Accueil > Poritike > Imigambwe > Jean Baptiste Manwangari : "N’iyindi migambwe iziyunga CNDD FDD (...)
Jean Baptiste Manwangari : "N’iyindi migambwe iziyunga CNDD FDD niyabishaka"
lundi 19 Nzero 2015
Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA baremeza ko ata cizere c’ukwiyunga n’umurwi wa Concilie Nibigira bafise, mu gihe bavuga ko umurwi urongowe n’uwo mupfasoni uhari kubera inguvu n’ubushobozi bw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umugambwe CNDD FDD.

Mu kiganro n’umwe mu nararibonye z’uwo mugambwe UPRONA, umushingamateka Jean Baptiste Manwangari yahaye ikinyamakuru IGIHE, akaba yavuze ko umuntu yiyunga n’uwo abona ico yomuterera yaba mu vyiyumviro, canke mu bikorwa. Uwo mushingamateka yigeze kuba ndetse n’umukuru w’uyo mugambwe, akavuga ko ibice 95 birenga kw’ijana vy’abari muri komite nkuru y’umugambwe bashigikiye umurwi urongowe n’umushingamateka Karori Nditije, ariko bikaboneka ko akarwi ka bake gafashijwe n’umugambwe uri ku butegetsi ariko kirukanye yaba abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi badasigana ba UPRONA ku Mugumya.
Manwangari akaba yavuze ko kuva kera hamye haba ingorane mu mugambwe, Abadasigana vyarashika bagatata, ariko baba bafise icabitumye kiboneka. Aha agatanga akarore k’ibiganiro vy’i Arusha, aho bamwe bavyemera, abandi bakabihakana bivuye inyuma, ndetse hakanavuka n’imirwi mu mugambwe, ariko abasambuye umugambwe ubu bafashijwe na CNDD FDD, ndetse akanavuga ko batanabona n’intumbero abari mu kwaha kw’ubutegetsi bagiye bafise, atari kwironderera ubuzi gusa, yaba abavyagiye mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu no mu bindi bibanza, kuko ku bwiwe ata nyungu y’umugambwe n’akarangamutima k’umugambwe wa Rwagasore bariko baraharanira.
Jean Baptiste Manwangari akaba ashima ivyashitsweko n’abari muri UPD Zigamibanga, aho avuga ko n’iyindi migambwe izoshobora kwiyunga mu gihe umugambwe uri ku butegetsi wobishaka. Uwo muhumure wo muri uyo mugambwe wa Rwagasore, agatangazwa n’ingene imanza zose zaciwe, ariko bikanka ko ubutegetsi buzishira mu ngiro, avuga ko n’amakungu yakoze ibishoboka kugira umugambwe usubizwe abawo, ariko birananirana, kubera umugambwe CNDD FDD waciye kuri bamwe mu badasigana, umugambwe UPRONA bagashaka kuwuzingamika.
Manwangari yiteze ko mu minsi ibintu bizohinduka, abarenganijwe bakarenganurwa, kuko nk’uko we abibona, abagiye barahendwa n’umugambwe CNDD FDD mu kwisamburirako, ata bantu bafise ku rubuga. Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi (RANAC - DUSHAYURE UBURUNDI BWOGORORE) baheruka gushinga, uwo mushingamateka w’umugambwe UPRONA akizera ko rizohindura vyinshi mu vyononekaye.
Aristide Nizigire
Messages
19 Nzero 2015, 16:08, par kuribo
yemweee
19 Nzero 2015, 16:51
Mama mamaaaaa mutama we!!! Warigeze ubona ibumba n’ isima biterana? Ahubwo egeranya abaporona bawe bose muze kugisha muri CNDD- FDD, muce mutangaza ku mugaragaro ko muvuye muri UPRONA. Nahahandi sinzi ko bazobishaka mutama kuko barazi amayeri n’amacenga yanyu. Bonne chance!!!
19 Nzero 2015, 19:13, par Ntacontemanga
Ewe ####,warayinze!
19 Nzero 2015, 20:41, par mukobwajana
IYI CITE ISOMWA N ABANTU BAZI UBWENGE NA POLITIQUE Y I BURUNDI ..NTIMUKANDIKE VYINSHI KUKO NTIBISOMWA..UWO MWANWANGARI JEWE NOVUGA KO YIBUTSE KUVUGA UMWANYA WAHEZE KUKI PORONA ITIGEZE IVUGA AMATORA YA 2010 BAKUNDAA INDA NONE BARABIBONYE NIBUMVE YEMWE ,,UBU MWABONYE KO ABA DD ATARI ABANTU AHUMWO INYAMASWA MURONKE ICIGWA!!!!!
20 Nzero 2015, 11:15, par izobikora
AMAGURU ARAKURANA KUJA IMBERE ,ntakintu nakimwe kidahinduka.
porona yaratwaye iragenda ,Foradebu iratwara iragenda DD iratwara none nayomyene IGIRA IGENDE .hAZE AYINDI.
UWOGOMBA YOKORA ICIZA KUGIRA AZOPHE ATEKANYE .
21 Nzero 2015, 12:12, par Bucumi severin
uyo vyankiye ngo ikirago kiranyerera. ko mufise ugwego rwabashingantahe kandi rwuruporona vyaranse ko rubumvikanisha. vyanse mukarondera abatwaye igihugu begamiye uprona bakabaja hagati. sinon uzosanga mufise inzindi nzitizi zitaboneka zijanye nikibazo cama generations et intara.
ni point de vue yanje nterereye
21 Nzero 2015, 12:12, par Bucumi severin
uyo vyankiye ngo ikirago kiranyerera. ko mufise ugwego rwabashingantahe kandi rwuruporona vyaranse ko rubumvikanisha. vyanse mukarondera abatwaye igihugu begamiye uprona bakabaja hagati. sinon uzosanga mufise inzindi nzitizi zitaboneka zijanye nikibazo cama generations et intara.
ni point de vue yanje nterereye