IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Bruno Simbavimbere:’’Umwaka w’2015 ntiwabaye mwiza ku baririmvyi (...)

Bruno Simbavimbere:’’Umwaka w’2015 ntiwabaye mwiza ku baririmvyi b’abarundi’’

jeudi 31 Kigarama 2015

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi Bruno Simbavimbere batazira Member amenyesha ko umwaka w’2015 utabaye mwiza ku baririmvyi b’abarundi.

Bruno Simbavimbere yabwiye ikinyamakuru ca Radio Isanganiro gica ku murongo ngurukanabumenyi ko abaririmvyi bahunze, ibikorwa bijanye n’umuziki n’imigambi myinshi yahagaritswe arivyo vyaranze umwaka w’2015.

Bruno Simbavimbere yamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa kane ibikorwa vyinshi bijanye n’umuziki vyahagaritswe harimwo nka Isanganiro Award,Primusic,Top Ten n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Kubwo umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi birababaje kubona ibikorwa vyafashe abaririmvyi bamwe bamwe kubaho nka karaoke vyarabujijwe kandi ariho bakura uburyo buke bwo kubaho.

Bruno Simbavimbere akamenyesha ko abaririmvyi b’abarundi bari batanguye kubeshwaho n’umwuga wabo no kumenyekana ku rwego mpuzamakungu,ariko kubera ingorane zabaye mu Burundivyose vyarahindutse.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.