Accueil > Poritike > Imigambwe > Aime Magera:’’ Abanywanyi bacu ntibaze bitabire amatora y’inkina (...)
Aime Magera:’’ Abanywanyi bacu ntibaze bitabire amatora y’inkina mico’’
dimanche 28 Ruheshi 2015
Mu mugambwe FNL wigenga bamenyesha ko amatora kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 29 Ruheshi adashoboka, mu gihe ahatandukanye, hvugwa amagrenade gusa.
Aime Magera umuvugizi wa FNL yigenga irongowe na Agathon Rwasa avuga ko amatora ariko arategurwa kuri uyu wa 29 Ruheshi ari inkina mico, kuko ku bwiwe, ayo matora ntashoboka mu gihe haguma hategwa ama grenade mu bice bitandukanye n’Imbonerakure. Asaba abanywanyi b’uyo mugambwe ko batohirahira ngo baje mu kazu k’amatora gutora.

Umuvugizi wa FNL yigenga asaba abariko baragira imyiyerekano kuyibandanya mu mahoro n’umutekano, ndetse no kuri uyu wa 29 Ruheshi, bagahamagarirwa kwitabira iyo myiyerekano. Ku bwiwe igikorwa c’amatora categuwe kuri uyu wa 29, n’igikorwa ca Petero Nkurunziza hamwe n’umurwi CENI, ico gikorwa c’ayo matora akavuga ko kidashobora kuzemerwa yaba mu Burundi eka no mu makungu.
Ariko kandi akavuga ko hari umurwi w’urwaruka rw’imbonerakure washizwe mu nyubakwa y’uburiro bita kwa Vaya i Kiriri, abo nabo bakaba boba bafise umugambi wo kwaka ubuzima Agathon rwasa, umukuru w’umugambwe FNL wigenga. Umugambwe FNL wigenga ukaba uri mu runani rw’imigambwe yagiye hamwe co kimwe n’amwe mu mashirahamwe ataho ahengamiye mu vya poritike, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mukuru w’igihugu, ahurikiye mw’ishirahamwe yise ARUSHA.
Uwo mugambwe umenyesha ko igisoda n’igiporisi batacizeranye, ndetse vyasambuwe n’mugambwe CNDD FDD, izo nzego zidashobora guhagarikira amatora yizewe na bose, abereye ku mugaragaro, kandi ataho ahengamiye, ugasaba amakungu, gufasha Uburundi, mu kuva muri izi ngorane za poritike zihanze abarundi.
IGIHE
Messages
28 Ruheshi 2015, 09:27, par vocha
bose ni bayavemwo hasire cndd fdd yonye nabo bacuditse
28 Ruheshi 2015, 09:35, par VITAL
RARIK’ABOBAGUMUTSI BANYU NYOMBA MWITWENGA NYABANWANYI MUBAKUYEHE UWABAROZE YARITONZE
28 Ruheshi 2015, 09:37, par GAHUNGU JEREMIE
NIBAREKE TWITORERE MAZE IJO BAMARAMARE,UMUSIBO UYUSI
28 Ruheshi 2015, 09:45, par Bucumi
Nibahumure ntawe bariko baraka ubuzima bazoba bamuboneye hehe,kazima mwamaze kubimenya bati IYIKUBURIYE NTIBA IKIKURIYE komera mutama Rwasa warapfunywe nti wapfuye abo bose ubashire kuntoinde zabazinduka bitaba ubutungane izo nazo ngo n’imbonerakure abanyagihugu tuzoza tubabereka ati iyi niyo mwama mufata sivyo ga mutama wanje Rwasa? Noneho barabura ico bafata nico bareka babonye ko impamba yahamburutse.
28 Ruheshi 2015, 09:46, par ruzoviyo
tuzoja gutora, ubwo amajwi yanyu tuzoyaha abandi bari 2emme choix. ariko duterere mukubaka uburundi.
28 Ruheshi 2015, 10:00, par rutumo jean
ngo abo banywanyi mufis barihe. maramare muhore hanyuma muzoharure abazoba basivy nibo banywanyi muzoba mufise. mwa mbwa mwe.
28 Ruheshi 2015, 10:52
Nukonyene
28 Ruheshi 2015, 11:01, par Melchiade
Vyakabura Aracambara Umugambwe Wa Fnl Kandi Agereye Mumizero Y,abarundi Amatora Azoba Iciza Mwoyitaba Iyo Bateguriye Kwica Rwasa Kuva 2010 Gushik,ubu Ntarapfa?
28 Ruheshi 2015, 11:02, par Féfé Rgi
nukuyaheba kuk atarimwo bos.
28 Ruheshi 2015, 11:03, par Féfé Rgi
nukuyaheba kuk atarimwo bos.
