IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Amwe mu mashirahamwe yagabishije ku myiyerekano idasanzwe

Amwe mu mashirahamwe yagabishije ku myiyerekano idasanzwe

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Abanyagihugu bose bahamagirirwa mu myiyerekano mu gatondo ko ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 26 Ndamukiza, hamwe mw’ikoraniro ryo kuri uyu wa gatandatu ry’umugambwe CNDD FDD ryotanga Petero nkurunziza nk’uwuzitoreza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abari mu mashirahamwe atoho yegamiye mu vya poritike, imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, Abagumyabanga ba CNDD FDD banse ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza bakaba bagabisha ko bose, ko bazoshwabaduka, bakihereza amabarabara, igihe batazi, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC rurimwo amwe mu mashirahamwe ategamiye poritike, ati :’’ Twibaza ko impembo Petero Nkurunziza azohemba abarundi atari iseswa ry’amaraso, kubera ikiringo ciwe kigira gatatu, kandi twamutoye kabiri, tukanamuha uburenganzira bwo kuzoja mu nama nkenguzamateka gushika imyaka yose azomara kw’isi’’.

Ikoraniro ry’umugambwe CNDD FDD rero rikaba rizobera mu gisagara ca Bujumbura, mu ngoro y’uwo mugambwe, kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, nk’uko twabisomye mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe. Kugeza ubu, amakuru ava muri CNDD FDD, ntibavuga urutonde rw’abazohiganwa, ndetse ntibanavuga n’abo batumiye muri iryo koraniro. Ikizwi n’uko bamwe mu birukanywe muri uwo mugambwe hamwe n’abanse ikiringo ca gatatu, batatumiwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • None Tugire Dute?Tubirorere

  • Barundi Ncuti Z’uburundi,kugaragaza Akababaro Sibibi,ariko Turabe Ibihe Turimwo.Duhiriw Duhishije Amatora Arageze Twitorere Indongozi Twipfuza.Uwushaka Kwitoza,aciy Kubiri N’amategeko,hari Sentare Y’ubahiriza Ibwirizwa Nshingiro N’umugwi Ujejw Gutegura Amatora Izo Nzego Zizobidadanura Tutarinze Gukirana Ngo Dusige Imiryango Kungoyi.Ba Vital N’abandi Canke Nkurunziza Bompi,barujuje Ama Compte Ntaco Bibatwaye Kuko Imiryango Ubuzima Bwobandanya.Murakoze!

  • ndabaramukije, amahoro y’Imana abane n’abarundi. jewe sinshigikiye ikiringo ca gatatu, mugabo rero kuneza y’igihugu, uwo peter nimumwihoze iyo myaka itanu ihere turabe ikindi azokwitwaza. ndasaba opposition ahubwo ko yakwitoza bikwiye kugira ije muri parlement, muri gouvernement n’ahandi hose maze en 2020 niyagomba guhindura constitution ntaze aronke amajwi. turarambiwe kwama twiruka imitima ihagaze, nahubundi yaba opposition canke mouvence, mugihe homeneka amaroso, azobazwa mwese ntimuje aho ngo mwibaze ngo bizokwijana. VITAL RERA GUHAMAGARA IMIGUMUKO KUKO NTACO iZOSHIKAKO ATARI MUMENA AMARASO Y’ABARUNDI INUTILEMENT. IMIGUMUKO TUZOYIKORA EN 2020 MUGIHE YOSHAKA KANDI KWITOZA KUKO NONEHO NTANAHAMWE AZOBA AFISE AFATIRA KUGIRA AGUME ASHAKA GUTWARA.

    zari impanuro z’uwifuriza abarundi bose atawuvuyemwo amahoro, iteka n’itekane.

  • MUSHWABADUKISHE N ABAHUNGU N ABAKOBWA BANYU APANA GUHAMAGARA ABO MUTA MUKAGA ABANYU BATARIMWO,IYO MUHAMAGAZA AKAGUMA BAMUVUGA MUTI AKARORERO NITWE TUZOKABEREKA TUZOTONDANA N IMIRYANGO YACU. ABANDI MUDUKURIKIRE.

