IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yazanye ubuhinga bwa IPLL : International Private Leased (...)

LUMITEL yazanye ubuhinga bwa IPLL : International Private Leased Line

lundi 30 Rusama 2016, par egide

Amashirahamwe y’ubuzi akomakomeye, ama banki hamwe n’ubuzi bwa Reta arashobora guhera ubu kwironkera internet yo ku rugero rwo hejuru, hakoreshejwe ubuhinga IPLL bwa Lumitel.

Ubwo buhinga bukoresha umuhora wa fibre optique usanzwe warakwiragijwe mu bisagara vyose bigize igihugu c’Uburundi.

Ubuhinga buzwi kw’izina rya IPLL (International Private Leased Line) butanga internet ikingiwe, idacikagurika, kandi ihurirana n’ivyipfuzo vy’uwuyikoresha mu kazi. Uturusho tw’iyo internet n’uko inyaruka cane kandi ikingiwe. Ibiciro vyayo biraciriritse kandi bikavana n’urugero rwa internet umunywanyi yoba yipfuza gukoresha.

Twobamenyesha ko uwukoresha ubuhinga bwa IPLL yirihira ibikoresho vy’ukumushikanira iyo internet, abakozi ba LUMITEL nabo bakora amasaha 24 kuri 24 bagasuzuma ko uwo munywanyi ata kibazo yigera agira mu gukoresha iyo internet, mbere bagashobora kwishikira mu buryo bunyaruka ahakorera uwo munywanyi, mu gihe hoba ikibazo c’ubuhinga.


IGIHE

Messages

  • IVYO NI IBIKI KURI JE NYARUCARI?Ntihari gutangura IPLL.Mu gihugu inzara izura inzara.IBICIRO UKO BIDUGA NTACO NOR6KA MVUGA.TURASHI...RA ATAGITESHA Babure no kunyarukira mu buhinga bwotuma abababashoboje gushikira ivyo bibanza bagandagajemwo badahonywa na kigoyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.