IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Karuzi : Inyubakwa y’ugusoma, imico n’akaranga yaruguruwe

Karuzi : Inyubakwa y’ugusoma, imico n’akaranga yaruguruwe

mardi 27 Myandagaro 2013

Muri komine ya Mutumba intara ya Karuzi, ikigo c’ugusoma n’imico kama CEBULAC, caruguruye inyubakwa y’ugusoma n’imico kama muri iyo komine. Ibirori vy’ukwugurura iyo nyubakwa, vyaranzwe n’amajambo atandukanye y’abatumire n’intambo zitandukanye zihayagiza imico y’abarundi.

Mw’ijambo ry’uwo munsi, umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama Adolphe Rukenkanya, yavuze ko ibigo nk’ivyo bifasha abanyagihugu mu kwiyungura ubumenyi. Akaba yarashimiye OIF (Organisation internationale de la francophonie) mu migenderanire rifitaniye la Leta, ndetse no mu ntererano risanzwe riha inyubakwa z’ugusoma n’imico kama y’Uburundi. Gushika ubu, hari inyubakwa zigera kw’16. Umushikiranganji akaba yamenyesheje kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Myandagaro, ko intara zitanu kuri zitandatu zisigaye arizo Bubanza, Bujumbura, Cankuzo, Muyinga na Kirundo buca zironka izo nyubakwa, hazoba hasigaye intara ya Makamba. Uburundi rero, buzoca buronka ibigo bishika kuri 22.

Umushikiranganji Rukenkanya asaba abanyagihugu muri rusangi n’urwaruka ko boza baraja muri izo nyubakwa kugira biyungure ubwenge. Umushikiranganji akaba yarashimiye abantu bose bitanze kugira ibigo vya Clac bigere ku ntambwe ishimishije. Muri abo bashimiwe, hakaba harimwo umupfasoni Youma Fall, umuyobozi w’igisata c’iterambere muri OIF.

Musitanteri wa Komine ya Mutumba, yarashimiye cane Leta y’Uburundi na OIF kubona bashimye kuzana ico kigo muri iyo komine arongoye, ndetse ikigo kizofasha abanyagihugu kwiyungura ubumenyi, mu gusoma ibitabu. Umupfasoni Youma Fall avuga ko OIF igiye kuguma ifasha ibigo vy’ugusoma n’imico kama biriho gushika ubu, ndetse n’ibizovuka mu minsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.