IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Serivisi > Page Special > La semaine de la Diaspora > Inkuru > Reta y’Uburundi irashimishwa n’ibikorwa na Croix Rouge

Reta y’Uburundi irashimishwa n’ibikorwa na Croix Rouge

jeudi 18 Nyakanga 2014

Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bateye igikumu ku masezerano y’imigenderanire n’ishirahamwe ritabara imbabare croix rouge. Kakaba karo akaryo ko kwerekana amategeko agenga uwo muryango utabara imbabare bashimikiye uko ibintu vyifashe muri kino gihe.

Mw’ijambo umushikiranganji w’imigenderanire n’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure ,amenyesha ko ayo masezerano ari icavuye mu mwumvikano wa Reta y’ Uburundi hamwe n’umuryango wa Croix rouge kugira bashobore gutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi muri kino gihe kuko mu biranga uwo muryango, harimwo gufasha abatishoboye .Ni muri iyo ntumbero yemeje ko Reta imaze kubona utwigoro tutari duke twakozwe n’umuryango Croix rouge na cane cane mu gisata co gutabara. Ni naco gituma Reta yafashije mu gushiraho itegeko rigenga uwo muryango bishimikije uko ibintu bimeze muri kino gihe.

Ku bwa Laurent Kavakure ,umuryango utabara imbabare Croix rouge warafashije bidasanzwe mu kwezi kwa Ruhuhuma igihe hatera umwuzurira wahitanye abantu n’ibintu mu ma karitiye ya Gatunguru, Carama,Kamenge hamwe na Buterere. Yanashikirije ibindi bikorwa bimaze gukorwa n’uwo muryango aha twovuga nko gukinga indwara zimwe zimwe ,ishirwaho ry’imirwi ihuriyemwo bose, ijejwe gukinga impanuka kugira ntibisubire gushikira abanyagihugu batavyiteguriye. Hari n’ibindi bikorwa uwo muryango wagiye ukora nko gufasha abahuye n’ivyago vy’imvura . Iryo shirahamwe rikaba rinafasha Reta kurangura ibikorwa bindi bitandukanye , na cane cane nko guhimiriza abanyagihugu gufashanya n’ibindi

Laurent kavakure amenyesha ko ata na kimwe Reta y’ uburundi itazokora kugira ikomeze imigenderanire n’uwo muryango utabara imbabare Croix rouge.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.