  • NIMUZE TUGIRE RESISTANCE NTACO TUZOBA KUKO NI ABIYAHUZI NTA TEGEKO BAZI DES VOYOUS SANS NOM

  • IKINDI HARYA UGIYE UKARABA WASANGA ABAHAMAGARIRA ABANTU MUMIGUMUKO ARI ABAMAZE KURUNGIKA ABAGORE N’ABANA BABO HANZE. UMUGANI WA KAGAME " BARABASHUKA= BARABAHENDA".

  • Yezu gira ico ukoze uvugire mumutima wa peter ahebe 3mandat ahandi hoho turageramiwe!ingorane nuko ari twebwe bâ nyarucari tuzogira ingorane!

  • JEWE NSISHIGIKIYE IYO MYIYEEKANO KUKO ABO BAGABO BARADUHENDA....
    MURAGENDA NTITURI KUMWE KUKO NDACAKENEYE KURERA ABANA BANJE

    MBEGA UWO PRESIDENT YITOJE HARIVYO VYONTWARA...MUREKE YITOZE HANYUMA TUMWIPIMEKO TURABE KO TURI BENSHI TUDASHAKA IKIRINGO NTITUZOMUTORA HANYUMA TURABE INGENE BIZOGENDA ATSINZE AZOBA ASHIGIKIWE NA BENSHI NTAKUNDI MUZOCE MWIHANGANA.

  • Nta migumuko, nimushire ku ruhande, kuko Igisoda na Police ni Cndd-Fdd gusa kandi nibo bari ku ntwaro. Rindira murabe ingene baburiza ama kamyo nimba iyo nama n’iyo myiyerekano bizobera vyose i Bujumbura. Kandi uwuzofungwa aramenya ko ari imyaka itari munsi y’i 5 mbere yuko awusohokamwo.
    Vitali nimba yizigiye igisoda ca Communaute internationale, aramenyako abo bashika aruko abantu batanguye kwicana hagati yabo, kandi simbona ingene igisoda na police vya Cndd-Fdd bokwubahuka kwica bazi neza ko bobihanigwa ukuri. Nimurondere ayandi ma strategies nayo ivyo kurungika abantu mw’ibarabara mubireke. Bazoza barakuramwo abo bashaka, hanyuma abandi babihoze kuko bazi neza ko Mpimba na prison y’i Muramvya bitokwiramwo bose. Mugabo sindabaciye intege murazi ko turi muri demokarasi, ndakora ico kubavunira urugohe kuko nzi neza icarico ibohero kandi ko nabagiyeyo atari nkana nbo bagaruke.

  • kura ubwoba ngaho hari uwuzomara imyaka ijana kwisi, ha gupfa mu mutima na torture wopfuma ushikayo. namwe mwumva ubwoba murareka umwe wese n’ico yumva mu mutima ntawe bazokura muhira, ubugabo burihabwa kandi nyakubahwa RUFYIRI yarayamaze ati " wanka gusesera amaraso igihugu imbwa zikayanywa kuri gusa" rero uwanka ivyo niwe atumiwe. bayi

  • arivuze ntankeka tuzovyiyamiriza biguma canka vyoroha .....

  • oa kweri peter yaratugaye. mbe ndababwira akaramuka avuze ko azitoza mukamureka mwese abarundi nukuba murategura aho muzohunira. Mbega mukama tuzokubitwa na ba dd, adolpfe azotuniga pe bamwe bobo ba societe civile na banka 3 eme mandant muce mwiyimbira. ariko usangwa ata nabasoda na baked ufise banka 3 eme mandant aradusya ntagisivya mbega yemwe ngira nsubire irukore.

  • Mwebwe muvuga ngo cour constitutionnelle mwibagiye ko turi mu Burundi bwa Peter aho amategeko atagikora? hanyuma wewe uvuga ngo turindire 2020 kubera gutinya none ni igiki cemeza ko n´ico gihe atazoshaka kubandanya? Erega contrairement y´ívyo wibaza article 96 bitwaza nta raison ibaha. ntawushobora kuyisoma yonyene atayifatanije n´ibiri mu ma dispositions particulières y´inyuma ya periode de transition notamment article 302 yerekana ko ikiringo ca mbere inyuma ya transition, exceptionnellement, umu président atorwa na Parlement, Kubapfa kuvuga batazi n´ivyanditse article 96 ivuga ngo: "Le Président de la République est élu au suffrage universel direct
    pour un mandat de cinq ans renouvelable une fois". Article302:"A titre exceptionnel, le premier Président de la République de la
    période post-transition est élu par l’Assemblée Nationale et le Sénat
    élus réunis en Congrès, àla majorité des deux tiers des membres............"

