IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Gerard Nduwayo arakeza umukuru w’igihugu yatowe

Gerard Nduwayo arakeza umukuru w’igihugu yatowe

samedi 25 Mukakaro 2015

Gerard Nduwayo yaserukiye umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira mu matora y’umukuru w’igihugu,arakeza umukuru w’igihugu yatowe ngo arongore Uburundi,mu matora yo kuwa 21 Mukakaro.

Gerard Nduwayo amenyesha ko yemera intsinzi y’umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu,agakeza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasubiye gutorwa ngo arongore Uburundi.

Uwo yaserukiye umugambwe UPRONA asaba uwatsinze amatora,gushinga Reta y’ubumwe ihuriwemwo na bose.

Mwomenya ko umugambwe UPRONA waje mu kibanza ca gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro,inyuma ya CNDD FDD wabaye uwa mbere,n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi rwabaye urwa kabiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.