IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Iyugururwa rw’uruganda kuri politike y’imico n’akaranga mu Burundi

Iyugururwa rw’uruganda kuri politike y’imico n’akaranga mu Burundi

jeudi 24 Gitugutu 2013

Ishirahamwe COPRODAC ryishinze ugutezimbere ibijanye namareresi ryaguruye icese uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro kuri politike y’imico n’akaranga. Urwo ruganda ruhagarikiwe n’ubushikiranganje bw’urwaruka,inkino n’akaranga. Abahinga b’abarundi n’abandi mvamakungu bakaba aribo bagiye kurongora urwo ruganda rw’iminsi 5.

Mw’ijambo ry’ikaze ry’umukuru w’ishirahamwe COPRODAC, Simon Kururu, yashimiye cane abahinga mpuzamakungu baje guterera muri urwo ruganda. Kururu yashimiye n’abandi bose basanzwe bakora mu gisata c’imico n’akaranga bitavye urwo ruganda. Uwo muyobozi wa COPRODAC akaba yasiguriye abaraho intumbero y’urwo ruganda. Ahanini akaba ari uguhanahana ivyiyumviro ku kuntu imico n’akaranga vyoba ishingiro ry’iterambere ririma. Kubwa Simon Kururu, iryo terambere rirashoboka mu Burundi mu gihe hokingirwa ibikorwa vy’abakora ubuhinga mu bijanye n’imico n’akaranga,, nk’abanditsi, abaririmvyi, abakora amareresi n’abandi bakora nk’ivyo vyose vyibanda ku mico n’akaranga.

Uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama yashimiye cane COPRODAC kuba yatunganije urwo ruganda. Urwo ruganda ruje hageze, mu gihe hariko haranoganzwa politike y’imico n’akaranga yashizweko umukono mu 2007. Iyo nteguro ikaba ari nayo iyobora ibikorwa vyorangurwa mu bijanye n’ico gisata c’imico n’akaranga. Uwo yaserukiye umushikiranganji akaba yamenyesheje ko mu gice ca kabiri c’umugambi w’Uburundi 2025, ico gisata kirimwo kuko basanze ko arico kibwirizwa kuba imushinge w’iterambere rirama. Yamanyesheje ko n’ubushikirananji akukira bugiye gushira inguvu mu bijanye n’imico n’akaranga.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’ababirigi « Africarlia » mu Burundi, Frédéric Jacquemin, yamenyesheje ko bishimiye ugufata mu mugongo urwo ruganda kuko ruri mu bizana iterambere mu gihugu biciye mu mico n’akaranga. Yamenyesheje ko yitezeko intumbero yurwo ruganda izoshikwako maze iterambere ritanure kuboneka.

Urwo ruganda rukaba rwatanguye uyu kuri uyu wa kane. Bitegekanijwe ko ruzomara iminsi 5. Abahuriye muri urwo ruganda akaba ahanini ari abakorera mu gisata c’imico n’akaranga. Abo mu Burundi hamwe n’abanyamahanga. Abigisha bo muma kaminuza hamwe na bamwe baserukira amashirahamwe mpuzamakungu nka UNESCO n’ayandi. Urworugand ruriko rubera i Bujumbura mw’ihoteri Royal Palace.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.