Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Domisiyano yinjiye muri SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Domisiyano yinjiye muri SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE

Domisiyano yinjiye muri SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE

dimanche 14 Nyakanga 2014

Domisiyano Ndayizeye, uwahoze ari umukuru w’igihugu kuri uwu w’Imana yinjiye ku mugaragaro mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE. Ibirori vyo kumwakira vyabereye muri komine ISARE mu ntara ya Bujumbura.

Uwo mukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye yinjiye ku mugaragaro mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE, aho yaciye yerekwa abanywanyi isinzi bari baje kwumviriza ijambo ryiwe. Aho yerekanywe, yamenyesheje abanywanyi ba SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE ko intumbero yihaye ari ugushira hamwe amashami yose y’umugambwe wa Melchior NDADAYE.

Kubwa Domisiyano Ndayizeye, imigambwe yose yiyunze niho yoshobora guhangana n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD FDD. Mu gihe yafata ijambo nawe, muganga Yohani MINANI arongoye umugabwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE yamenyesheje abanywayi biwe ko kubona umukenguzamaketa Domisiano Ndayizeye ari kumwe nabo, ar’uko bariko bariyunga n’abari mu mugambwe Sahwanya Frodebu. Yohani MINANI agasaba iyindi migambwe kwiyunga mu ntumbero yo gutsinda amatora yo mu 2015.

Mu gihe umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE wariko ugirisha inama yawo aho mw’ISARE na Léonce Ngendakumana arongoye SAHWANYA FRODEBU yariko nawe aremesha inama ari kumwe n’abamuyoboka.


Patrick Wasso

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.