Accueil > Poritike > Imigambwe > Gitega : Mu mugambwe MSD barahiye gusubira kwitaba inama za (...)
Gitega : Mu mugambwe MSD barahiye gusubira kwitaba inama za buramatari
mardi 26 Myandagaro 2014
Mu mugambwe MSD mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko kuva bavuye mu bihano bari bafatiwe vy’amezi ane, n’ubu hari icuka kibi hagati yabo n’umugambwe CNDD-FDD userukiwe na bamwe mu batware, ari naco gituma bafashe ingingo yo guhagarika kwitaba inama zose za buramatari ziraba abanyamigambwe.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umukuru w’uyo mugambwe MSD mu ntara ya Gitega Epithace Nshimirimana, akaba yavuze ko umubano wabo n’umugambwe CNDD-FDD wifashe nabi cane mu gihe bamwe mu bategetsi bava muri uyo mugambwe uri kubutegetsi bivanga mu matunganywa y’imigambwe. Ku bwa Epithace Nshimirimana rero, iyo nyifato mbi ibandanije, ibintu bigashobora kuzotuma umubano wabo na CNDD-FDD uguma umeze nabi cane.
Umukuru w’umugambwe MSD akavuga ko n’ubu bakiburagizwa mu bikorwa vyabo, aho ndetse bamwe mu bajejwe intwaro muri iyo ntara bari mu bababuragiza. Uwo mukuru w’umugambwe muri iyo ntara akavuga ko inama buramatari ahora atumako ari nk’uruhendo, mu gihe ivyo bumvikana atarivyo bihava ngo bije mu ngiro. Epithace Nshimirimana akavuga ko baciye bafata ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vyo kwitaba inama ziraba imigambwe zose zitumwako na buramatari w’intara ya Gitega.
Avuga ko izindi nama bazozitaba nk’iz’amashirahamwe akurikirana ivy’amatora canke ayandi mashirahamwe. Yemeza ko mu nama zigera kuri zitatu zose bumvikanye ko bagiye kuzokorana neza hagati y’abajejwe intwaro n’imigambwe, buramatari wenyene akemeza ko atawe azosubira kubuza gukora, ariko bagakurikiza amategeko. Muri MSD rero mu ntara ya Gitega bakemeza ko ayo mategeko bayakurikije, ariko atakivamwo.
Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega akaba yamenyesheje ko ivyo vyose ariko bitazobaca inkokora naho babona ataho bari bwiture,mu gihe avuga ko n’umurwi CENI boririye wamaze kwerekana ko ari umurwi ukorera umugambwe CNDD-FDD, atari umurwi uriko ukorera inyungu z’abanyamigambwe bose.
Mukamenya ko ivyo bishitse mu gihe bamwe mu banywanyi b’umugambwe MSD bavuga ko batotezwa no mu ntara ya Ngozi, abo nabo bakagirizwa ko umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije mu guhunga yoba yaherekejwe n’abo banywanyi. Georges Havyarimana umwe muri abo banywanyi, akavuga ko asigaye arara ntibuca, aho yagirizwa ko ariwe yafashije Sinduhije mu gushika mu gihugu c’Urwanda igihe yahunga igihugu.
Uwo munywanyi rero akavuga ko rumwe mu rwaruka rw’Imbonerakure z’aho i Ngozi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza bari mu batakimuha agahengwe, aho yemeza ko aho ahagaze hose aba acunzwe, agasaba ko uburenganzira bwiwe bworeka guhungabanywa.
Aristide Nizigire
Messages
26 Myandagaro 2014, 11:23, par KANYAMUNEZA
KUBISANZWE IYI NTWARO NTAWUZI ICISHAKA MUGABO ICO TUBONA CO NUKO BAFISE UBWOBA BWO KUVA KUBUTEGETSI KUKO INDURU TUMAZE IGIHE TWUMVA IGITEGA SIZISANZWE KANDI UMUNTU ABIKWIRIKIRANYE NABA CNDD FDD BASINDIRA ABA MSD ARIKO BITEBE BITEBUKE TUZOBASEZERA NIBEMERE NIYABA BAGOMBA KO HABA IHIGANWA HANYUMA AMATORA NIYAGENDA NEZA VYOSE BIJE AHABONA NAYO IVYO KUGIRUBWOBA URYA MUHUNGU UKO TUMUZI NTIBIZOROHA
26 Myandagaro 2014, 16:05, par nwari
itunganye mwebwe .ahasigaye ayo manama muyareke mwuvikane nuwushaka ;uwubakubise kubita namwe mureke kwirigwa muravuga yamuhe imbonerakure zadukubise ??kubita namwe ngose izombwa nizo zibatera ubwoba??aho ugize neza kutazisubira kwitaba inama zibonerakure mwakuze mimitwe aho nisawa
26 Myandagaro 2014, 16:10, par SIHONDI Levis
MWITABA MUTITABA AMATORA AZOGENDA NEZA CANE, NTAZOSIBA NGO MSD NTIYITAVYE INAMA!!!!!!!!!! KANATSINDA NTANUMUKANDIDA MUFISE, NIMURABE AHOMUBUNDA.
27 Myandagaro 2014, 12:19, par MVUZO
Iki kirwarudubi ngo ni Sihari Levis ba umanza kwiyumvira mukwandika aho urizigiye ko CNDD izosubira gutwara! Aho muguma mutoteza abomutavuga rumwe sha nagasaga turabasezerera uyumwaka siheza iwanyu hahahaha iyo nintimba amatora azobanyene wibaza ko muzosubira kuyiba nkacagihe ibisaka vyimbwa vyabashanye wewe uzigute ko atamukandida MSD ifise?
11 Nyakanga 2014, 11:58, par mukobwajana
SIHONDI LEVIS URAKINA AHANDI ATARI KU BARUNDI ..IVYO VYANYU VYOKWITWAZA UBWINSHI MUDAKORA NEZA MUVUMWA NA BOSE NIHO WIBAZA KO ABARUNDI ARI INTAMA ZIJA KURI ABATTOIR ???TURAZINANYE NONE ABA DD BOOOSE BARASHAKA 3EME MANDAT YA PITER >???URI IMBONERAKURE TURABIBONA ARIKO BA UREKA GUHOPORA!!!!