IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Serivisi > Page Special > La semaine de la Diaspora > Inkuru > Bujumbura: Abarundi baba hanze bahuriye hamwe mu ndwi yabahariwe

Bujumbura: Abarundi baba hanze bahuriye hamwe mu ndwi yabahariwe

lundi 28 Mukakaro 2014

Abarundi baba mu bihugu vyo hanze barafise intererano itari nto batanga ku gihugu cabibarutse, nk’uko bishikirizwa n’umwe muri abo barundi, umwigisha muri kaminuza Ntibashirakandi Liberat.

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 28 Mukakaro haramutse hugururwa icese indwi yahariwe abarundi baba hanze. Ivyo bikorwa vyuguruwe icese n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza .

Mw’ijambo ryiwe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yashimiye cane ubushikiranganji bw’imigenderanire y’ uburundi n’ayandi makungu bwiyumviriye guhuza abarundi baba hanze, ndetse aranashimira nabo barundi badahengeshanya guterera agacumu ku bumwe mu guteza imbere igihugu c’abibarutse, yongera abasaba kwitanga batiziganya mu gufasha igihugu c’abibarutse.

Liberat Ntibashirakandi umwigisha muri kaminuza akongera akaba n’umwe mu Barundi baba hanze, ari nawe yatanze icigwa (expose) muri ivyo bikorwa, amenyesha ko abarundi baba hanze bafise intererano nini cane mw’iterambere ry’igihugu cabo.

Mu gisata c’abikorera utwabo biragaragara ko abo barundi barangura ibitari bike. Aha uwo mwigisha muri kaminuza atanga uturorero tutari duke tw’ivyaranguwe n’abarundi baba hanze hamwe n’uburyo butari buke butangwa nabo . Yatanze akarorero k’ikinyamakuru IWACU cashinzwe n’umurundi yaba hanze Antoine Kaburahe, ico kinyamakuru kikaba gikoresha abakozi 54 bakora umwanya wose . Aratanga akarorero k’irindi shirahamwe rikora ibijanye n’ubuhinga bwa none Solitech na ryo nyene ryatangujwe n’umwe mu Barundi baba hanze, iryo shirahamwe rikaba ryarateje imbere igisata c’abikorera utwabo aho 10 ku bakozi 20 bahakora mwanya wose.

Hari kandi n’ibindi bikorwa bitandukanye vyagiye bikorwa n’abarundi canke amashirahamwe y’abarundi baba hanze canke n’amafranga yo gufasha mu miryango ,kwivuza, kwiga no guteza imbere imiryango yabo mu kububakira amazu yisununuye n’ibindi.

Mbere nk’uko tubishikirizwa n’uwo muhinga, mu cigwa cakozwe basanze imiriyoni 53 z’amadorari ari yo mafranga abarundi barungika mu gihugu iwabo. Nubwo rero abarundi baba hanze bafasha cane mw’iterambere ry’igihugu cabo, bamenyesha ko bafise ingorane na cane cane yo gutora uwobaserukira. Liberat avuga ko icokorwa ni uko mu gihugu cose kirimwo abarundi hoba ababaserukira, bakaja hamwe gutyo bakabona gutora imigambi irashe yo guteza imbere igihugu.

Tubamenyeshe ko mu ntumbero yo guhimbaza iyo ndwi yahariwe abarundi baba mu gihugu co hanze hategekanijwe ibikorwa bitandukanye amanama,inganda zo guhanahana ivyiyumviro,hamwe n’uturyo duhari two guteza imbere igisata c’abanyamitahe hano mu Burundi n’ibindi bibazo bitandukanye.


Floxella Karire

Messages

  • Nimutegwe iteka banyakwubahwa bavukanyi bacu!!,iyo ntumbero mwihaye irashimishije gose caane.ariko ntimwibagire ko namwebwe hagati yanju harimwo abayoboka ubutegetsi nabandi batabuyobika,ninaco gituma ndabasavye ko iyo muri iyo mwayo makungu,ko ivyo vyose bibatandukanya mwobirengera,mukanama rimwe,muguhayagiza igihugu canyu UBURUNDI cabibarutse.ntihabe kwikurako agahuzu,mukagendera wamugani wabasokuru ko AGAHUZU KABI KO KAMESURIGWA MUKIGO,nukuvuga mumuryango,atakwimaramaza nkuko bamwe muri mwebwe mubikora.ico nico cifuzo canje ndabifurije.

  • @DD mubigugu bibaho kwisi uruwambere uti gute ’ayomahera wakoresheje ntari musi 200milion ???barya baryamye kumuhuza iyubaha 10million baba batashe gugu?????ikindi naco iyonama yaje kugira mumenye abo mukorana mugihe muriko munyegeza amahera haze????vyose birazwi????nabo mwanditseko amatugo yanyu???? Mabanjwe nabayijemwo batayizi bari bibibereye ngaho mukaruhuko DD ko muragenda muyigirire europa.mbega imisi mikuru ya independance mugirira europa ko mutumira abantu bose bakanabaterera ubu vyageze gute bibananire ’gutumira’guterereza ’ubu niho mwarose amahera ???!!ibinyamakuru mwahora mucako vyari vyugaye !!!!???? DD urahenda aba dede wafuze amaso ?uburundi bugona buri maso

  • Ewe MWARI URI UMWANSI W’IGIHUGU SINOVUGA NGO W’ABA DD. WEWE NABO MUSANGIYE UBWO BUHIMBIRI MUFISE MU MUTWE BIRACABAGOYE MUGABO, ICIZA MURI KU RUSHI. REKA NDABIBUTSE KO " LES CHIENS ABOIENT MAIS LA CARAVANE PASSE"; REKA ABAKUNDA IGIHUGU BICARE BAHANE IVYIYUMVIRO VYO KUGITEZA IMBERE NAWE IRYO TERAMBERE RIZOGUSHIKIRA NAHO UDASHAKA GUFASHA KWUBAKA IGIHUGU.

  • Abarundi bakunda agakuze bakanka umutavu abobarundi kuuberako bashitse iburayi ubunincuti zuburundi ariko impunziziri muri africa nabsibburundi kuriki reta itomenyako abobagiye baciye mubuhungiro ? Kandi retayambere yankiye abantukobasoka niyi yamutama izindizose zarabareka afise abapresida babagenzi kuberiki atovuganabo bakamusohorera izompunzi niterambere kugihugucacu ivyimimbwe babapfa nabirengere kuko uzogendawese azoguma arundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.