Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyashikirijwe na Richard Nimbesha hoba hari n’abandi muri CNDD FDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ivyashikirijwe na Richard Nimbesha hoba hari n’abandi muri CNDD FDD (...)

Ivyashikirijwe na Richard Nimbesha hoba hari n’abandi muri CNDD FDD babishigikiye

lundi 26 Nzero 2015

Inyuma y’aho umukenguzamateka Richard Nimbesha yirukaniwe mu mugambwe CNDD FDD, bivugwa ko ivyo yashikirije ahubwo hari n’abandi babishigikiye muri uwo mugambwe.

Ivyari vyashikirijwe n’umukenguzamateka Richard Nimbesha ari mubatanguje umugambwe CNDD FDD ko umukuru w’igihugu atohirahira ngo asubire kwitoza mu kiringo c’umukuru w’igihugu kuko yoba akoze ivyaha nko kubesha no kwiba mu gihe yemera Imana, uwo yahoze ari umukenguzamateka bivugwa ko ahubwo yoba afise abamushigikiye kandi bibihangange muri uyo mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, naho bamwe bamwe bagihoze.

JPEG - 11.1 ko
Umukenguzamateka Richard Nimbesha

Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH Petero Karaveri Mbonimpa akaba asaba umukuru w’igihugu ko atokwitoza ubugira gatatu, kuko bimaze kugaragara ko uretse ko amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike arenga amajana atatu yatanguje uruganda rwo kwiyamiriza ico kiringo, na bamwe mu bakozi b’Imana bamaze kubivuga, aha tukavuga nka musenyeri Mukuru wa Ekereziya Gatorika mu ntara ya Gitega Simoni Ntamwana, no mu mugambwe wiwe CNDD FDD ico kiringo harimwo abadashaka no kucumva mu matwi, bumvirije ivyashikirijwe n’umukenguzamateka Richard Nimbesha.

Mukamenya Richard Nimbesha amaze kugaragaza ko adashigikiye uko kurenga amategeko kwohava kuba mu gihe Petero Nkurunziza yohirahira akemera kwitoza ubugira gatatu, akaba arikwo yazize kuri uyu wa 24 Nzero, aho yafutwa burundu mu mugambwe CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • Baramwirukanye yamara icoyavuze coco kiguma kibacumita mumitima

  • none ivyiyumviro vyiwe kwari mubatanguje umugambwe yabivugira kwiradiyo ubwo nibwo bugumya banga yari yabuze inzego yobivugiramwo namwe kugihe mweza kohari abamushigikiye mumugambwe nimubavuge name kuko ndabona mutanga amakuru nkabamenyesha makuru mugerageza kwerekana ago muhagaze

  • Igihe.com comurwanda gitekenika gikingira ubutegetsi bwurwanda ivyosivyiza Kumumenyeshamakuru, Igihe ishami rikoreramuburundi gitejenika canduza uwewese adahagarara ngwartyoze leta nukuvuga murazokurikirana abanditsi b’Igihe muburundi batekenika banduza ubutegetsi bwiburundi, Ubundi umumenyeshamakuru avuzinkuru ntaheza ngwace ashaka gushiramwo akantu kogusunurira kuruhanderunaka kamuvuyemwo, ahorero nihonusanga mugendamutagaciro kuribamwe. Zamurakurikirana abatangamakuru kuri radio BBC ntibashiramwo akantukogushaka gusunurira kuruhande runaka ahubwobahijambo abandibabtu bakabaribobavuga akarinurore.

  • nagende ivyo yadukoreye birakwiye ninaho tworuhuka adolphe nshimirimana acishako ubutumwa

  • kuzira ukuri nibwo bugabo: Richard bamwirukanye mu mugambwe ariko nti bamwirukanye mu Gihugu

  • Murakoze cane. Jewe ico mbona nuko IKIMAZI ca CNDD-FDD ari we PETERO NKURUNZIZA amashamba yamushuhiyeko hamwe na ka karwi kiwe bica bagakiza. Rero baratekewe n’ubwoba bibaza umukenyuro bogira ngo amabi bariko barakorera abarundi isinzi ntahave abagirira ingaruka zo gusangira icayi na LAURENT MBAGBO hariya i LAHAE muri rwa ruhome MPUZABATWAYE NABI.

    Ariko ico jewe nohanura Nkurunziza,nuko vyomubera vyo yitandukanije n’abamuhanura ivya " TWOPFUMA DUSUBIRA MW’ISHAMBA HAKO DUHEREZA TWESE I LAHAE.
    Ariko rero ngo ico wanka nico ubona. Abo biyita ngo ni abagabo ariko muvyukuri ari abagaburanyama,nibarindire amezi yabo ariharuye. NIBABE BARARYA UTUNYUMANYUMA ,ariko ntibimarire utwo bazofungurana na MBAGBO hariya i LAHAE.
    Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.