Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD : Bahawe iminsi itatu yo gusaba ikigongwe
CNDD FDD : Bahawe iminsi itatu yo gusaba ikigongwe
samedi 28 Ntwarante 2015, par
Abagumyabanga ba CNDD FDD baheruka gutera umukono ku rwandiko ruhanura Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza bahawe iminsi itatu kugira ababona ko bahenzwe canke bateye igikumu cabo ku nguvu kuri urwo rwandiko, basabe ikigongwe hama basubizwe mu mugambwe CNDD-FDD.
Inyuma yo gufatirwa ibihano bikomeye ’’Abagumyabanga’’ cumi mubateye umukono kuri urwo rwandiko bakirukanwa, umugambwe CNDD-FDD urabahamagarira abo bose bumva yuko bahenzwe canke ko boba bakoreshejwe ku nguvu mu gutera igikumu kuri rwa rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, ko bahawe iminsi itatu kugira biture uwo mugambwe basabe ikingongwe babone gusubizwa mu mugambwe.

Nk’uko tubisoma mu rwandiko rwateweko umukono n’Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda, uwo mugambwe umenyesha ko ari umuvyeyi w’Abagumyabanga bose, utoshimishwa no kubona ubafatira ibihano kugera no kubirukana ari naco gituma ubateye akamo bokwikubita agashi, baze gusaba ikigongwe bagaruke mu muryango.
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda yaboneyeho n’akaryo ko kugushimira Abagumyabanga batandukanye bamaze kwegera uwo mugambwe bagasaba ikigongwe aho akavuga : Nzokizwanimana Richard Buramatari w’Intara ya Karusi, Micancaburo Brice-Landry musitanteri wa komine Nyabikere, Nicayenzi Jerome Musitanteri wa komine Bugenyuzi, Fatuma Saidi Musitanteri wa komine Shombo, Nzinahora Anatole, umuyobozi ajejwe ibikorerwa muri kaminuza y’Uburundi, Mwidogo Jimmy, Umuhanuzi w’Umukuru w’Inama Shingamateka.
Tukabibutsa ko hari haciye iminsi mike, Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda, abicishije ku muvugizi w’uwo mugambwe, amenyesheje ko yafashe ingingo yo kwirukana muri uwo mugambwe abategetsi bamwe bamwe bo muri uwo mugambwe harimwo Umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu, Leonidas Hatungimana, uwahoze avugira umugambwe CNDD-FDD, Onesime Nduwimana, uwurongoye Umugwi w’abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD n’abandi.

Alida Sabiteka
Messages
28 Ntwarante 2015, 12:01, par JACKSON
Iryo nigere ryanyuma nkuko bivugira
28 Ntwarante 2015, 12:07, par narawurwaniye
Subiza mumugabwe ivyo bitazi maze bibanze vyengere abagumyabanga nahovyo vyarivyaritaye kandi bibaze vyenge hamyuma bisubire mubandi bana bumugabwe
28 Ntwarante 2015, 12:25, par harera
Gira umutima wo kubabarira kuko twebwe abagumyabanga ariryo ragi ryanyenicubahiro incungu ya Democratie Ndadaye Melchior.abo basinye mwese muratewe akamo mugaruko kuko igito gitabwa iwabo
28 Ntwarante 2015, 12:36, par bigira
nibasabe ikigongwe ntakundi!
28 Ntwarante 2015, 14:34, par Iyumenya
Pascal Nyabwoya we genda ndakwemeye uri ikijuju canyuma ,ubu koko urabona arinde murabo bateye igikumu kurugwo gwandiko yoba ari ikibondo co guhendwa?Vuga uti warahubutse mugufata ingingo yokuvuga ko birukanywe mu mugambwe.Naho ivyo gusaba imbabazi ndakurahiye bakagenda bagusavye imbabazi,ahubwo ubivuze kuko ubonako usigaye wenka,urakavun’umuheto.