28 Ruheshi 2015, 11:47, par fidelité
Mbega aime ivyo yivugisha ni ibiki?Rwasa ngo bamwake ubuzima,mbega ubu ko ari intare yahongotse amenyo twobatumushakako iki?mwa bijuju mwe vy’ibi FNL niko mwamye,muzi neza ko ata banywanyi mugira ngo ntimuzoje gutora,murareka,vous représentez qoui abo kwa gwasa?Rien du tout,iyihongotse arimwe ntibuza izindi gukwaza.Seulement ivyo widedembesha ngo kwa Vaya hari imbonerakure,mwa babo mwe mwitonde mukatwicira kandi aba jeunes turabimbira ntimwihende ngo turabareka,hagize uwupfa uce uba urahungisha umuryango wawe,wa kigugu we vyakunaniye kugira formation nimwe mushaka transition ,cira birarura.Muri ibigugu vyo kwa Rwasa,Jacques yabatwaye bose igihe mwaja kugira coalition na buyoya ,vraiment mwari mwiteze iki?Maramara neza amatora ntayo mwari kujamwo ata banywanyi mugira
28 Ruheshi 2015, 11:50, par desire
CYANECYANE UBUZE
ABANA BAWE ,WAMUNYA
GASUZUGURO WE, NGEWE
NDABEMEZE NDIMO KUVA
MURWANDA NJYA GUTO
RA, TWESE NTABWO TWA
BIMPUNZI KUBWANYU MWA
BAREZI MWE! UTEGEKE U
MUGORE WAWE NABANA
BAWE NIBO UFITE HO U
BUSHOBOZI, FUNGA UWO
MUNWA WAWE UWUHE IND
ERO SHAPETI WE.
28 Ruheshi 2015, 11:51, par Manwa
Magera, wewe ngira warize. Murongeye kubeshwa n’abatutsi. Wewe reba neza. Nta mu tutsi n’umwe adashigikiye imigumuko sauf uwurikumwe n’aba DD. None abo batama ba Charles vyanse ko bikuramwo ivyo bariye durant 50 ans, n’ubu baguma bibaza ko ariko bikimeze? Oya ntibigishobotse. None ubu babashira imbere comme rideaux kugira bikureyo ngo barikumwe n’abahutu benshi. Muriko murarwa mu rudubi. Nta nzira n’imwe yaba guturira ama pneus, canke ingwano bizobashikana ku ntwaro atari amatora. Eh mama ngo abayatunganya ngo n’aba leta, eh mama ngo yaribwe. Mbega wovugako amatora yibwe ataranaba? Barababesha. Ikimbabaza n’ijwi nataganya kuguha mais nzoba obligé kuriha Peter. Muramaramaje, murateye isoni n’ubwoba. Ntimuzongere kuguruka ngo mudushakako amajwi. Sinzi ubwenge bwanyu aho bugarukira.
28 Ruheshi 2015, 12:10, par VITAL AMZA
KUWIKUYE MUMATORA NATWE TURAKUVUYE INYUMA TWOKUGIZE UWAMBE NONE URADUHEMUKIYE NARINZI NGO ECOFO IRAMVUYE INYU!!!!!!
28 Ruheshi 2015, 12:28, par Gad
Nimube,mumaramara Neza,komwamamubesha Abarundi,ngomugombakwicwa,mubonamunaniranyemwebwe Ihangane Mandayanyu Ntiragera
28 Ruheshi 2015, 12:30, par 69
ariko aime magera ntasoni ushobara kuvugak imbonerakure arizo zitera ama grenade mugisagara cose,kandi ziterwa Aba Police Bigihugu?Sha Mwebwe Amakungu Nabarabe Neza, Amatora Nayo Nejo Mugatondo 6h00.Mwebwe Politik Yabananiye Reka Abarundi Twibere Mumahora.Nukubasengera UHORAHO Abagarurire akenge.
28 Ruheshi 2015, 12:52, par rashaad
Imbonerakure muri ibijuju agato gwasa tuzo mutora ijana kwi jana
28 Ruheshi 2015, 13:35, par Mumpe
Ewe magera none uwokubaza amatora mwoba mwarigeze kujamwo nayahe? numa ntavyawe
28 Ruheshi 2015, 15:27, par philemon
nukuri ayomatora ntabaho nyakubahwa Agatho Turinyumayahe Ok
28 Ruheshi 2015, 15:56, par Emmanwel
Imana.Niyomyeningaba.Imureke.Uwoimana.Izotora.Abe.Aturongora.Mumutekano..Musenge.Iamana?
28 Ruheshi 2015, 16:00, par Remy One
ngotuje mwibarbra gayemwe none tumazekujayo sintambara zizoba ziyongeye kuzindi,unukene, amagrenade n’amasasu birarembeje umunyagihugu muto ataco azira, abanyeporitike nimukunde igihugu Imana yaduhaye kubuntu,nimuhagarike gusesa amaraso ya Barundi.
