Accueil > Imico kama > Imigani > Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru
Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru
jeudi 2 Gitugutu 2014
Twashimye kubashikiriza imwe mu myimbutsa, itanguzwa n’indome zibiri za mbere (A, B). Hanyuma tukaba tuzobwira iyitanguzwa n’izindi ndome.
Abahigi benshi bayobeza imbwa
Abakunzi ntibarangirira mu mubindi.
Abami basangira ingoma ntibasangira ingovyi
Abanyabwenge basa ntibateka inyama ngo zishe
Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge
Agakengere kava mu gakenguzo
Agashaje bakanya hejuru
Agashitsi kakera kavumbika umuriro
Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona
Agasumba akandi karakamira
Agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga
Agatosho kari amarere gatemba kaja haruguru
Agatu gatekewe gatera amakenga
Agatu k’amagara ntigatwarwa n’uwufyina
Agatu utatekeye ugatekururana ubuhiri
Ahari abagabo ntihagwa ibara
Ahari ubumwe urusato rw’imbaragasa rwifuka batanu
Ahari umugabo hashira umugayo
Ahavuye umugabo hasubira umugayo
Aharaye inzara hazindunka inzigo
Aho ivunikiye yorima
Aho kwicara ku mutogoto w’inkono wokwicara kw’ijambo rya nyene yo
Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda
Aho umworo yanikiye ntibwuma
Aho wabukaranga nari musi y’urugi
Akababaje umutima kazindura amaguru
Akabi gatwengwa nk’akeza
Akabigira kabizi karya imboga karitse
Akadatetswe karotswa
Akagomba kateranije umukwe na inabukwe
Akagomba kuryana akandi kagira ngo igirayo uranuka
Agaca karya akandi kagira ngo aha turi hanuka urukeke
Akagumye bagumako
Akagutanze imbere kaba kagusize
Akaje ntikazira umwe
Akamuntu kamara iyagwe
Akanse baraheba
Akantu kagirwa n’akandi
Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
Akari mu mpene niko kari mu ntama
Akari mu nda y’umugabo gaserurwa n’akari mu nda y’umubindi
Akari mu nda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye
Akataretse kaba gasema
Akazi k’i bwami kica uwicaye
Akaziri karizana
Akeza keza umutima
Ak’imuhana kaza imvura ihise
Amabarankuru yashikanye inyenzi i buha
Amarira siyo maronko
Amarira y’umugabo atemba aja mu nda
Amaronko menshi aziba amatwi
Amarushwa ari ku wundi ntakuraza itiro
Amase yakera ntahoma urutaro
Amashenyo abiri ntahurira ku kimenge
Amasinde ntagwa imbuto aba araye
Amaso y’ibikere ntabuza abavomyi
Amaso y’uwundi ntagushimira umugani
Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
Amazi masabano ntamara imvyiro
Amenyo aragutwenga ari ayawe
Amenyo arondererezwa ku majigo
Amenyo mabi atera inayo agatwengo
Amunguranka niyo mazikesha
Amunguranka niyo mazituvya
Bata inkoko ntibata ico ibitse
Batanga inka ntibatanga Imana
Bike bikehanira abankana
Bukebuke bukomeza igihonyi
Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
Bukebuke bukomeza igihonyi
Bukebuke nirwo rugendo
Bukirikiri bwatunze umworo uwo imisi yubutseko ntawumuha nirwere
Burira ntibutera ku mpeshi
Buseye Imana bukarika abagabo
Egide Nduwimana
Messages
4 Gitugutu 2014, 08:42, par Wawama
Murakoze cane mukomeze muturonderere nutundi twishi,nkatwe,twakuriyehanze,ntavyotuzi.
6 Rusama 2015, 22:59, par Sylvain
Murakoze Cane Gose Kwiyo Migani Harimwo Iyo Nkuyemwo Inpanuro Mura Koze
29 Ruheshi 2015, 05:50, par SYLVAIN NIZ
MURAKOZE.MUZODUHIGIRE N’IYINDI ITANGURWA N’IZINDI NDOME.NDASHIMA UKUNTU MUTUBARIRA IBITANDUKANYE.
26 Mukakaro 2015, 10:27, par Gabriel NTAGAHORAHO
murakoze mutama murazohora mutyo ngo nakare ubwengu burarahurwa ! muratubwira niyindi yizindi ndome
4 Myandagaro 2015, 05:59, par Alex
Mwakoze cane gose kutwibutsa imigani yigihugu cacu.
15 Myandagaro 2015, 20:35, par BANZIRUMUHITO Avit
JE SI ICIYUMVIRO AHUBWO NI UGUSHIMA NONGERA NSABA KO MWODUHA IYINDI ITANGURWA N’IZINDI NDOME BIBAYENGOMBWO MUKA MUKADUHA N’IZINDI NKURU ZOTUMA DUTERA INTAMBWE MUMIGENZO Y’IKIRUNDI.
15 Myandagaro 2015, 20:35, par BANZIRUMUHITO Avit
JE SI ICIYUMVIRO AHUBWO NI UGUSHIMA NONGERA NSABA KO MWODUHA IYINDI ITANGURWA N’IZINDI NDOME BIBAYENGOMBWO MUKA MUKADUHA N’IZINDI NKURU ZOTUMA DUTERA INTAMBWE MUMIGENZO Y’IKIRUNDI.
23 Ruhuhuma 2016, 13:04, par vyamungu
nukuri turabashimiye kukahise kuburundi mugenda muratwibutsa nimukomere kwibanga muzobamukoze.
12 Kigarama 2016, 22:45, par Beatrice Irambona
Murakoze cane kudufasha mukutwibutsa iyo myibutsa.Jewe ntwara association y,abatamvyi b,ikirundi yitwa Club Inyambo biyemeje kugumya no kumenyekanisha akaranga kacu mu mahanga aho duherereye mugihugu ca Canada ,intara ya Alberta commune ya Edmonton. Ni mukomere kw,ibanga ntidute akaranga kuko ngo:" Uwutaye akaranga aba ataye akabanga"
16 Ntwarante 2017, 20:46, par Sylvane Sabimbona
Emwe Ndanyuzw Cane!
16 Ntwarante 2017, 20:48, par Sylvane Sabimbona
Emwe Ndanyuzw Cane!
20 Ndamukiza 2017, 10:49, par Eric Ndayisaba
Ndabakej Cane Pe!!
20 Ntwarante 2018, 18:01, par pacifique
imyibutsa yerekana ibanga ryukurera ureranabi ugatukwanabakwe,igiti kigororwakikirigito