28 Ntwarante 2015, 15:19, par Nuwera
Subira numugambwe wanyu muzobamwigiriyeneza kandinanje munwanyi asanzwe yikorerutwiwe muzobamunsubije iteka . Mboneyeho nogukomeza kwifatikanya nabobose bakomeje gusaba imbabazi mase babakeba baribatanguye kwishimira akarikaduciyemwo basubire mumubabaro bamazemwo imisi .
28 Ntwarante 2015, 15:37, par Espoire
IRYO NITERABWOBA UWASINYE KURWO RWANDIKO NIWE MUGUMYABANGA NYEZINA ABASIGAYE NIBANSUMIRINDA.MUTAMA PETER WARAKOZE IVYIZA VYINSHI MWABINO BIRINGO BIBIRI UMAZE KUBUTEGETSI ARITWEBWE BENEGIHUGU C’UBURUNDI TUKWITOREYE,TWAGUSABA NKASEBARUNDI UFATINGIGO IDUHUMURIZA YUKUBISA ABANDI ATAGAHATO GUTYO UCUBA UMUHANUZI UZOKWAME UDUHANURIRA UWO YAGUKOREYE MUNGATA ABASHE GUKUTSA IKIVI AHO WARUKIGEJEJE.
28 Ntwarante 2015, 15:58, par ALFRED
CNDD VYAYINANIYE NIYOMOKE BIGIKUNDA
28 Ntwarante 2015, 18:54, par niko james
iyo ninkina mico turabimenyereye hahaaaaaaaa
28 Ntwarante 2015, 20:49, par Pasteur elie
Abo bateye umukono nabashingantahe!
28 Ntwarante 2015, 20:49, par Karugendo Issa
Ahaaaa Jewe Mbonako Badakwiye Gusaba Ikigorwe Ahubwo Bavuze Ukuri Kuko Bakurikije Ibwirizwa Ryi Arusha Kombona Ibindi Bihugu Bitarihonyanga Uburundi Bwo Bwoca
Bugarariza Niyitoza Azotsinda Kuko Aramenyereye Ayiba Ngo Abateye Impaga Kobasavye Ikigorwe Nibakibahe Kuko Usaba ikigorwe Kugira Uronke Amahoro Uwusavye Ikigorwe Arakironka Iguvu Sizo Zitwara Igihugu Oya Ahubwo Hatwara Umwumvikano
Nibashikirize Iryanyuma Turangure Imigambi Yacu Manda Yagatatu Ayikuremwo Gutwara Imwaka Icumi Haaa Nuwambere Nikizigenza Wabarundi Mumakungu Nomubindi Bihugu Icondabasaba Ntituzorwe Mumporero Twebwe Barundi
Aya Makuru Muzoyasome Mwisamirizi (MURAKOZE IMANA IBASHIMIRE)
28 Ntwarante 2015, 21:31, par deus
abasaba imbabazi muzibahe mumuryango niko bigenda,gusa ntibazongere,abatazazisaba muzobihoze ntibizobuza umugambwe gutera imbere,hariko urwaruka ruriko ruheza kaminuza ruzobasuburira.
28 Ntwarante 2015, 21:33, par deus
abasaba imbabazi muzibahe mumuryango niko bigenda,gusa ntibazongere,abatazazisaba muzobihoze ntibizobuza umugambwe gutera imbere,hariko urwaruka ruriko ruheza kaminuza ruzobasuburira.