    Murumva rero ko mandats zibiri ariko araziheza kandi ari zo arekuriwe na constitution y´Uburundi.

  • Ariko dukuye ivyo kujajura harya peter yokongera kwitoza? Nashake igisoda nigipolisi agihe amategeko ashatse ntaco bihindura ategerezwa gukinjura ntazindi negociation, eka naho NYAMIZI yomushigikira ntakizohinduka kuko i Burundi intahe isigaye icira inkonda. Barundi vahasi twiyamirize izo mbonerakure zifashwe mu mugongo na kagwi kaba generaux aho gukora ibijanye n-igisoda bakora politike muntumbero yokwitungisha gusa. Babimenye kandi babimenyere ko tutazokwemera ko batugira abaja babo.

  • Peter niyitoze ICC ntizongera gukurikirana abategetsi ba Africa. Akarorero : Kenyatta na William ruto yarabihojeje baridegemvya. Nkuru nawe gira uko akaza mw’ibarabara ugasekura buke buke

  • ARIKO NAMWEGE MUHAMAGAR IMIGUMUKO MUZOZE MUJIMBERE HANYUMA TUBAKWIRIKIRE KANDI NABANA BANYU TUZOBABONE KUK MWEGE MUHENDA ABANDI MUKACA MWIYURIRIRA INDEGE MUBONYE BIKOMEYE KUK TURAZIKO HARIMWO NABIFITIYE UBWENE GIHUGU BWOMUBINDI BIHUGU NUKUVUGA BIKOMEYE ICOGIHUG KIZOMUHUNGISHA NKUMUNYAGIHUG WICO GIHUGU AFISEMWO UBWENE GIHUGU ICOMPANUY ABARUNDI BENEWACU NIBAMUREKE YITOZE ARIK MUZEMUREKE KUMUTORA,RERO NIMUJE MUBANYAGIHUGU MUBASIGURIRE K BATOMUTORA ARIKO NTIMUJE KUBAHENDA NG JAMWIBARABARA UB SINDUHIJE YARIGIRIYE ABOYAHENZE BAGUYE MWIBOHERA UYURIK ARAHOMBA NINDE,BARUNDI KANURA MUBONEKURE APANA KUBONA HAFI KUBERA INYUNGU ZABAKE SHIGIKIRA AMAHORO BICIYE MUMWUMVIKANO MUREKE GUHENDWA.NKUKUMENGO MURIBIJUJU MUZOKWAMA MUNTAMBARA GUSHIKA RYARI KO BUYOYA YABWIHAYE KUNGUVU NUKWICA YISHE NIBANDE BAGIYE MWIBARABARA UB NIH BABONYE KOBOJA MWIBARABAR KUBERA NKURUNZIZA.NIBANKE KUMUTORA MUGABO BATATUTWAYE MURYANE BAZODUSIGAMWO NABO BIYURIRYE INDEGE MURAKOZE

  • hamwe peter yokwemererwa kwitoza twitegure guhunga twese kuko hari vyinshi yibikiy kandi bibi kubarundi. hariho guca yiyugumuza isokonkuru yabuju... hamwe nokwitonda akamesura abobose batamuravy ryiza murikino gihe.muhezagigw muzoba mumbarira.

  • De toutes les façons, ntashaka kuguma atwara igihugu Kubera urukundo AKUNDA abarundi canke Kubera imigambi yindi azanye. Yaranuriwe no kurya igihugu. Ubwo rero, yihangane agende aduhe amahoro areke abandi bigwarize nabo, ari Imanga yaramaze kuyidutamwo. Ndumviriza imvugo zabantu bamushigikiye nkumva ils ne sont plus dignes de diriger le pays. Pour cela, je soutiens les manifestations , et j’y participerai. Un vrai patriote doit soutenir des candidats respectant la loi et non des égoïstes et amasiha.

