
15 Munyonyo 2013, 21:37, par Richard
Hewe ba CNDD-FFF warabuze ihero ryimit aho rero urakenyeye ngomusambure bose na ADC ikibiri muteshwe mute,abinzara muzobahenda ariko nama nabivuze nti nanvura irwa idahita....aba ADC muri mu Burundi murihangana nkuko mwamwe mwihangana ngo ntawabaye umuhizi ataciye mubikomeye