Accueil > Poritike > Imigambwe > Leonard Nyangoma yandikiye imboneza z’umugambwe CNDD FDD
Leonard Nyangoma yandikiye imboneza z’umugambwe CNDD FDD
lundi 7 Mukakaro 2014
Umugambwe CNDD urongowe na Leonard Nangoma wandikiye ikete imboneza mu bagumyabanga ba CNDD FDD, aho muri iryo kete bavuga ko bagomba kubakebura, naho boba ari abakeba muvya poritike.
Muri iryo kete, umukuru w’umugambwe CNDD avuga ko bigize kubigira igihe bariko bararwanya, kandi bahanura umugambwe UPRONA. ’’Twarabigize turiko turahasha abari bahejeje kwiha inkumbi bagashaka kuvuguruza abarundi, bari bahejeje kwitorera Umukuru w’igihugu cabo mu mwaka w’1993. Twarabigize kandi turabishitsa naho havuye haduka izindi ngorane, ari na zo ziriko zirazana aya mabi n’amagume mwese mubona. Ayo na yo ni aya y’ubukene, n’inzara vyasinzikaje abanyagihugu, aha rero ntituvuze ubusuma n’ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu, ayo mahano yose akaba atumwa cane cane n’uko intwaro ya Nkurunziza ititaho ineza n’iterambere vy’igihugu n’abanyagihugu bose’’, nk’uko bivugwa na Nyangoma Leonard mw’ikete inomero 07/14.

Uwo mukuru w’umugambwe usanzwe uri mu murwi w’iyiri mu runani ADC Ikibiri, urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, akamenyesha ko benshi mu bagumyabanga bo muri CNDD FDD bari kumwe nawe, ndetse benshi bazi ico baharanira. Nyangoma akibutsa bimwe bimwe bipfuza ko bihinduka, nk’intwaro igendera ikongera ikisunga ivyiyumviro birashe, abarundi bakabaho babona iyo bariko baraja, bagashobora no kugaragaza akababaro canke akanyamuneza biciye mu myiyerekano canke mu zindi nzira zemewe n’amategeko adahotora agateka ka muntu. Ihangiro rero nyamukuru n’uko Abarundi mu gihugu cabo bumva ko bikukiye, bishira bakizana, bakagira ijambo. Nyangoma Leonard muri urwo rwandiko ati :"Nta kintu kibi nko kuniganwa ijambo." Ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza busabwa kudasubira gutoteza no guhigwa buhongo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kuko na kare intwaro ariyo yategerezwa kubakingira no kububahiriza.
"Igihugu kizotera imbere ari uko abarundi bose bugurutse mu mitwe no mu mitima yabo, ni naho bazogira ishaka n’inguvu vyo guhangana n’ibibazo biri ngaha mu gihugu cacu, ibibazo kenshi biva ngaha nyene, ibindi bigaturuka mu mahanga."
Mukurangiza, Nyangoma akavuga ko ako kamo agateye abishinga kwica benewabo, ntibemere kuba imashini zo kwica abantu baremwe kumwe mw’ishusho ry’Imana. "Gwanire demokarasi, igishe abanyagihugu gukundana n’uguharanira na ntaryo ineza y’igihugu." Ako kamo k’umugambwe CNDD ntibagateye imboneza gusa z’umugambwe CNDD-FDD, bagateye n’abandi bagumyabanga bose, eka mbere n’abandi bahurikiye mu runani ADC-IKIBIRI canke mu yindi migambwe itari muri urwo runani. Aka kamo bagateye kandi abarundi bo mu bwoko bwose, bemera intwaro rusangi.
Aristide Nizigire
Messages
7 Mukakaro 2014, 23:12, par avite
None kwavuga ngo bareke kwica abo baremwe mwishusho Y Imana,wewe abo yishe ntibaremwe mwishusho y Imana?
7 Mukakaro 2014, 23:18, par philbert
Banza utaahe ureke kudedembera mu mahanga uriko urimaramaza!!
