IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Imigani > Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru

Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru

jeudi 2 Gitugutu 2014

Twashimye kubashikiriza imwe mu myimbutsa, itanguzwa n’indome zibiri za mbere (A, B). Hanyuma tukaba tuzobwira iyitanguzwa n’izindi ndome.

Abahigi benshi bayobeza imbwa

Abakunzi ntibarangirira mu mubindi.

Abami basangira ingoma ntibasangira ingovyi

Abanyabwenge basa ntibateka inyama ngo zishe

Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge

Agakengere kava mu gakenguzo

Agashaje bakanya hejuru

Agashitsi kakera kavumbika umuriro

Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona

Agasumba akandi karakamira

Agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga

Agatosho kari amarere gatemba kaja haruguru

Agatu gatekewe gatera amakenga

Agatu k’amagara ntigatwarwa n’uwufyina

Agatu utatekeye ugatekururana ubuhiri

Ahari abagabo ntihagwa ibara

Ahari ubumwe urusato rw’imbaragasa rwifuka batanu

Ahari umugabo hashira umugayo

Ahavuye umugabo hasubira umugayo

Aharaye inzara hazindunka inzigo

Aho ivunikiye yorima

Aho kwicara ku mutogoto w’inkono wokwicara kw’ijambo rya nyene yo

Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda

Aho umworo yanikiye ntibwuma

Aho wabukaranga nari musi y’urugi

Akababaje umutima kazindura amaguru

Akabi gatwengwa nk’akeza

Akabigira kabizi karya imboga karitse

Akadatetswe karotswa

Akagomba kateranije umukwe na inabukwe

Akagomba kuryana akandi kagira ngo igirayo uranuka

Agaca karya akandi kagira ngo aha turi hanuka urukeke

Akagumye bagumako

Akagutanze imbere kaba kagusize

Akaje ntikazira umwe

Akamuntu kamara iyagwe

Akanse baraheba

Akantu kagirwa n’akandi

Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze

Akari mu mpene niko kari mu ntama

Akari mu nda y’umugabo gaserurwa n’akari mu nda y’umubindi

Akari mu nda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye

Akataretse kaba gasema

Akazi k’i bwami kica uwicaye

Akaziri karizana

Akeza keza umutima

Ak’imuhana kaza imvura ihise

Amabarankuru yashikanye inyenzi i buha

Amarira siyo maronko

Amarira y’umugabo atemba aja mu nda

Amaronko menshi aziba amatwi

Amarushwa ari ku wundi ntakuraza itiro

Amase yakera ntahoma urutaro

Amashenyo abiri ntahurira ku kimenge

Amasinde ntagwa imbuto aba araye

Amaso y’ibikere ntabuza abavomyi

Amaso y’uwundi ntagushimira umugani

Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho

Amazi masabano ntamara imvyiro

Amenyo aragutwenga ari ayawe

Amenyo arondererezwa ku majigo

Amenyo mabi atera inayo agatwengo

Amunguranka niyo mazikesha

Amunguranka niyo mazituvya

Bata inkoko ntibata ico ibitse

Batanga inka ntibatanga Imana

Bike bikehanira abankana

Bukebuke bukomeza igihonyi

Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi

Bukebuke bukomeza igihonyi

Bukebuke nirwo rugendo

Bukirikiri bwatunze umworo uwo imisi yubutseko ntawumuha nirwere

Burira ntibutera ku mpeshi

Buseye Imana bukarika abagabo


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.