Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yemeye ko n’izindi ntara zishobora kuronswa udukarata (...)
LUMITEL yemeye ko n’izindi ntara zishobora kuronswa udukarata tw’ukwivurizako
lundi 1er Myandagaro 2016, par
Ishirahamwe ry’ugutumatumanako LUMITEL ryasozereye kuri uwu wa gatanu igikorwa ryari ryatanguje c’ugutanga amakarata y’ukwivurizako ku banyagihugu ibihumbi bitandatu ba ntahonikora bo mu ntara zitatu. Ubuyobozi bukuru bwa LUMITEL buvuga ko nibasanga uwo mugambi waragize akamaro, n’abandi banyagihugu ba ntahonikora bo mu zindi ntara bazoshikirwa.

Ico gikorwa cari catangurijwe mu ntara ya Makamba, hakurikira intara ya Cibitoke, kikaba casozererewe mu ntara ya Kirundo, aho hose abanyagihugu ibihumbi bibiri ku ntara imwe yose akaba aribo baronkejwe udukarata tw’ukwivurizako (Cartes d’Assistance Médicale : CAM) twaguzwe na LUMITEL. Iryo shirahamwe niryo nyene ryatanze kandi n’amafaranga y’amafoto abiri kw’ikarata yose azoshirwa kuri utwo dukarata.
Paul NDIMUBANDI, icegera c’umuyobozi mukuru wa LUMITEL, mu birori vy’ugushikiriza icese utwo dukarata ibihumbi bibiri ku banyagihugu bo mu Kirundo, yabamenyesheje ko iterambere rya LUMITEL rigaruka ku banywanyi baryo, ari naco gituma iryo shirahamwe ryashimye gufata mu mugongo Reta mu mugambi wayo w’uguteza imbere amagara y’abantu. Iyo mfashanyo iharurwa yose hamwe mu mafaranga y’amarundi agera ku 29.485.600.
- Paul NDIMUBANDI, icegera c’umuyobozi mukuru wa LUMITEL
Uwaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu yarashimye iyo mfashanyo, asaba n’abo mu yandi mashirahamwe kuza baribuka kugarukira ku banyagihugu, abo nabo abasaba kwijukira gukoresha ako gakarata, bavavanure n’ingeso yo kuja kwa "Rumenyi", ahubwo bamenyere kwitura muganga iyo bumvise barwaye. Mu gihe abanyagihugu benshi bibuka utwo dukarata ari uko bakitswe n’amagara, abajejwe uburere bw’ubuvuzi basabwe guhimiriza abanyagihugu gukoresha utwo dukarata tubafasha kwivuza bakoresheje amafaranga make.
- Uwaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu
LUMITEL yatanguye gukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, rikaba ariryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rya mbere ryiyegereje abanywanyi benshi mu gihugu cose mu mwanya muto, ubu iryo shirahamwe rikaba riharura abagera kuri hafi imiriyoni zibiri, ku bice 90 kw’ijana vy’ubutaka bw’Uburundi. Kuva kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2016, LUMITEL ikaba yaratanguje mu Burundi umuhora wa internet wa 4G LTE (Long Term Evolution), abari mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara za Gitega, Ngozi, Muyinga, Makamba na Rumonge bakaba baratanguye kuyikoresha.
Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rikaba kandi ryaratanguje umugambi w’ugutanga internet ku buntu, ku mashure hamwe no ku bitaro. Amashure 42 yo mu ntara 17 akaba ariyo amaze kuronswa iyo internet yo ku buntu.


IGIHE
Messages
2 Myandagaro 2016, 09:30, par Jean mary guy-Raymond Taylor-Abudoulhasham
Lumitel turayishimira kurako kigoro n’agafashanyo iha abatishoboye mukubarose mutuelle .Numugambi mwiza cane tukabasaba ko ivyo biyemeje bobirangura bakarosa nabo muzindi ntara nkuko bavyivugiye.#Lumitel pour la meilleur vie#
2 Myandagaro 2016, 21:05, par Appolinaire
erega ayandi mashirahamwe nayo yokora guco uburundi bwokogorora erega nabantaho nikora nabantu nkatwe nimugumane umutima wikigogwe turabasavye muzoje nomuzindi ntara murakoze lumitel umuhora watwese n