10 Mukakaro 2014, 17:21, par JEWE
HIGANWA RERO MUTUBWIRE UWISHE BENSHI
22 Nyakanga 2014, 16:10, par m
Nawe abo wishe si bake mugenzi
11 Gitugutu 2014, 20:43, par KUBWIMANA DEO
Twese turakeneye kubona ko bihindutse ngaha mugihugu kuko nakamaramaza.ariko ntimwibagire kumenya ko harabadasinziriye ijoro rigeze bobo habahakeye.poritike nziza niyubahiriza zinakiremwa muntu,abantu tukabaho imitima irimunda tugenda tutimubana ngurya nuwokica ngurya nuwogufungwa ngurya nuwokunyuruza ngurya ntimumuhe akazi kuko ntari muri twebwe.ivyobirononye igihugu nabenigihugu.Reka turindire uyumwaka uza yamara nawonyene uteye amakenga nuwokwereka rurema gose abamenyesha mana bose bawuhagurukire.murakoze kuntahura.
28 Ntwarante 2015, 15:48, par Burundi
Abagutuka nabatazi ico wamariy kino gihugu ariko nabandinye wabiriy icuya bamaze abanyagihugu. Mureme mwarakorey uburundi aba nabo sikera bariruka batagira iyo baja
2 Ndamukiza 2015, 19:12, par papfurashi
jewe ukondabibonanuko ivyo nyangomayavuje ndamusigikiye kukoyavujukuri ndabandibeshibosigikirabantunkabo nanjembonako icamberebokwirikijamasejeranoyiharusa kandinayoyakavugakatamukuruwigihugu arenjibiringobibiri
17 Ndamukiza 2015, 11:03, par Olivier Mugisha
Kuba Vyoshika Nyangoma Agahanura Vyarivyiza None Mbenga Wewe Hamwe Yotwara Ntamabi Nkayo Yagiriza Abandi Yoba?Mbegako Igihe Yatwara Uwomuhari Yaranzwe Namacakubiri Yintara Nogusahura<<ikawa>> Yabenegihugu Ubuyarabihevye?Biragoye Ko Imfyisi Ihinduka Intama.
23 Ndamukiza 2015, 19:07, par BIGIRIMANA NELSON
KURI YI NKURU ICO NOVUGA TERIMBERE NKUMUZINA USHIKARE GUHANURA ABATEGETSI BU BURUNDI BE NIZI MBONERAKURE ZIGI ZE IBIKOKO.
16 Rusama 2015, 18:46, par Ireneus Kakuru
N’ukuri kwokwo.. nikwobimeze!
28 Ruheshi 2015, 07:33, par Nagahoraho
Ewe nyangoma abatakuzi barakubarigwa. Ingwanyi zincabwenge wiciye muri roberio aho uvuga ubwicanyi urazibagiye ubunyene? Uti umuhutu umwe w’ibururi asumba abatutsi 10 bo mu yandi maprovince? Harya warabuze n’umuvyeyi arabura yatwaye inda 9mois. Urantunga
23 Myandagaro 2015, 15:59, par jean marie
Mwiriwe neza amazina nitwa jean Marie nkabantuye muri Australia igisagara Perth nukuri mukomere komere cane natwe turinyumayanyu kuko peresida nkurunziza yamaza Bantu abarundi bagiye kugwa mungora zabanye polike natwe tuzohemuka avuyeko Leonard nyangoma turangushigikiye abi Perth nukururi bandanyu haranire gateka kabarundi
Murakoze
Ugombakunyandikira email niyi
Mark.nduwimana@gmail.com sawa
21 edoria steet Gosnell’s 6160?
23 Myandagaro 2015, 16:12, par jean marie
Ese nkurunziza koyamaze Abantu bica azotwara imbonera numuryangowiwe gusa koyirigwa vuga Ngo ni Pastor none bwabu pastor bwamutegetse kumara Bantu ariko imana fisu mugambi kubarundi abasigaye twihangane imana nivyose