28 Ntwarante 2015, 22:58, par Nico
sha boba arinbwa gusugusu hamwe bokwihindukiza mwijambo arabagabo kandi bavuze ukuri!je ndarindiriye niho nzoca nemera noneho kwaba DD basara ntabwenge bagira.nkabo ba Ndabirabe baje kwihindagura gusa nokwica nkuko babikoze mu Rwanda igihugu cacu cuzuyemwo interahamwe zuzuye ubwicanyi burenze no muri gouvernement nibo buzuyemwo, imbonerakure nibo gusa none mwumva ico twiteze kuba DD arigiki?atarinkoramaraso gusa!!Mana tabara Uburundi
29 Ntwarante 2015, 10:01, par kinyamaguru juvenal
nibasabe ikigongwe kugira bashobora kuja ku ntonde murazi ko dosye zizotangura gutangwa ejo 30 mars
30 Ntwarante 2015, 11:54, par NDUWIMANA
NYAKUBAHWA PRESDIDENT DU PARTI......IVYO BIGONGWE MUBAHA NI VYIKI KO BAMENJE BAKIBAGIRA AKARANGAMUTIMA KUMUGAMBWE...!!!AHUBWO MURABADUHA TUBIHANIZE DUSUBIRE TUKABIGISHE ABO BA PARVENUES....BAHAZE NONE BARAGEZE KWIBAGIRA AMARIRA YABARUNDI BARIZE IGIHE GIHEZE.
NA LEONIDAS VRAIMENT!!!!!!INTWARO YIMFATA KIBANZA KWELI(dusubire inyuma kabisa....!)WAPI BIRAMUGOYE MURI BOSE LEONIDAS NIWE AKWIYE GISABA IKIGONGWE ....NAHO NDAYIZIGA AKARANGA MUTIMA YAGATAYE KERA AKIRI BURAMATARI ARAZI KO IVYO YAKORA TWABIBONA KANDI TUKAMUREKA KUGIRE TURABE KO YOKWIKOSORA.
30 Ntwarante 2015, 15:59, par omarBUKURU
jeweiconobonayorekakwitoza,amarasoatarava
30 Ntwarante 2015, 16:14, par BUKURUOMAR
AHUBWONAVUGEHAKIRIKARE"NDASABAIPHOTOS,YA,PRESIDENT,RWASA
30 Ntwarante 2015, 20:21, par NTEZIRIBA Toto
ahubwo ivyo kubabwira ngo nibasabe ikigongwe,bwira uwo nyakubahwa wanyu ati:"shira ibintu mu ngiro".
30 Ntwarante 2015, 20:23, par NTEZIRIBA Toto
ahubwo ivyo kubabwira ngo nibasabe ikigongwe,bwira uwo nyakubahwa wanyu ati:"shira ibintu mu ngiro".
30 Ntwarante 2015, 21:30, par HARERIMANAEVARISTE
EMWE NDASHIMIYE INGO UMUKURU WUMUGAMBWE YAFASHE. NUMUGABO WIJUNJA NIJAMBO
31 Ntwarante 2015, 09:59, par gihori
reka turindire nyakunahwa umukuru w’igihugu ico avuzoga nimureke guta amajambo kuko wenyene ubwiwe ntajambo aravuga.gerageze kandi mumwubahirize mureke kumuvuga nk’umuntu asanzwe kuko agitwara il est Chef mwanka mwaemera; uvuganye urupfasoni nawe uba werekanye ko wiyubaha.
s’umwana wogutamika amajambo canke woguterwa ubwoba erega nawe arikunda kandi arakunda umuryango wiwe n’abarundi
31 Ntwarante 2015, 16:41, par H.EVARISTE
Turasavye abajejwe guhitamwo umukandindent muri cndd fdd bazomuhitemwo babanje kwiyumvira kazoza kigihugu na kazoza kabo nakimiryango yabo. twebwe icotwipfuza namahoro numumvekano mugihugu caca
31 Ntwarante 2015, 16:42, par NDI.EVARISTE
Turasavye abajejwe guhitamwo umukandindent muri cndd fdd bazomuhitemwo babanje kwiyumvira kazoza kigihugu na kazoza kabo nakimiryango yabo. twebwe icotwipfuza namahoro numumvekano mugihugu caca
22 Ndamukiza 2015, 21:24, par ntwari bienvenue
Hanihatari jewe
Yotanga ubutege
Sti kumahoro
Kukoniyodu
Keneye