  • SINSHIGIKIYE KWITOZA KWA NKURUNZIZA, KANDI SISHIGIKIYE ABAVUGAKO BAZOCABAJA MWIBARABARA IGIHE YOKWITOZA, MUGIHE ABOJA MWIBARABARA BAKIHENDA BAKAGIRA IVYOBONONA NANJE NTIMUZOTANGAZWE NUKO ZOCANIFATIKANYA NABABIYAMA BAKORESHEJE UBURYOBWOSE BUSHOBOKA IVYONZOBIKORA KUBWINYUNGU ZUMURYANGOWANJE NKUMUGORE NABANA NABAVYEYI BANJE BASHAJE NABANDIBARUNDI BAMEZENKABO KUKONTASHAKA KOBANGAZWA. ABAVUGARERO KOMUZOJA MWIBARABARA KWIYAMIRIZA NKURUNZIZA NUBURENGANZIRA BWANYU, ARIKO HARIHO UMURONGO MUDAKWIYE KUZORENGANA, MUGITANDIKIRA IBIHUNGABANYA IGIHUGU NTIMUZOTANGARE MUBONYE NABANDI BAMEZENKANJE BABAHINDUKIRIYE KUBIYAMA BIVANZE NOKUBARWANYA TWIVUYINYUMA. KUKO TWARAMAZE KUMENYAKO UBURENGANZIRA BWOGUKORA IMYIYEREKANO WONGERA WONONIBINTU NTACUBUHEZA NGOBUMARIRE IGIHUGU NABAKIBAMWO, RABA LIBIYA ISIGAYE IRIJURUNGANWE RUSHAKA KUBAMUSI YA SOMALIA UZINUKUNTU CARIGIHUGU TWARATA MUYANDI MA CONTINUE AGIZE ISI NKABANY’AFRICA!!!.

  • Bagenzi turavye ingene benewacu 65 bafashwe bagatwarwa imuramvya turavye ingene dushobora kwibwira ko tuzoshika kuco twipfuza mugabo kandi bikaba bishobora no kwanka turavye ko hashobora kwononekara vyishi kurusha mbere dushobora no kubura abandi bantu benshi kandi nabo ari abacu nagomba ntange iyi mpanuro bagenzi muri imbere yacu rondera iyindi nzira yo guhangana niyi ngorane iduhanze ariko bidaciye mumyiyerekano kuko abo twabuze barahagije twiture sentare mpuzamakungu kubwanje vyoba vyiza kuruta kuja mwibarabara.

  • Ntabasumbije abaganda kwiyamiriza museveni none vyatanziki? Ntabatwaye nunomunsi? Va ibuzimu mujibuntu!!!!!!!!!!

  • abao bose biyandikisha uburofa batubwira ngo turavye ayo abandi babonye na ba dd badutera ubwoba. su bavuge ko ariwe turaja mwibarabara atagisivya no gupfa twafyuye. hemwe umwe wese niyiyungayunge nico afise erega baradusuzuguye ko ataco dushoboye. Gaciyubwenge ntibimuraba amafaranga ya ba dd yamukijije sida. Na mwebwe mwa Basoda abapolisi mwibaza ko murenganywa garukira uburundi namwe muze twiyamirize iyo ntwaro yagacinyizo. nayo ahandi ho tekera tugende mu Rwanda irukore ni buvira.

  • ababa dd bandika ngaha mumushigikiye muraja kuba iwe abagaburire amavoka twebwe mutereke mushaka mumushire nabanyoko nabashikibanyu yibere umwami twebwe ivyo ntavyo twosabirako abanabo bariko barasega ngaha kurubuga ubu sumwanya wogusega ubu numwanya wokwikurako satani kuko tusazwe tufise mpwemu yera abanabo muterana ubwoba ndabarahiye naho babahaye inkoho mukabona murashe umwe niho muzomenya ko muriza mujeri kuko tuzo zibakisha iminwe nti mubone abarundi bihoreye ngo mwibaze ko muri ibihagage ?? rindira buce jewe nibaza ko atakwezi gusigaye abafuzwe ndabasavye kwihagana buca muvayo ninaco gituma saba ko mwoza muri beshi kugira tufuguruze abafashwe kuko imisi yankuruziza isa niyiragiye

  • Ndibaza ntakekeranya nambe amategeko atemerera kizigenza wacu kwatota mukaga igihugu nawe yakunda yorabira kubagiye bigira ibihangange amabi baronse kandi nkasaba ko abagumyabanga batorwa muri iryo kosa kuko ntivyotera itteka umugambwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.