28 Ruheshi 2015, 17:06, par masabo
Iyaba warufise na bakeya basi!! Rwasa niwe asigaye agira inkinamico gusa haha
28 Ruheshi 2015, 18:23, par CIZA
AYOMATOR NTITUZAYAJAMW KK NISIYOS NTAWUYASHIGIKIY KAND NTAWOJA GUTORA ABANDI BARIKUWPANDA KUBWIVYO NAGIR NSABE ABARUND BOBENIGIHUGU KOBOTEKANA AMATORA MEZARIKO ARATEGURWA HARYA RERO@UWUTARABIRWAGARAMYE YIBAZANGO IJURURIRIHAFI@ KANDI$AMATWI Y’IMPENE YUMVAYOKEJE$
28 Ruheshi 2015, 19:24, par claudine
Magera abarundi bayamaze bati: buzire ndabwirire....rero twebwe tuzotora kuko mwebwe kuva na kera nta matora mushasha emama ngo yateguye nabi emama ngo mandat none ejo ari vya mandat birimwo?muri ibijuju
28 Ruheshi 2015, 20:18, par mutwe
Rwasa mwomutor gute kandi adashak no kuja mu matora kumbura mumuhanure yagiye kwiyunga na uprona aho bitigeze biboneka
28 Ruheshi 2015, 20:22, par SOSO
Mbega abo bicanyi amatora bategura atanumwe ayizeye nabanyina babonkeje barayimirije azovamwo iki? nsavye nshimitse nyina wa nkurumbi .nyina wa bigirimana na nyina wa gaston basegure amabere yabo baheze bavume abo bahungu babo kuko bataye u burundi bwacu dukunda mu manga .bariko batamba kumivyimba y’abana bacu president nkurumbi yishe ! a dieu mugabo nkurumbi uwicishije inkota nawe niyo imwica wibuke kakana wica kaguhuyeko .wibuke udukecuru twutubikira umusazi wapfunze aho gupfunga karya kabwa adolphe .ngo amatora azoba meza! uragapfa wikoreye ivyaaaatsi
28 Ruheshi 2015, 20:33, par Iribuka
Nibarize Uwiyita Felicita wibwira ko ari wewe uzi kwandika wenyene .ibijambo vyawe bitagira agaciro ntaco bizohindura mbere jewe mbonye akadirisha kuzuyemwo ibijambo bitagira ikimazi sindanabisoma .ABACIRA URUPFU NYENICUBAHIRO RWASA ,ICIZA NDAMUBONERA NIYIYAHURE N’IMBWA ZACU NTIZOKWIMOTEREZA UMUVYIMBA YABO,kuko aracabatetse imitwe ,ICODUSABA OPOSITION NTIHIRAHIRE NGWIHENDWE NGWISUBIRIYE MUBIGANIRO NABA DD
28 Ruheshi 2015, 20:35, par evelyne
mbe magera wumvisek umugamb wany kobawutway sha aba DD vyabananiy kubra ivyo bashiz mumashin yab babonyek bohinyuk rwasa atarimw.bac baronder uwo baherez amahr kugr bawu déclaré KO wagiy mumator asha mwigumy kuk birabagoy aba DD.
28 Ruheshi 2015, 20:37, par evelyne
mbe magera wumvisek umugamb wany kobawutway sha aba DD vyabananiy kubra ivyo bashiz mumashin yab babonyek bohinyuk rwasa atarimw.bac baronder uwo baherez amahr kugr bawu déclaré KO wagiy mumator asha mwigumy kuk birabagoy aba DD.
28 Ruheshi 2015, 21:59, par Billy
Komera Mutama Tukurinyuma Izonkinamico Nazo Zizokore Ivyazo.Arko Impera Nimperuka Bazobibona.Kandi Dushrimbereamasengesho???!
28 Ruheshi 2015, 23:17, par wizanibih
tuzoba tubiraba kabisa. www.afrototality24.com
amakuru mashasha.
30 Ruheshi 2015, 00:01, par mutabazi
Uyu Magera muzi anywa ibiyeri kumuciruzi w’i Rwanda i Bruxelles witwa Basabose . Nakomeze hanyuma yijugunye muri Canal (uruzi) kuko ntakindi ashoboye usibye inda y’inzoga
30 Ruheshi 2015, 17:40, par Christophe
Amtora Murkigih Ntashobok !
6 Mukakaro 2015, 20:19, par Ndavna
Natwebwe Abanyagihugu Turiyamirije Amatora Y’inkinamico!
17 Mukakaro 2015, 20:50, par ACI
JEWE,NTAVYOMBO
19 Mukakaro 2015, 09:20, par Nkurunziza
Komera