IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Hoba hari itandukaniro hagati y’abashingantahe bo hambere n’abubu

Hoba hari itandukaniro hagati y’abashingantahe bo hambere n’abubu

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Muri kahise k’u Burundi abashingantahe Bari abantu bubashwe cane ivyo bikaba vyavana n’ingene batorwa n’ikibanza bahabwa n’abanyagihugu bo hambere. Abashingantahe kandi bashobora kwatirirwa ku nama i bwami canke bakatirirwa imuhira iwabo. Ariko ab’ubu batirirwa muhira gusa kuko bataja ku kirimba c’umukuru w’igihugu.

Kera rero ngo umugabo asavye kwatirwa mwibanga ry’ubushingantahe babanza kuraba ko yigenza neza mu buzima bwiwe bwa minsi yose, bakaraba ingene abanye n’umukenyezi wiwe kuko bemeza ko atawutunganya ivy’abandi mu gihe adashoboye gutanga akarorero mu rugo rwiwe . Carazira kikaziririzwa kandi kwatira abakenyezi. Umukenyezi w’umushingantahe yitwa umushigikirantahe ariko ntiyashobora gukora ku ntahe.

JPEG - 79.6 ko

Nk’uko tubisanga mu gitabo c’imigenzo y’ikirundi canditswe na J.Baptiste Ntahokaja, umushingantahe yaba ari umuntu yubahwa cane kandi abantu baramutinya kuko yaba azi gufata ingingo kandi igakurikizwa uko yayishikirije, barahanura kandi umwami n’abaganwa mu gihe bashaka gufata ingingo ikomeye ku buzima bw’igihugu, abashingantahe bazobereye muri ayo mabanga babita ibicocoro.

Ubu rero ivyari imagera vyarageruye nk’uko bamwe mu bahumure twavuganye babivuga, ngo kuko abashingantahe basigaye bahanura n’abategetsi rimwe rimwe ugasanga ntibabumvira , ndetse ubu n’abakenyezi bahora bakumirwa muri iryo banga basigaye batirwa. Abanyagihugu bamwe bakaba bemeza ko hari abakenyezi b’abashingantahe batunganiriza abantu gusumba n’abagabo, ivyo ngo biragaragara kandi no kubakenyezi bashinzwe amabanga yo kuyobora abandi canke kubatunganiriza.

Abashingantahe ngo bagiye batakaza icubahiro n’agaciro baribafise aho hambere hahise kubera ibihe bibi igihugu caciyemwo, bamwe muribo bagafata ingeso yo kurya ibiturire canke bakaja mu bindi bikorwa bibi, ikindi ngo n’uko aho haziye ubutungane inyuma yo kwikukira kw’u Burundi, abantu bahitamwo kwitura amasentare gusumba abashingantahe. Ariko rero mu bice bimwe bimwe vy’igihugu baracubahiriza uwo mugenzo wo kwitura abashingantahe.

Bamwe n’abandi bati abashingantahe ntaho bagiye, mu Burundi baracariho ngo igikenewe n’uko bosubira kunagura agateka n’icubahiro baribafise muri kahise.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.