IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD : ’’Amatora ntashoboka atamwidegemvyo mu gihugu’’

CNDD : ’’Amatora ntashoboka atamwidegemvyo mu gihugu’’

mardi 26 Rusama 2015

Umukuru w’umugambwe CNDD avuga ko matora adashoboka atamwidegemvyo uri mu gihugu, igihugu kirimwo urwimo n’umudugararo.

Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD, avuga ko amatora yamaze kwibwa, ari naco gituma atokwirirwa araba. Mu rwandiko yashize ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe agira ati :’’ Dusavye dushimitse abari muri ya mirwi ya CENI kuva ku rwego rw’igihugu gushika ku nzego z’amakomine, bose ko botanga imihoho, abihebeye Imana bo mw’ishengero rya Katorika bari baramenyesheje ko atagihindutse bazoca bidohora, bakava muri iyo mirwi, batabigize bazobibazwa n’abanyagihugu, kandi uherekeje umusuma ufatwa nk’umusuma’’ .

Leonard Nyangoma umukuru w’uyo mugambwe asanzwe ari mu buhungiro, akaba ashikirije ivyo, mu gihe Reta yafshe ingingo yo kurondera uburyo mu gihugu bwogutegura amatora yose, kandi Reta ikagaragaza ko uko bizogenda kwose ayo matora ategerezwa kuba, inyuma yaho yongereje ikiringo nk’uko vyagiye birasabwa n’abatari bake.

Umukuru w’umugambwe CNDD akaba yashikirije ko bipfuza amatora azira igitsure, ari naco gituma ayariko arategurwa batazoyajamwo, kuko babona ko ubusuma bwamaze gutegurwa. Yabandanije ahamagarira abantu mu myiyerekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • ac dd bashaka dufe ninzarara.ahobibiye nibayatange,bahirahire bakate narumwe kumishahara atakwiri

  • nabanze ave mubuhungiro kasukabandi ngobaje mwibarabara nawe yihungiye ibijuju biragenda

  • Ariko mwebwe mwibereye Bulaya ntimwotureka, mwabwiye abobazungubanyu ngohagarika gufasha uburundi barabikora, mwongera mubabwirango rekagufasha mubijanye nabatora muburundi barabibakorera, none muntumbero yokutuzimanganiriza democratie twamazekwemera mubonye twiyemeje kwikora kumifuka kugira amatora abevyasebikunze navyu murikomuravyaka, ndababwire mugihe ivyomwiyumvira vyobakundira twebwe mwirirwa murajuragiza tukabihanganira twozogira ububi burenze ubwonuriko muradukorera.

  • Ntibitangaje,Kubona Ur’umugabo W’ijunja Ukabura Ico Ushikiriza Abarundi.Ntaco Tuzomwibukira Kuvyo Yakoze Akiri Mwalimu.Murabonako Kwiga Amashure Menshi Ukabura Pô Mu Mutwe N’ikibazo.Uwo Mugabo Nta Bona Iyo Aja.Aribuka Bakuru Bacu Yahonereje Kurugamba?Mugihe Pô Imunaniye Nanume,ntakutubwira Ubujwejwe.Mwirambire.

  • hahaha barayakata nyene ahubwo bahere kuruku kwezi uwanka areke

  • EWE TWARIGOREWE ,MUGIRE KUNYURUZA ITUNGA RYLETA,KUDUZA IBICIRO,ABANDI IMYIYEREKANO IZIBIYE AMABARABARA,BATURIRA,ABANDI BAHUNGA.AHUBWO FOBORA MUTUBWIRE DUTE TWOKE KUKO NTAMAHERA TUZOBAHA.NINKUKO ATAMUTIMA MUGIRA

  • Ntamatora azoba ngaha muburundi kuko ubusuma buza bwarateguwe burahera

  • bora uchaguzi usitishwe kwa sababu wapinzani wote wa serikali ya petero nkunziza tayari wa metengenezea mazingira magumu wakati wa uchaguz hawatolidhishwa na matokeo shukrun

  • Basha ba SOKURU barayamaze bati " Inahasi yabujije umutindi kwiyahura"! NYANGO, turakuzi cane muri kahise ka politike y’UBURUNDI. Iyo n’imitwe uriko uragira ngo urabe ingene wohava ugatwara ata matora abaye kuko uzi neza ko ata bantu ugifise hamwe na ba Léonce. Murahumba nta ntwaro mfatakibanza abanyagihugu turi bubemerere mu gihugu camaze gufata inzira ya Démocratie. Mbe ko wavuze muri 2010 ko atawe mutosaba imfashanyo kugira mwikureko intwaro ya CNDD-FDD ngo na Satani mwoyimusaba hanyuma bikabata kuw’amazi, ibere amahoro hiyo i Bulayi ko wagize amahirwe ugashikayo uduharage n’agacupa nt’uzotubura ukure induru, politike yaraguhemukiye.

  • @Rwungere
    Ahaaa,arihenda cane mon cher ami,uramaze kubona abo bagize hamwe ikibiri,ni abatutsi bo muri MSD,aho yibazako abo kwa sinduhije bogenda bamuhaye gutwara transition,reka abe arabakorera bazoca bamugira nka feruzi!!Hiiiiiii,Hahhaaaaa!!!!
    Umuhutu umweumwe wese muribo aho bariko baramuvugutira umuti ,uzoba umpinyuza!

  • rekamutama’yatumyemenyagusoma

  • Emwe yemwe, mutama , ndaguhanure nk’umugenzi. Gerageza urondere ukundi wobaho ureke kuronderera muri politique. Imyaka uyikikinye wikina, twarambiwe. Urashaje! Icara wironderere retraite, ureke kuguma uhangayika. Erega uzopfa udatwaye. Ntavyo ubona? Reka kuguma ukokeza kandi abawota bari I Burundi, nawe ugaramye I burayi. Ingo none twifatikanye. Nibaza ko ufise uburwayi.

  • Mana Fasha Iki Gihugu Cacu C’uburundi!

  • N’ukuri narigeze kugukunda. Nibaza ko ufise ingufu kuko muri politique niko bimeze. Mais narambiwe na wewe. Ama lunette yawe ni meza. Agasura, umenga Uri umututsi, mugabo mu mutima wawe, nta kindi kiriyo atari ubuhutu bw’i Bururi. Kandi Ivyo utakoze kera ubu ntaco ukimaze. Subiza umutima inyuma, wibuke icuri.

  • Bantu Muriko Muravuga Nabi NYANGOMA,Nagomba Ndabibir Akabanga Nkuko Nanj Nakibiw Nimana:NYANGOMA AGIYE KUBA PEREZIDA WUBURUNDI Inyuma Yurupfu Gwa PETERO NKURUNZIZA!Ndazi Koharimwo Intumva Ndasubiymwo Kndi:NYANGOMA Agiy Gutwara Uburundi!Ndabasavy Kuzombeshuza!P6

  • Cndd ubundi yaja mumatora ngo iheze ihakure iki?ahubwo uwo mugambi bafashe niwo pe hama nibakomeze guhamagarira abene burundi mumigumuko nawe yibereye Iburaya!

  • Nyangoma ahubwo je sindamutahura ahamagarira abantu mumigumuko naw yibera hanze yigihugu uuuh uuum!!! narungke abana numugor wiw arabeko tutamukurikra

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.